18-24 NZERO 2027
URURIRIMBO RWA 28 Ni nde aba umugenzi wa Yehova?
Nukomeze ubugenzi ufitaniye na Yehova hamwe na Yezu
«Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.»—YAK. 4:8.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Ivyodufasha kuguma dufitaniye ubugenzi bukomeye na Yehova hamwe na Yezu.
1. Ni igiki cerekana ko Yehova yipfuza ko tumumenya kandi tukamukunda?
YEHOVA yaturemanye icipfuzo co kuba abagenzi biwe.a Yipfuza ko tumumenya kandi tukamukunda. Arazi abantu bose bipfuza vy’ukuri kuba abagenzi biwe kandi arabakunda cane. Arumviriza amasengesho yabo kandi akaronsa umwumwe wese muri bo imfashanyo n’impanuro akeneye. (Zab. 139:1-4) Kumenya ko dushobora kugiranira ubugenzi n’Umuremyi wacu be n’uko yipfuza ko umwe wese muri twebwe amubera umugenzi, biraduhimbara cane.
2. Twemezwa n’iki ko dushobora kuba abagenzi ba Yehova naho tudatunganye?
2 Igihe Adamu na Eva bacumura, baciye batakaza ubugenzi bari bafitaniye na Yehova. Ivyo vyatumye twese tuvuka tutari abagenzi b’Imana. (Rom. 5:10) Twoshobora rero kwibwira ko bitokunda ko tugiranira ubugenzi na yo. Ariko wibuke ko Yezu yavuze ati: «Ku Mana vyose birashoboka.» (Mrk. 10:27) None Yehova yakoze iki kugira dushobore kuba abagenzi biwe? Yaremeye gutanga Umwana wiwe akunda cane. Ivyo biratwereka ko yipfuza vy’ukuri kutubera Umugenzi. (1 Yoh. 4:9, 10) Turakenguruka cane ivyo Yehova na Yezu badukoreye kugira dushobore kuba abagenzi babo.—Yoh. 15:9, 10.
3. Kubera iki kuba umugenzi wa Yehova ari iteka ridasanzwe?
3 Ubugenzi dufitaniye n’Imana Mushoboravyose buratandukanye n’ubwo dufitaniye n’abantu nkatwe. Kubera ko Yehova ari Umuremyi wacu, araturuta mu buryo bwose. Ku bw’ivyo, kugiranira ubugenzi na we ni iteka ridasanzwe tutari tubereye. (Zab. 15:1) Muri iki kiganiro, tugiye kubanza kurimbura igituma twokwemera tudakeka ko Yehova yipfuza ko tumubera abagenzi. Ubukurikira, turaza kubona igituma Yehova ari we Mugenzi mwiza kuruta abandi bose twogira. Mu gusozera, turaza kubona ivyo twokora kugira tube abagenzi ba Yehova na Yezu.
YEHOVA YIPFUZA KO TUBA ABAGENZI BIWE
4. Ni igiki dushobora kwibaza rimwe na rimwe?
4 Kubera ko tudatunganye kandi tukaba dukora amakosa menshi, vyoshika tukibaza nimba vy’ukuri Yehova yipfuza kutubera Umugenzi. Turazi ko adusezeranira ubuzima budahera. (Rom. 6:23) Ariko none yoba vy’ukuri ashaka kuba Umugenzi wacu?
5. Twemezwa n’iki ko Yehova yipfuza kutubera Umugenzi? (Raba n’ifoto.)
5 Twohera amazinda ko Yehova yipfuza kutubera Umugenzi kubera ko yatanze ikintu c’agaciro kanini, ni ukuvuga Umwana wiwe w’ikinege, kugira tuzoronke ubuzima budahera. (Yoh. 3:16) Ivyo yabitunganije Adamu na Eva bakimara gucumura. (Ita. 3:15) Yehova ntiyaretse kudukunda ngo ni uko twarazwe icaha n’abavyeyi bacu ba mbere. (Yer. 31:3) Naho turi abacumuzi, ivyo adukorera birerekana ko yipfuza kutubera Umugenzi.
Yehova yaremeye ko Umwana wiwe akunda cane apfa kugira tube abagenzi biwe (Raba ingingo ya 5)
6. Yehova adufasha gute kumwiyegereza? (Yakobo 4:8)
6 Uretse ko Yehova atwemerera kutubera Umugenzi, aranaduhimiriza kugiranira na we ubugenzi bukomeye. (Soma Yakobo 4:8.) Arazi ko tudatunganye, mugabo aguma adukunda kandi akadufasha kumwiyegereza. (Yoh. 6:44) Aduhimiriza kumuyagira kenshi, tukamubwira ibiri ku mutima, mbere n’ibintu ata wundi twoshima kubibwira. (Int. 2:19; Flp. 4:6, 7) Arumviriza amasengesho yacu kandi akayishura. (Mat. 7:7, 8) Ku bw’ivyo, twokwizigira tudakeka ko Yehova yipfuza ko tumubera abagenzi. Ubu na ho, reka turabe igituma Yehova ari we Mugenzi mwiza kuruta abandi bose twogira.
IGITUMA YEHOVA ARI WE MUGENZI MWIZA KURUTA ABANDI BOSE TWOGIRA
7. Yehova afata gute abagenzi biwe? (Kuvayo 34:6)
7 Yehova adukunda urukundo rudahemuka. Naho Yehova akunda abantu bose, abagenzi biwe bobo abafata mu buryo budasanzwe kubera abakunda urukundo rudahemuka. (Zab. 4:3) Kubera iki none ivyo bihumuriza? Ni kubera ko urukundo rudahemuka rwerekeza ku gukunda umuntu ibihe vyose kandi ukamwama hafi. [Raba Insiguro y’amajambo yo muri Bibiliya, «Urukundo rudahemuka (rudahera).»] Bibiliya iravuga incuro zirenga 20 ko urukundo rudahemuka rwa Yehova ari rwinshi. (Soma Kuvayo 34:6.) None ivyo bisobanura iki? Yehova ntiyigera aduhemukira iyo tumaze kuba abagenzi biwe. Ntaca aduheba bishitse tugakora amakosa. Ahubwo urukundo rudahemuka rwiwe rutuma atubabarira kandi akadufasha.—Zab. 103:11, 12.
8. Yehova yerekanye gute ko atigeze yibagira abagenzi biwe Aburahamu na Dawidi? (Raba n’ifoto.)
8 Yehova ntiyigera yibagira abagenzi biwe. Nk’akarorero, n’igihe hari haheze imyaka amajana Aburahamu apfuye, Yehova yagumye amwita ‘umugenzi wiwe.’ (Yes. 41:8) Bite ho umwami Dawidi? Yehova yamusezeraniye ko intebe yiwe y’ubwami yohangamye ibihe vyose. (1 Ngo. 17:11-17) Yehova ntiyigeze yibagira uwo muhango. Inyuma y’imyaka amajana atanze uwo muhango, yaratomoye ko yohaye Yezu «intebe y’ubwami ya se wiwe Dawidi.» (Luka 1:32, 33) Mu 1914, yarashikije uwo muhango mu kwimika Yezu mw’ijuru ngo abe Umwami Mesiya.
Yehova ntiyigera yibagira abagenzi biwe (Raba ingingo ya 8-9)c
9. Ivyashikiye Hana bitwigisha iki? (Raba n’ifoto.)
9 Ushobora kuba uciye wiyumvira uti: «Aburahamu na Dawidi bobo bari abantu badasanzwe. Jewe ndi umusavyi wa Yehova asanzwe.» Nimba wiyumva gutyo, zirikana ukuntu Yehova yafashe Hana. Umugabo wiwe yari afise abagore babiri. Hana yari ingumba kandi umukeba wiwe Penina yaguma amucokora kugira amutuntuze. (1 Sam. 1:4-7) Hana ashobora kuba yaribajije ko Yehova yamwibagiye. Naho ari ukwo, yarasenze Yehova aramubwira ivyari bimuraje ishinga vyose. (1 Sam. 1:11, 15) Yehova yareretse Hana ko ari Umugenzi wiwe. Yarumvirije isengesho ryiwe yongera araryishura mu kumuronsa ubushobozi bwo kuvyara.b Hana yaciye yibungenga maze avyara umwana w’umuhungu yitwa Samweli. (1 Sam. 1:20) Mu nyuma, Yehova yaramuronkeje abandi bahungu batatu n’abakobwa babiri. (1 Sam. 2:21) Vy’ukuri, Yehova arereka urukundo rudahemuka abagenzi biwe bose, mbere n’ababona ko ata co bamaze.—Yer. 31:3.
10. Kubera iki Yehova ari we atanga impanuro nziza kuruta abandi bose? (Zaburi 119:98-100)
10 Impanuro Yehova atanga ntizigira akanenge. Ivyo atwigisha n’impanuro aduha, bituma tugira ubukerebutsi. Yehova ni we Muhanuzi mwiza kuruta abandi bose twogira. (Soma Zaburi 119:98-100.) Arazi vyose kandi atwipfuriza ineza. (Yes. 48:17, 18) Abantu bamwebamwe iyo bakeneye impanuro zobafasha kuroranirwa mu buzima, baremera guha amahera abitwa ko ari abahinga mu vyo gutanga impanuro. Ariko twebwe impanuro tuzisaba Umuhanuzi mwiza kuruta abandi bose, na we akaba ari Yehova Imana Mushoboravyose. Impanuro aduha ntizigira akanenge. Yama yiteguriye kudufasha kandi ata co aturihishije. Ntiyigera asinzira, ntiyigera aruha kandi yama atwumviriza igihe cose tumusenze. (Zab. 121:1-4) Vyongeye, vyama bitugirira akamaro igihe cose dukurikije impanuro aduha.—Zab. 1:2, 3.
