Akajambo k'epfo
a Uwo “Kayisari” abo baherezi bakuru bahisemwo icese ico gihe, yari Tiberiyo, uwo akaba yari Umwami w’abami w’Umuroma yakengerwa, w’indyarya kandi w’umwicanyi. N’ikindi kandi, Tiberiyo yari azwi nabi kubera ingeso ziteye isoni z’ubuhumbu yari afise.—Daniyeli 11:15, 21.
Woshobora kuvyishura?
• Ni akarorero karemesha akahe intumwa zadusigiye uravye ukuntu zahanganye n’uruhamo?
• Ni kubera iki dukwiye kwama twumvira Imana kuyirutisha abantu?
• Mu vy’ukuri, abaturwanya bariko barwanya nde?
• Abihanganira uruhamo, dushobora kwitega ko bizobagendera gute?