ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Kaze!
Iki ni igikoresho c'ubushakashatsi kirimwo ibitabu vyo mu ndimi zitandukanye vyasohowe n'Ivyabona vya Yehova.
Ushaka kuvoma ibitabu, nuje kuri jw.org.
  • Uno musi

Ku wa kane, 3 Nyakanga

Mbega Umucamanza w’isi yose ntazokora ibigororotse?—Ita. 18:25.

Hoba hari imvo yumvikana yotuma twizigira ko imanza zose Yehova acira abantu ziba zigororotse? Ego cane. Yehova ni «Umucamanza w’isi yose» atunganye, afise ubukerebutsi, kandi yuzuye imbabazi. Ico kintu na Aburahamu yaragitahura. Yehova yaramenyereje Umwana wiwe yongera aramushinga ibanga ryo gucira imanza abantu bose. (Yoh. 5:22) Yehova na Yezu barazi ibiri mu mutima w’umuntu wese. (Mat. 9:4) Urubanza rero bazocira umwumwe wese ruzoba ‘rugororotse.’ Nimuze twizigire duherejeko ingingo zose Yehova afata. Wewe ntameze nkatwe, kuko ashoboye guca imanza zigororotse. (Yes. 55:​8, 9) Ni co gituma ibijanye no guca imanza vyose tubimurekera we n’Umwana wiwe, wa Mwami yigana Se wiwe ata gahaze mu bijanye no kugaragaza ubutungane n’imbabazi.—Yes. 11:​3, 4. w24.05 7 ing. 18-19

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2026

Ku wa gatanu, 4 Nyakanga

Umuntu w’amanyanga a[ra]shisha Yehova, ariko abagororotsi ababera umugenzi somambike.—Imig. 3:32.

Ivyabaye igihe Yezu yabonana na Natanayeli ari ryo rya mbere biratwereka akamaro ko kugira umutima utarimwo uburyarya. Igihe Filipo yazana umugenzi wiwe Natanayeli kubonana na Yezu, hari ikintu kidasanzwe cabaye. Naho ryari ryo rya mbere Yezu abonye Natanayeli, yavuze ati: «Raba Umwisirayeli nyawe, atagira uburyarya.» (Yoh. 1:47) Yezu yabona ko Natanayeli atagira uburyarya mu buryo budasanzwe. Natanayeli yari umuntu adatunganye cokimwe natwe. Ariko nta manyanga na makeyi yari afise. Ivyo Yezu yarabishimye maze aramukeza. Vyinshi mu vyo Yehova adusaba kugira adushime bivugwa muri Zaburi 15 vyerekeza ku kuntu dufata abandi. Zaburi 15:3 havuga ko umushitsi mw’ihema rya Yehova ‘adakoresha ururimi rwiwe mu kubeshera abandi, ata kibi na kimwe akorera mugenziwe kandi adasiga iceyi abagenzi biwe.’ Gukoresha nabi ururimi rwacu muri ubwo buryo birashobora kubabaza abandi.—Yak. 1:26. w24.06 10 ing. 7; 11 ing. 9-10

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2026

Ku wa gatandatu, 5 Nyakanga

Mukama, mbere n’amadayimoni aratwumvira dukoresheje izina ryawe.—Luka 10:17.

Igihe witeguriye neza indimiro usanga bica bikworohera kuyagisha abantu. Yezu yarafashije abigishwa biwe kwitegura imbere y’uko baja kwamamaza. (Luka 10:​1-11) Igihe abigishwa ba Yezu bashira mu ngiro ivyo yari yabigishije, barashitse ku bintu vyatumye bagira umunezero mwinshi. None twokwitegurira gute indimiro? Turakwiye kuzirikana ku vyo twovuga kugira ngo dushikirize abandi ukuri mu buryo bukora ku mutima dukoresheje amajambo yacu bwite. Vyoba vyiza kandi twiyumviriye uburyo bubiri canke butatu abantu bo mu cibare cacu bokwakira inkuru nziza, tugaca twiyumvira n’ingene twovyifatamwo. Dutanguye kuyagisha abantu na ho, dukwiye kugerageza kubayagisha nk’abagenzi, dutekanye kandi tubamwenyurira. w24.04 16 ing. 6-7

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2026
Kaze!
Iki ni igikoresho c'ubushakashatsi kirimwo ibitabu vyo mu ndimi zitandukanye vyasohowe n'Ivyabona vya Yehova.
Ushaka kuvoma ibitabu, nuje kuri jw.org.
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika