ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yehova Arashariza Abasavyi Biwe Akoresheje Umuco
    Umunara w’Inderetsi—2002 | 1 Mukakaro
    • Yehova Arashariza Abasavyi Biwe Akoresheje Umuco

      “Haguruka ukayangane [“wa mugore we,” “NW”], kuk’umuco wawe ushitse, kand’ubgiza bg’Uhoraho bukaba bukurasiye.”​—YESAYA 60:1.

      1, 2. (a) Abantu bamerewe gute? (b) Ni nde atera umwiza abantu barimwo?

      “MBEGA ukuntu dukeneye umuntu ameze nka Yesaya canke Paulo Mutagatifu!” Ivyo ni vyo uwahoze ari Perezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika Harry Truman yavuganye umubabaro mu myaka y’1940. Ni kuki yavuze ayo majambo? Ni kubera yuko yumva ko muri ico gihe ciwe hari hakenewe indongozi zibushitse zigenza runtu. Abantu bariko barogorora bakiva muri ca kiringo kirusha ibindi vyose vyo mu kinjana ca 20 kuba ic’umwiza, ari yo ntambara ya kabiri y’isi yose. Ariko rero, naho nyene intambara yari irangiye, nta mahoro yari kw’isi. Umwiza warabandanije. Kukaba nkako, ubu haheze imyaka 57 iyo ntambara irangiye, isi iracari mu mwiza. Iyo Perezida Truman aba akiriho, nta nkeka yogumye abona ko hagikenewe indongozi zigenza runtu zimeze nka Yesaya canke intumwa Paulo.

      2 Perezida Truman yaba yari abizi canke atavyo yari azi, intumwa Paulo yaravuze ivy’umwiza usinzikaje abantu, kandi yaratanze imburizi ku biwerekeye mu vyo yanditse. Nk’akarorero, Paulo yagabishije abemera bagenziwe ati: “Abo tunigana [si] ab’inyama n’amaraso, ariko tunigana n’abakuru n’abafise ububasha n’abaganza iyi si y’umwiza, n’impwemu mbi z’ahantu ho mw ijuru.” (Abanyefeso 6:12, ni twe tubihiritse.) Mu kuvuga ayo majambo, Paulo ntiyerekanye gusa yuko yari azi ivyerekeye umwiza wo mu vy’impwemu utwikiriye isi, ariko kandi ko yari azi isoko nyaryo ryawo, ni ukuvuga inteko z’abadayimoni z’inyabushobozi zidondorwa ko ari “abaganza iyi si.” Kubera ko ibiremwa vy’impwemu vy’ubushobozi ari vyo bitera umwiza usinzikaje isi, none abantu buntu bashobora gukora iki kugira ngo bawukureho?

      3. Naho abantu bari mu mwiza, ni ibiki Yesaya yabuye ku biraba abantu b’abizerwa?

      3 Mu buryo nk’ubwo nyene, Yesaya yaravuze ivyerekeye umwiza usinzikaje abantu. (Yesaya 8:22; 59:9) Ariko rero, mu kwerekeza kuri iki gihe cacu, yarabuye ahumekewe yuko no muri ibi bihe vy’umwiza, Yehova yotumye abakunda umuco babona ibintu mu buryo bukayangana. Emwe, naho nyene Paulo canke Yesaya ubwabo batari kumwe natwe, turafise ivyo banditse vyahumetswe bituyobora. Kugira ngo tubone ukuntu ivyo ari umuhezagiro ku bakunda Yehova, nimuze turimbure amajambo menyeshakazoza ya Yesaya dusanga mu kigabane ca 60 c’igitabu ciwe.

      Umugore w’Ikigereranyo Menyeshakazoza Arasa Umuco

      4, 5. (a) Ni igiki Yehova abwiriza umugore gukora, kandi ni umuhango uwuhe atanga? (b) Ni amakuru ateye akanyamuneza ayahe ari muri Yesaya ikigabane ca 60?

      4 Amajambo atangura muri Yesaya 60 abwirwa umugore amerewe nabi cane, ari mu mwiza, arambaraye hasi. Umuco uciye urasa bukwi na bukwi muri nya mwiza, maze Yehova asemerera ati: “Haguruka ukayangane [“wa mugore we,” NW], kuk’umuco wawe ushitse, kand’ubgiza bg’Uhoraho bukaba bukurasiye.” (Yesaya 60:1) Igihe cari gishitse c’uko uwo mugore ahagarara hanyuma agaca ibibatsi vy’umuco w’Imana, ari bwo bwiza bwayo. Kubera iki? Inyishu turayibona mu murongo ukurikira. Ugira uti: “Rāba, umwiza uzotwikira isi, umwiza w’umuzitanya uzotwikira amahanga: arik’Uhoraho azokurasira, kand’ubgiza bgiwe buzokubonekako.” (Yesaya 60:2) Uwo mugore yaragamburutse ibwirizwa rya Yehova, maze arakurwa amazinda ku vyerekeye ingaruka nziza igitangaza bizovamwo. Yehova avuga ati: “Amahanga azoza ku muco wawe, n’abami bazoza ku gukayangana kwawe.”​—Yesaya 60:3.

      5 Ayo majambo ateye akanyamuneza ari muri iyo mirongo itatu, ni intangamarara akaba kandi incamake y’igice gisigaye c’ibiri muri Yesaya ikigabane ca 60. Kirabura ibishikira wa mugore w’ikigereranyo menyeshakazoza kikongera kigasigura ukuntu dushobora kuguma mu muco wa Yehova naho nyene umwiza watsimbataye mu bantu. Ariko none ivyo bimenyetso biri muri iyo mirongo itatu y’intangamarara bigereranya iki?

      6. Umugore avugwa muri Yesaya ikigabane ca 60 ni nde, kandi ni bande bamuserukira kw’isi?

      6 Uwo mugore avugwa muri Yesaya 60:1-3 ni Siyoni, ni ukuvuga ishirahamwe ryo mw’ijuru rya Yehova rigizwe n’ibiremwa vy’impwemu. Muri iki gihe, Siyoni iserukirwa kw’isi n’amasigarira ya “Israeli y’Imana,” rikaba ari ishengero ryo kw’isi yose rigizwe n’Abakirisu basizwe impwemu, bafise icizigiro co kuzoganza hamwe na Kirisitu mw’ijuru. (Abagalati 6:16, UB) Iryo hanga ryo mu vy’impwemu amaherezo rigizwe n’abantu 144.000, kandi iranguka ryo mu gihe ca none rya Yesaya ikigabane ca 60 rishingiye ku bakiriho kw’isi mu “misi y’iherezo.” (2 Timoteyo 3:1; Ivyahishuriwe 14:1) Ubwo buhanuzi kandi buvuga vyinshi ku biraba abagenzi b’abo Bakirisu basizwe, ari bo “shengero ryinshi” ry’“izindi ntama.”​—Ivyahishuriwe 7:9; Yohana 10:16.

      7. Siyoni yari imerewe ite mu 1918, kandi ivyo vyari vyamenyeshejwe gute mu buhanuzi?

      7 Hoba hariho igihe “Israeli y’Imana” yari irambaraye mu mwiza, nk’uko bigereranywa n’uwo mugore w’ikigereranyo menyeshakazoza? Egome, ivyo haraciye imyaka irenga 80 bibaye. Mu gihe c’intambara ya mbere y’isi yose, Abakirisu basizwe baritaye ku rutare kugira ngo babandanye igikorwa co gushinga intahe. Mugabo mu 1918, ari wo mwaka wa nyuma w’iyo ntambara, igikorwa co kwamamaza mu buryo bwungunganijwe carabaye nk’igihagaze. Joseph F. Rutherford, uwari ahagarikiye igikorwa co kwamamaza kw’isi yose, be n’abandi Bakirisu bari bakomakomeye baciriwe urubanza rwo gupfungwa imyaka myinshi bagirizwa ibinyoma. Mu gitabu c’Ivyahishuriwe, Abakirisu basizwe ico gihe bari kw’isi badondowe mu majambo menyeshakazoza ko ari imivyimba igangaraye “mw ibarabara ryo mu gisagara kinini, [ar]i co mu buryo bg’impwemu citwa Sodomu na Egiputa.” (Ivyahishuriwe 11:8) Ico cari vy’ukuri igihe c’umwiza kuri Siyoni, kuko yaserukirwa n’abana bayo basizwe bari kw’isi!

      8. Ni ihinduka ritangaje irihe ryabaye mu 1919, kandi vyagize ingaruka iyihe?

      8 Ariko rero, mu mwaka w’1919 harabaye ihinduka ritangaje. Yehova yararasiye umuco kuri Siyoni! Abarokotse bo muri Isirayeli y’Imana barakuye amaboko mu mpuzu kugira ngo bakayanganishe umuco w’Imana, basubira gutangaza inkuru nziza ata bwoba. (Matayo 5:14-16) Bivuye kuri uwo mwete abo Bakirisu bari basubiye kugira, abandi bantu barakwegerewe ku muco wa Yehova. Ubwa mbere, abo bashasha baza barasigwa bakiyongera ku bagize Isirayeli y’Imana. Bitwa abami muri Yesaya 60:3, kubera bazoba abaraganwa na Kirisitu mu Bwami bw’Imana bwo mw’ijuru. (Ivyahishuriwe 20:6) Mu nyuma, ishengero ryinshi ry’izindi ntama ryaratanguye gukwegerwa ku muco wa Yehova. Ayo ni yo “mahanga” yavuzwe muri ubwo buhanuzi.

      Abana ba wa Mugore Baratahutse!

      9, 10. (a) Ni ibintu vy’akezamutima ibihe uwo mugore yabonye, kandi ivyo vyagereranya iki? (b) Ni imvo iyihe Siyoni yagize yo kunezerwa?

      9 Ubu na ho, ni nk’aho Yehova atangura guca irya n’ino amakuru yanditswe muri Yesaya 60:1-3. Aha uwo mugore irindi bwirizwa. Umviriza ivyo avuga: “Unamura amaso yawe weraguze, urābe.” Nya mugore aragamburuka, kandi ese ukuntu ivyo abona ari ibintu vyeza umutima! Abana biwe bariko baratahuka. Icanditswe kibandanya kuvuga giti: “Bose bakoraniye hamwe baza kuri wewe; abahungu bawe bazoza baturutse kure, n’abakobga bawe bazoza bateruwe mu kwaha.” (Yesaya 60:4) Iyamamazwa ry’Ubwami kw’isi yose ryatanguye mu 1919 ryarakwegereye abashasha ibihumbi n’ibihumbi ku murimo wa Yehova. Abo na bo nyene baracitse “abahungu” n’“abakobga” ba Siyoni, ni ukuvuga abasizwe bagize Isirayeli y’Imana. Gutyo, Yehova yarasharije Siyoni mu kuzana ku muco abari basigaye muri bamwe 144.000.

      10 Woba ushobora kwiha ishusho y’umunezero Siyoni yagize wo kuba kumwe n’abana biwe? Yamara, Yehova araha Siyoni izindi mvo zotuma anezerwa. Dusoma duti: “Ni ho uzorāba, mu maso hawe hakeyuka, umutima wawe ukadidagizwa n’umunezero, ukāguka; kukw ibidandazwa vy’ibitayega bica mu kiyaga bizogaruka i wawe, n’ubutunzi bg’amahanga buzokuzako.” (Yesaya 60:5) Mu buryo buhuje n’amajambo menyeshakazoza, guhera mu myaka y’1930, amasinzi n’amasinzi y’Abakirisu bafise icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera barasegenyuka baja kwa Siyoni. Baje bava mu “kiyaga” kigizwe n’abantu biyonkoye ku Mana kandi bagereranya ubutunzi bw’amahanga. Ni “[ibintu] vy’igiciro vyo mu mahanga yose.” (Hagayi 2:7; Yesaya 57:20) Urabona kandi yuko ivyo ‘bintu vy’igiciro’ bidakorera Yehova umwe wese mu nzira yiwe bwite. Emwe, bongereza ubwiza bwa Siyoni mu kuza gusenga bifatanije n’abavukanyi babo basizwe, bakaba “umukuku umwe” ufise “umwungere umwe.”​—Yohana 10:16.

      Abadandaza, Abungere n’Abacuruzi Baza Kuri Siyoni

      11, 12. Nudondore amasinzi yabonywe agenda agana kuri Siyoni.

      11 Icavuye muri iryo tororokanywa ryari ryarabuwe, ni iyongerekana ryibonekeje ry’igitigiri c’abashemeza Yehova. Ivyo biraburwa mu majambo akurikira y’ubwo buhanuzi. Niwihe ishusho yuko uhagararanye n’uwo mugore w’ikigereranyo menyeshakazoza ku Musozi Siyoni. Utereje amaso i burasirazuba, ubona iki? “Isinzi ry’ingamiya rizogutwikira, inyana z’ingamiya z’i Midiyani n’izo muri Efa. Abaturutse i Sheba bose bazoza, bazoba bazanye izahabu n’imibavu, bavuge inkuru nziza z’ishimwe ry’Uhoraho.” (Yesaya 60:6) Amasinzi y’abadandaza ayobora ingamiya zabo azicana mu mayira ashika i Yeruzalemu. Emwe, izo ngamiya zimeze nk’isegenya mu gihugu! Abo bacuruzi batwaye ingabirano z’igiciro, ni ukuvuga “izahabu n’imibavu.” Kandi abo bacuruzi baza ku muco w’Imana kugira ngo bayishimagize ku mugaragaro, ‘bavuge inkuru nziza z’ishimwe rya Yehova.’

      12 Abacuruzi si bo bonyene bari muri urwo rugendo. N’abungere nyene bariko bararindiga baza kuri Siyoni. Ubwo buhanuzi bubandanya kuvuga buti: “Imikuku yose y’i Kedari izokoranirizwa kuri wewe, amapfizi y’intama y’i Nebayoti azogukorera.” (Yesaya 60:7a) Imiryango y’abungere iriko iraza mu gisagara ceranda gushikanira Yehova ibirushirije kuba vyiza mu mikuku yayo. Mbere baritanga kugira ngo basukurire i Siyoni! Yehova yakira gute abo banyamahanga? Imana ubwayo yishura iti: “Azokwūrira igicaniro canje yemerwe, nzokwubahiriza inzu yanje y’icubahiro.” (Yesaya 60:7b) Yehova aremera n’ubugwaneza amashikanwa y’abo banyamahanga be n’umurimo bamurangurira. Ukuba bari mu rusengero rwiwe birarushariza.

      13, 14. Ni ibiki umuntu abona biriko biraza bivuye i burengerazuba?

      13 Ubu naho, hindukira i burengerazuba wihweze witonze i buheramaso. Ubona iki? Uravye kure, hari ikintu kimeze nk’igicu cera gishanje hejuru y’ikiyaga. Yehova abaza ikibazo na wewe wibaza mu muzirikanyi wawe ati: “Aba ni ba nde baguruka nk’igicu, kandi nk’inuma zisubira mu turyango tw’ivyari vyazo?” (Yesaya 60:8) Yehova arishura ikibazo ciwe bwite ati: “N’ababa ku kiyaga banyiteze, amāto y’i Tarushishi ni yo abītangiye imbere, azanye abahungu bawe abakūye kure, bazanye ifeza zabo n’izahabu kubg’izina ryanje, jewe Uhoraho Imana yawe, Uwera w’Abisirayeli, kuko nakwubahirije.”​—Yesaya 60:9.

