11 Nimba vy’ukuri ndi inkozi y’ikibi kandi hakaba hari ikintu nakoze cotuma nicwa+, sinanse gupfa. Ariko nimba ivyo aba bantu banyagiriza bidafashe, nta n’umwe afise uburenganzira bwo kunshikiriza abanyagiriza kugira abanezereze. Ndungururije kwa Sezari+!»