11. Ni ibiki vyerekana ko Yehova ari Umugenzi atanga cane?
11 Yehova aratanga cane. Iyo kamere iribonekeza mu bintu vyose akora. Yaraduhaye ubuzima yongera araduha n’ibintu vyose dukeneye kugira buturyohere. (Zab. 145:16; Ivyak. 14:17) Araturonsa ubukerebutsi dukeneye kugira dushobore guhangana n’ingorane zidushikira. (Yak. 1:5) Vyongeye, aratubabarira igihe ducumuye. Arakora n’ibindi uretse ivyo. Naho tudatunganye, aradutera iteka bigatuma twumva ko dukunzwe kandi ko turi n’agaciro. Yaranaduhaye ingabire iruta izindi zose. Yaratanze Umwana wiwe akunda cane kugira aducungure maze tuzobeho ibihe bidahera. Vy’ukuri, Yehova ni Umugenzi atanga cane. None ni ibiki twokora kugira tube abagenzi biwe ibihe vyose?
IVYO TWOKORA KUGIRA TUBE ABAGENZI BA YEHOVA
12. Twisunze Abaheburayo 11:6, ni igiki twokora kugira tube abagenzi ba Yehova?
12 Yehova yiteze ko dukora uko dushoboye kwose kugira tugiranire ubugenzi na we twongere tubuzigame. (Soma Abaheburayo 11:6.) Uretse ko dukwiye kwemera ko Yehova yipfuza kuduha impera, hari ibindi bintu bitatu abipfuza kuguma ari abagenzi biwe babwirizwa gukora.
13. Gutinya Yehova bisobanura iki?
13 Dutegerezwa gutinya Yehova. Muri Zaburi 25:14 havuga hati: «Abatinya Yehova ni bo bamubera abagenzi somambike.» None gutinya Yehova bisobanura iki? Bisobanura kumukunda cane ku buryo tutorota dukora ikintu kimubabaza. Ku bw’ivyo, igihe dushaka gufata ingingo dukwiye kurondera impanuro muri Bibiliya. (Imig. 3:5, 6) Nitwakurikiza impanuro Umugenzi wacu w’intahemuka aduha, tuzokwama dufata ingingo nziza kandi zidufasha kuguma turi abagenzi biwe. Ni co gituma mu Migani 9:10 havuga ko gutinya Imana ari yo «ntango y’ubukerebutsi.»
14. Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe twerekana ko turi intahemuka kuri Yehova?
14 Dutegerezwa kuguma turi intahemuka kuri Yehova. Yehova yiteze ko tuguma turi intahemuka kuri we, nka kurya nyene na we atigera ahemukira abagenzi biwe. (2 Sam. 22:26; Imig. 3:32) Turerekana ko turi intahemuka kuri Yehova muri ubu buryo butandukanye: Turashira imbere ivyo agomba mu buzima bwacu kandi tukabwira abandi ibimwerekeye nk’uko Yezu yabigize. (Mat. 28:19, 20) Vyongeye, tuguma turi intahemuka kuri Yehova naho abansi bacu boturwanya. Ntitureka ngo hagire ikintu na kimwe kibangamira ubucuti dufitaniye n’Umuvyeyi wacu w’intahemuka.
15. Twokwereka gute abandi ko tubakunda urukundo rudahemuka?
15 Dutegerezwa kugaragariza abandi urukundo rudahemuka. Yehova yipfuza ko abagenzi biwe bamwigana mu kugaragaza urukundo rudahemuka. Ivyo bisobanura ko dukwiye kugaragariza urukundo rudahemuka abavukanyi bacu kubera ko ari abagenzi ba Yehova. Ntidukwiye kwibagira ibintu vyiza abandi badukorera. Vyongeye, ntitwigera duheba abagenzi bacu. Turarondera uturyo two kubagaragariza umutima mwiza no gusangira na bo ivyo dufise. Yehova yipfuza ko ‘dukunda ukudahemuka.’ (Mika 6:8, akajambo k’epfo.) Mu kiganiro gikurikira, tuzobona ivyo twokora kugira twereke abavukanyi bacu ko tubakunda urukundo rudahemuka. Ariko ubu, reka turabe ivyo twokora kugira tube abagenzi somambike ba Yezu.
IVYO TWOKORA KUGIRA TUBE ABAGENZI BA YEZU
16-17. (a) Ni ibiki bitwereka ko Yezu yipfuza kuba umugenzi wacu? (b) Ubugenzi tugiranira na Yezu butandukaniye he n’ubwo tugiranira na Yehova?
16 Yezu yarerekanye ko yipfuza kuba umugenzi wacu. Uti gute? Yaradupfiriye n’imbere y’uko tunavuka. Yavuze ati: «Nta wurusha urukundo umuntu yigura abagenzi biwe.» (Yoh. 15:13) Emwe, ico ni ikimenyetso gikomeye cerekana ko yipfuza kuba umugenzi wacu.
17 Yezu aratera akamo umwe wese muri twebwe ngo abe umugenzi wiwe somambike. (Mat. 11:28-30; Yoh. 15:15) Ariko rero, ubugenzi tugiranira na Yezu buratandukanye n’ubwo tugiranira na Yehova. Nk’akarorero, Yezu ntitumusenga. (Mat. 4:10; 6:9) Naho ari ukwo, kubera ko dukenguruka ibintu vyose adukorera, bituma twipfuza kugiranira na we ubugenzi somambike.
18. Kubera iki twovuga ko Yezu ari umugenzi mwiza cane?
18 Umugenzi wacu Yezu aradufasha muri vyinshi. Nk’akarorero, nk’uko umuhanuzi Yesaya yari yarabivuze, Yezu yarerekanye ko ari «Umujanama w’agatangaza», «Data ahoraho» n’«Umutware w’amahoro.» (Yes. 9:6) Kubera ko ari «Umujanama w’agatangaza», araturonsa impanuro ngirakamaro zishobora gutuma turokoka. Yezu ni «Data ahoraho» kubera ko Yehova yamuhaye ububasha bwo kuronsa ubuzima budahera abafise icizigiro co kuba kw’isi. (Yoh. 11:25, 26) Arashobora gutahura ukuntu twiyumva kubera yuko «yagejejwe mu mice yose.» (Heb. 4:15) Yezu kandi ni «Umutware w’amahoro», kubera ko adufasha kugiranira amahoro n’Umuvyeyi wacu Yehova. Vy’ukuri, Yezu ni umugenzi mwiza cane.
19. Ni ibiki twokora kugira tube abagenzi ba Yezu? (Yohani 15:14) (Raba n’ifoto.)
19 None ni ibiki natwe twokora kugira tube abagenzi ba Yezu? (1 Pet. 1:8) Turakwiye kwihweza twitonze ivyo yavuze n’ivyo yakoze, na vyo bikaba vyanditswe mu Njili. Igihe tugomba gufata ingingo, turakwiye kwisunga impanuro ziwe n’akarorero yadusigiye. Turubaha kandi ubukuru bwiwe tukongera tukagamburuka ubuyobozi aturonsa. (Soma Yohani 15:14.) Ivyo tubigira mu gusenyera ku mugozi umwe n’abo Yezu yagenye kugira batwitwararike. (Ef. 4:8; Heb. 13:17) Vyongeye, turakorana umwete ibikorwa vyose adushinga mw’ishengero. Yezu arabona kandi agaha agaciro utwigoro twose tugira kugira tube abagenzi biwe.
Turakomeza ubugenzi dufitaniye na Yezu mu gushigikira ibikorwa vy’ishengero uko dushoboye kwose (Raba ingingo ya 19)
20. Kuba umugenzi wa Yehova na Yezu bituma wiyumva gute?
20 Ese ukuntu ari iteka ridasanzwe kugiranira ubugenzi n’Imana Mushoboravyose hamwe n’Umwana wayo! Kubera yuko Yehova ari Umugenzi wacu somambike, arumviriza amasengesho yacu kandi akayishura. We hamwe n’Umwana wiwe baguma baturonsa ivyo dukeneye mu vy’impwemu. (Mat. 5:3) Emwe, ubugenzi dufitaniye na bo ni ubw’agaciro cane. Ese rero tutokwigera tubahemukira!
URURIRIMBO RWA 31 Gendana n’Imana!
a Yehova ntiyaremye abamarayika canke abantu kubera yari akeneye abagenzi, ahubwo yabitumwe n’urukundo. Urukundo rero ni rwo rwatumye yemera ko bamubera abagenzi.—1 Yoh. 4:8.
b Muri iki gihe, ntitwitega ko Yehova yishura amasengesho yacu ku gitangaro nko mu kudukiza indwara.
c INSOBANURO Y’IFOTO: Abasavyi ba Yehova ba kera bafise icizigiro co kuba kw’isi nka Aburahamu, Hana, n’umwami Dawidi hamwe na bamwebamwe bo muri iki gihe.