      14 Mbega woba ushobora kwiha ishusho y’ivyo bintu? Ico gicu cera cakwegereye maze ubu umenga ni utudomagu twinshi twegeranye turi kure cane i burengerazuba. Bisa nk’umugwi w’utunyoni turiko duserereka ku mipfunda. Mugabo uko birushiriza kwegereza, urabona yuko ari amato afise amahema azinguruye kugira ngo bayatege umuyaga. Ubwato buriko buza bugana i Yeruzalemu, ni bwinshi cane ku buryo busa n’umugwi w’inuma. Umugwi w’amato uriko uraza wihuta cane uvuye ku bivuko vya kure, uzanye abizera i Yeruzalemu gusenga Yehova.

      Ishirahamwe rya Yehova Ryaguka

      15. (a) Ni iyongerekana irihe amajambo ya Yesaya 60:4-9 abura? (b) Abakirisu nyakuri bagaragaza akahe gatima?

      15 Ese ukuntu umurongo wa 4 gushika ku w’9 hadondora mu buryo menyeshakazoza iyongerekana ryo kw’isi yose ryabaye kuva mu 1919! Ni kuki Yehova yahezagiye Siyoni agashobora kugira iyongerekana mwene iryo? Ni kubera yuko guhera mu 1919, Isirayeli y’Imana yakayanganishije umuco wa Yehova ibigiranye ukugamburuka kandi ihozako. Ariko none, woba wabonye yuko, nk’uko umurongo w’7 ubivuga, abashasha baza “[b]ūrira igicaniro [c’Imana]”? Igicaniro ni ahatangirwa ibimazi, kandi uwo muce w’ubuhanuzi uratwibutsa yuko umurimo wa Yehova urimwo ivy’ugutanga ikimazi. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ndabahanūra . . . ngo mutange imibiri yanyu ibe ibimazi bizima vyera, bihimbara Imana, ni kwo kuyikorera kwanyu kwogira ikimazi.” (Abaroma 12:1) Mu buryo buhuje n’amajambo ya Paulo, Abakirisu nyakuri ntibamarwa akanyota n’ukwitaba gusa ibirori vy’idini rimwe mu ndwi. Baratanga umwanya wabo, inguvu zabo n’ubutunzi bwabo kugira ngo bateze imbere ugusenga gutyoroye. Kuba abasenga Yehova mwene abo bitanga bari mu nzu yiwe, ntibiyishariza none? Ubuhanuzi bwa Yesaya bwavuze yuko vyoyisharije. Kandi turashobora kudakeka yuko abasavyi b’abanyamwete nk’abo na bo baca baba abashajije mu nyonga za Yehova.

      16. Ni bande bafashije mu gikorwa co kwubaka mu bihe vya kera, kandi ni bande babigize mu bihe vya none?

      16 Abo bashasha baje barashaka gukora. Ubwo buhanuzi bubandanya kuvuga buti: “Abanyamahanga bazokwubaka inzitiro zawe, n’abami babo bazogukorera.” (Yesaya 60:10) Mw’iranguka rya mbere ry’ayo majambo, mu gihe c’ukuva mu bunyagano i Babiloni, abami n’abandi baturuka mu mahanga barafashije nya gufasha mu gusubira kwubaka urusengero be n’igisagara c’i Yeruzalemu. (Ezira 3:7; Nehemiya 3:26) Mw’iranguka rya none, ishengero ryinshi ryarashigikiye amasigarira y’abasizwe mu kwubaka ugusenga kw’ukuri. Barafashije mu kwubaka amashengero ya gikirisu kandi gutyo barakomeza “inzitiro” z’ishirahamwe rya Yehova rimeze nk’igisagara. Baragira uruhara kandi mu gikorwa co kwubaka nya kwubaka, ni ukuvuga mw’iyubakwa ry’Ingoro z’Ubwami, Ingoro z’Amateraniro hamwe n’inyubakwa z’Amabeteli. Muri ubwo buryo bwose, barashigikira abavukanyi babo basizwe mu kwitwararika ivyo ishirahamwe rya Yehova ririko riraguka rikeneye!

      17. Ni mu buryo bumwe ubuhe Yehova ashariza abasavyi biwe?

      17 Ese ukuntu amajambo asozera Yesaya 60:10 aremesha! Yehova avuga ati: “Nagukubise ndatse, ariko nkugiriye imbabazi ndagutunze.” Egome, mu 1918 no mu 1919, Yehova yaratojeje indero abasavyi biwe. Mugabo ivyo ni ivyo muri kahise. Ubu naho ni igihe c’uko Yehova agaragariza imbabazi abasavyi biwe basizwe na bagenzi babo b’izindi ntama. Ibimenyamenya vy’uko ivyo ari uko biri ni uko yabahezagiye mu gutuma bagira iyongerekana ridasanzwe nk’aho yoba ‘ariko arabashariza.’

      18, 19. (a) Ni umuhango uwuhe Yehova atanga ku biraba abashasha bariko baraza mw’ishirahamwe ryiwe? (b) Ni ibiki imirongo isigaye yo muri Yesaya ikigabane ca 60 itubwira?

      18 Uko umwaka utashe, “abanyamahanga” bandi ibihumbi amajana n’amajana barifatanya n’ishirahamwe rya Yehova, kandi inzira izoguma yuguruye kugira ngo n’abandi benshi babakurikire. Yehova abwira Siyoni ati: “Amarembo

  • Ubwiza bwa Yehova Burakayangana ku Basavyi Biwe
    Umunara w’Inderetsi—2002 | 1 Mukakaro
    • Ubwiza bwa Yehova Burakayangana ku Basavyi Biwe

      “Uhoraho [a]zokubera umuco utazoshira.”​—YESAYA 60:20.

      1. Yehova ahezagira gute abasavyi biwe b’abizerwa?

      “UHORAHO [ar]ahimbarwa n’abantu biwe: azoshariza abaciye bugufi abambike agakiza.” (Zaburi 149:4) Ukwo ni ko umwanditsi wa Zaburi wo mu gihe ca kera yavuze, kandi kahise karemeje ko ayo majambo yiwe ari ay’ukuri. Igihe abasavyi ba Yehova ari abizerwa, arabitwararika, agatuma basagamba kandi akabakingira. Mu bihe vya kera, yarabahaye gutsinda abansi babo. Muri iki gihe, aratuma baguma bakomeye mu buryo bw’impwemu kandi akabemerera ubukiriro yishimikije inkuka ya Yezu. (Abaroma 5:9) Ivyo abigira kubera bashajije mu nyonga ziwe.

      2. Naho bahura n’ukurwanywa, ni igiki abasavyi b’Imana bizigiye?

      2 Birumvikana, mw’isi yarokeye mu mwiza, “[aba]genda bubaha Imana” bazorwanywa. (2 Timoteyo 3:12) Ariko rero, Yehova arabona ababarwanya, kandi abagabisha ati: “Ihanga n’ubgami bitazokwemera kugukorera bizohona; ni koko ayo mahanga azogesezwa rwose.” (Yesaya 60:12) Muri iki gihe, ukurwanywa kuboneka mu buryo bwinshi. Mu bihugu bimwe, abaturwanya bagerageza gutangira canke kubuza Abakirisu b’inziraburyarya gusenga Yehova. Mu bindi naho, abafise ishaka ndezarugero baratera butere abasenga Yehova kandi bagaturira n’ibintu vyabo. Ariko rero, niwibuke yuko Yehova yamaze gushinga ukuntu vyogenze igihe ico ari co cose hagize abarwanya iranguka ry’ukugomba kwiwe. Abaturwanya bizobata ku w’amazi. Abarwanya Siyoni, iserukirwa n’abana bayo kw’isi, ntibashobora kuroranirwa. None, aho Imana yacu ihambaye Yehova ntidukuye amazinda mu buryo buremesha?

