Akajambo k'epfo
a Tuvuge iki mu gihe agasamo kariko karakura gasa n’akameze nabi, canke mu gihe umukenyezi bamushizemwo udusamo twinshi? Kubuza nkana inda gukura kwoba ari ukuyikorora. Hakoreshejwe ubwo buhinga, bisa n’ibikunda gushika umukenyezi akibungenga abana benshi (amahasa, ubushuri canke abarenga), ivyo bikaba bigira ingaruka nyinshi, nk’ukuvyara hataragera be n’ivirirana ry’amaraso mu gihe co kwibaruka. Umugore yibungenze abana benshi yoshobora gusabwa guhitamwo abo akorora, akemera ko umwe canke abarenga muri bo bicwa. Ukwo kwoba ari ugukorora inda n’ibigirankana, ivyo akaba ataho bitaniye n’ukwica.—Kuv. 21:22, 23; Zab. 139:16.