Ku wa mungu, 30 Myandagaro
Yehova ari hafi y’abavunitse umutima.—Zab. 34:18.
Naho abandi boba baragufashe nabi, urashobora kwemera udakeka ko Yehova agukunda kandi ko aguha agaciro. Nimba «[u]dendebukiwe mu mutima», uribuka ko hari ivyiza Yehova yakubonyemwo vyatumye agukwegakwega kuri we. (Yoh. 6:44) Yama yiteguriye kugufasha kubera ko uri n’agaciro kuri we. Kuzirikana ku karorero ka Yezu, birashobora kudufasha kumenya ingene Yehova abona abafatwa nabi. Igihe Yezu yari kw’isi, yaritwararika abantu bafatwa nabi. (Mat. 9:9-12) Igihe kimwe, hari umugore yakoze ku mpuzu ya Yezu yizigiye gukira indwara ibabaza. Yezu yaramuhumurije yongera aramukeza kubera ukwizera kwiwe. (Mrk. 5:25-34) Yezu aragaragaza neza kamere za Se. (Yoh. 14:9) Niwizigire rero udakeka ko Yehova aguha agaciro kandi ko abona kamere zawe nziza, nk’ukwizera kwawe be n’urukundo umukunda. w24.10 7 ing. 4-5
Ku wa mbere, 31 Myandagaro
Nushire amarira yanje mu mukuza wawe.—Zab. 56:8.
Dawidi yarashikiwe mu buzima n’ingorane zatumye arira. Hariho abantu bamwanka, hakaba mbere n’abo yari yizigiye bamuhemukiye. (1 Sam. 19:10, 11; 2 Sam. 15:10-14, 30) Igihe kimwe yanditse ati: «Narushe kubera ukuboroga. Ijoro ryose ndara ndarira n’igitanda kikajoba. Uburiri bwanje bwatose kubera amosozi.» (Zab. 6:6) Naho Dawidi yashikiwe n’ingorane nyinshi, yari azi neza ko Yehova amukunda. Yanditse ati: «Yehova azokwumva amarira yanje.» (Zab. 6:8) Amajambo ari mu canditswe c’uno musi arerekana mu buryo bukora ku mutima ingene Yehova adukunda kandi akatwitwararika. Dawidi yabona ko ari nk’aho Yehova yashira amosozi yiwe mu mukuza canke akayandika mu gitabu. Yari azi neza ko Yehova yabona umubabaro wiwe kandi ntawirengagize. Yari yarajijutse ko uwo Muvyeyi wiwe wo mw’ijuru arangwa urukundo atabona gusa ivyamushikira, ariko ko yabona n’ingaruka vyamugirako. w24.12 22 ing. 11-12
Ku wa kabiri, 1 Nyakanga
Nimugume musuzuma yuko muri mu kwizera.—2 Kor. 13:5.
Tumaze kuba abakirisu bahumuye dukwiye kwihatira kuguma turi abakirisu bahumuye. Ivyo bisaba ko twirinda kwiyizigira birenze. (1 Kor. 10:12) Dukwiye ‘kuguma twisuzuma’ kugira ngo tumenye neza nimba turiko turabandanya dutera imbere. Mw’ikete intumwa Pawulo yandikiye Abakolosayi yarasubiye gushimika ku vy’uko abakirisu bakwiye kuguma ari abantu bahumuye. Naho Abakolosayi bari bamaze kuba abakirisu bahumuye, Pawulo yarabasavye kwiyubara kugira ngo ntibatwarwe n’ivyiyumviro vy’iyi si. (Kol. 2:6-10) Epafura na we nyene, uwo biboneka ko yari azi neza abagize iryo shengero, yama abasengera kugira ngo amaherezo babe «abantu babushitse», ni ukuvuga abahumuye. (Kol. 4:12) None icigwa ni ikihe? Pawulo na Epafura baratahura ko kugira ngo umuntu agume ari umukirisu ahumuye, bisaba ko agira akigoro akongera agafashwa n’Imana. Bipfuza ko Abakolosayi baguma ari abakirisu bakuze canke bahumuye, naho bari bahanzwe n’ingorane. w24.04 6 ing. 16-17