ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Kaze!
Iki ni igikoresho c'ubushakashatsi kirimwo ibitabu vyo mu ndimi zitandukanye vyasohowe n'Ivyabona vya Yehova.
Ushaka kuvoma ibitabu, nuje kuri jw.org.
Itangazo
Indimi nshasha: Chedungun (Coast), Dominican Sign Language, French (Canada)
  • Uno musi

Ku wa gatatu, 9 Nyakanga

Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana kandi ni ngirakamaro.—2 Tim. 3:16.

Yehova araronsa abasavyi biwe bose ibifungurwa vyo mu vy’impwemu, akabayobora kandi akabakingira. Akarorero kerekana ko Yehova atagira nkunzi ni uko aronsa Bibiliya abantu bose kw’isi. Mu ntango, Bibiliya yanditswe mu ndimi zitatu: igiheburayo, igiharameya n’ikigiriki. None vyoba bisigura ko abashobora gusoma izo ndimi Bibiliya yanditswemwo mu ntango ari bo bashobora kwiyegereza cane Yehova kurusha abadashobora kuzisoma? Habe namba. (Mat. 11:25) Kugira Yehova adutumire ngo tube abashitsi biwe, ntaraba ko twize amashure menshi canke ko tuzi indimi nyinshi. Yehova aratuma abantu bose bashobora kuronka ubukerebutsi bwiwe ataravye amashure bize. Ijambo ryiwe Bibiliya ryarahinduwe mu ndimi ibihumbi. Gutyo abantu bo hirya no hino kw’isi barashobora kwungukira ku nyigisho Yehova atanga, bakiga n’ingene boba abagenzi biwe.—2 Tim. 3:​16, 17. w24.06 6-7 ing. 13-15

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2026

Ku wa kane, 10 Nyakanga

[Yeruzalemu yari] yimirije gutikizwa.—Luka 21:20.

Ugutikizwa kwa Yeruzalemu Yezu yari yaravuze kwari kwegereje. Abakirisu bari gukoresha umwanya wari usigaye mu gutsimbataza kamere nk’ukwizera be n’ukwihangana kugira bitegurire ico gihe. (Heb. 10:25; 12:​1, 2) Vuba tugiye gushikirwa n’amakuba akomeye kuruta ayashikiye abakirisu b’Abaheburayo. (Mat. 24:21; Ivyah. 16:​14, 16) Rimbura impanuro zimwezimwe Yehova yaronkeje abo bakirisu zotugirira akamaro. Intumwa Pawulo yararemesheje abakirisu bagenziwe kwiga Ijambo ry’Imana no kurizirikanako. (Heb. 5:14–6:1) Pawulo yarasubiyemwo amajambo yo mu Vyanditswe vy’igiheburayo kugira asigure ukuntu uburyo abakirisu bakoresha mu gusenga Yehova ari bwo bwari bubereye kuruta ubwo Abayuda bakoresha. Pawulo yararemesheje abakirisu kwihatira kumenya no gutahura neza ukuri kwo mu Vyanditswe kugira bibafashe gutahura inyigisho z’ikinyoma no kuzirinda. w24.09 8-9 ing. 2-3; 10 ing. 6

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2026

Ku wa gatanu, 11 Nyakanga

Ni ukuri Umukama yazutse.—Luka 24:34.

Abigishwa ba Yezu bari bakeneye indemesho. Uti kubera iki? Bamwe muri bo bari barahevye amazu yabo, imiryango yabo n’ubuzi bakora, kugira ngo bagume bakurikira Yezu. (Mat. 19:27) Abandi bari basigaye babonwa ko ari ibicibwa mu kibano, kubera ko bari bemeye kuba abigishwa ba Yezu. (Yoh. 9:22) Ivyo vyose babihevye kubera ko bemera ko Yezu ari we Mesiya yari yarasezeranywe. (Mat. 16:16) Ariko igihe Yezu yicwa, baracitse intege babona ko ivyo bari bizigiye bibaye impfagusa. Yezu yaratahura intuntu abigishwa biwe bari bafise, aho kubona ko yaterwa n’ukubura ukwizera. Ni co gituma amaze kuzuka yaciye atangura kubaremesha. Nk’akarorero, yariyeretse Mariya Magadalena igihe yariko araririra ku mva yiwe. (Yoh. 20:​11, 16) Yariyeretse kandi abigishwa babiri bariko baraja mu gasagara kitwa Emawusi. Vyongeye, yariyeretse intumwa Petero. w24.10 13 ing. 5-6

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2026
Kaze!
Iki ni igikoresho c'ubushakashatsi kirimwo ibitabu vyo mu ndimi zitandukanye vyasohowe n'Ivyabona vya Yehova.
Ushaka kuvoma ibitabu, nuje kuri jw.org.
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika