ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Kaze!
Iki ni igikoresho c'ubushakashatsi kirimwo ibitabu vyo mu ndimi zitandukanye vyasohowe n'Ivyabona vya Yehova.
Ushaka kuvoma ibitabu, nuje kuri jw.org.
Itangazo
Indimi nshasha: Chedungun (Coast), Dominican Sign Language, French (Canada)
  • Uno musi

Ku wa gatatu, 29 Ndamukiza

Ubushobozi bwo kwiyumvira buzogukingira, ugutahura na kwo kukuzigame.—Imig. 2:11.

Buri musi turafata ingingo. Zimwe muri zo usanga zoroshe gufata, nk’izijanye n’ivyo twofungura canke isaha tworyamirako. Izindi na zo usanga zigoye gufata kubera ko zishobora kugira ingaruka ku magara yacu, ku munezero wacu, ku bacu canke ku murimo turangurira Yehova. Twipfuza ko ingingo dufata zitugirira akamaro twe n’umuryango wacu. N’ikiruta vyose, twipfuza ko zohimbara Yehova. (Rom. 12:​1, 2) Ikintu gihambaye codufasha gufata ingingo nziza ni ukubanza kurondera amakuru akwiye. Kubera iki bihambaye? Iyumvire umurwayi yagiye kwitura umuganga kugira amufashe ku kibazo gikomeye afise c’amagara. Uwo muganga yoba yofata ingingo y’ukuntu amuvura atabanje kumusuzuma canke kumubaza utubazo tumwetumwe? Oya nawe nu! Na wewe uzofata ingingo nziza niwabanza kurondera amakuru akwiye ajanye n’ikibazo ufise. w25.01 14 ing. 1-3

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2026

Ku wa kane, 30 Ndamukiza

Yehova . . . arakubabariye, ntugipfuye.—2 Sam. 12:13.

Ni ibiki tuzi ku bijanye n’imbabazi za Yehova? Yerekanye gute ko «adashaka ko hagira n’umwe ahona»? (2 Pet. 3:9) Raba uburorero bw’abantu bamwebamwe bakoze ibicumuro bikomeye, mugabo akababarira. Umwami Dawidi yarakoze ibicumuro bikomeye, ushizemwo ukurenga ibigo be n’ukwica. Ariko yarigaye Yehova na we aramubabarira. (2 Sam. 12:​1-12) Umwami Manase yarakoze ibibi vy’agahomerabunwa hafi ubuzima bwiwe bwose. Ariko naho yakoze ibibi gushika kuri urwo rugero, igihe yigaya Yehova yaramubabariye. (2 Ngo. 33:​9-16) Ubwo burorero, buratwereka ko Yehova atanga imbabazi igihe cose abona ko bikenewe. Abantu nk’abo bemanze ko bakoze ibicumuro bikomeye maze bakigaya, Yehova azobazura. w24.05 4 ing. 12

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2026

Ku wa gatanu, 1 Rusama

Imana [nti]gira nkunzi.—Rom. 2:11.

Yehova amaze gukura abasavyi biwe mu buja bwo mu Misiri, yaciye agena abaherezi bakorera kw’ihema ryeranda. Abalewi na bo yabashinze kwitwararika ibindi bikorwa vyo kuri iryo hema. None Yehova yoba yitwararika cane abakorera kuri iryo hema n’abakambitse hafi yaryo kuruta abandi? Habe namba! Yehova ntagira nkunzi. Umwisirayeli wese yarashobora kugiranira ubucuti bwiza na Yehova. Nk’akarorero, Yehova yaritwararitse ko ihanga ryose rishobora kubona ya nkingi y’igicu na ya nkingi y’umuriro hejuru ya rya hema ryeranda. (Kuv. 40:38) Igihe ico gicu caba kigiye, n’ababa kure cane y’ihema ryeranda barabibona bagaca batekera utwabo, bagashingura amahema yabo maze bagafatana urugendo n’abandi Bisirayeli. (Guh. 9:​15-23) No muri kino gihe, aho twoba tuba hose kw’isi, Yehova aradukunda, akatwitwararika kandi akadukingira. w24.06 4 ing. 10-12

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2026
Kaze!
Iki ni igikoresho c'ubushakashatsi kirimwo ibitabu vyo mu ndimi zitandukanye vyasohowe n'Ivyabona vya Yehova.
Ushaka kuvoma ibitabu, nuje kuri jw.org.
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika