36 Mu nyuma Sauli avuga ati: “Tumanuke dukurikire Abafilisitiya mw’ijoro maze tubasahure gushika bukeye+, kandi ntidusigaze n’umwe muri bo+.” Na bo bavuga bati: “Nukore ikintu cose ubona ko ari ciza mu maso yawe.” Maze umuherezi avuga ati: “Twegere ng’aha Imana y’ukuri+.”