      Barahezagiwe Bimwe Birenze Uko Bari Bavyiteze

      3. Ubwiza bw’abambaji ba Yehova be n’ukwimbuka kwabo bigereranywa n’iki?

      3 Ico tutoharira co ni uko mu gihe c’iherezo c’uru runkwekwe rw’ibintu, Yehova yahezagiye abasavyi biwe bimwe birenze uko bari bavyiteze. Ahanini yarasharije intambwe ku yindi ikibanza ciwe co gusengeramwo be n’abagisengeramwo bitirirwa izina ryiwe. Nk’uko ubuhanuzi bwa Yesaya bubivuga, abwira Siyoni ati: “Ubgiza bg’i Lebanoni buzokuzako, ibiti vy’amasederi n’ivy’imitidari n’ivy’imiteyashuri bizozira hamwe, kugira ngo bisharize ahēra hanje, kand’aho nshira ibirenge vyanje nzohubahiriza.” (Yesaya 60:13) Imisozi iriko amashamba atotahaye iraryoheye ijisho. Ibiti bitotahaye gutyo ni ibimenyetso bibereye vy’ubwiza bw’abambaji ba Yehova be n’ukwimbuka kwabo.​—Yesaya 41:19; 55:13.

      4. “Ahēra” n’‘aho Yehova ashira ibirenge’ hashaka kuvuga iki, kandi aho hasharijwe gute?

      4 “Ahēra” be n’‘aho Yehova ashira ibirenge’ havugwa muri Yesaya 60:13 hashaka kuvuga iki? Ayo majambo yerekeza ku bigo vy’urusengero ruhambaye rwa Yehova rwo mu vy’impwemu, na rwo akaba ari indinganizo yerekeye ukumwegera mu kumusaba biciye kuri Yezu Kirisitu. (Abaheburayo 8:1-5; 9:2-10, 23) Yehova yaramenyesheje umugambi wiwe wo kuninahaza urwo rusengero rwo mu vy’impwemu mu kuzana abantu bavuye mu mahanga yose kugira ngo bamusengereho. (Hagayi 2:7) Yesaya ubwiwe yari yabonye imbere y’igihe amasinzi n’amasinzi avuye mu mahanga yose asendanisha aja ku musozi ukirurutse wo gusengerako Yehova. (Yesaya 2:1-4) Haciye imyaka amajana n’amajana, intumwa Yohani yarabonye mw’iyerekwa “ishengero ryinshi, ata woshobora kuriharūra, bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose.” Abo bari bahagaze “imbere y’intebe y’Imana, bakayikorera mu rusengero rwayo ku murango no mw ijoro.” (Ivyahishuriwe 7:9, 15) Kubera ko ubwo buhanuzi bwarangutse mu gihe cacu, inzu ya Yehova yarasharijwe tuvyibonera n’amaso yacu bwite.

      5. Abana ba Siyoni baryohowe gute mu buryo buhambaye?

      5 Ese ukuntu ivyo vyose vyabaye iryohorwa rihambaye rya Siyoni! Yehova avuga ati: “Naho wahebge, ukankwa, ntihabe hakigira ūhita muri wewe, nzoguhindura [“ikintu co kwishimirwa ibihe bidahera,” NW], ube umunezero uk’urunganwe rwawe ruzogenda rukurikirana.” (Yesaya 60:15) Amaja mu mpera z’intambara ya mbere y’isi yose, “Israeli y’Imana” vy’ukuri yarashikiwe n’ikiringo giteye umubabaro. (Abagalati 6:16, UB) Yumvise ko “[ya]hebge,” kubera ko abana biwe bo kw’isi batatahura mu buryo butomoye ivyo Imana igomba ku biberekeye. Maze, mu 1919, Yehova yarahembuye abasavyi biwe basizwe, kandi guhera ico gihe yarabahezagiye mu gutuma basagamba mu vy’impwemu bimwe bitangaje. Vyongeye, umuhango utangwa muri uwo murongo ntiweza umutima? Yehova azobona ko Siyoni ari “ikintu co kwishimirwa.” Emwe, abana ba Siyoni na Yehova ubwiwe bazonezererwa Siyoni. Azoba “umunezero,” ni ukuvuga isoko ry’umunezero ntangere. Kandi ivyo ntibizoba ari ivy’igihe gito gusa. Siyoni aserukirwa n’abana biwe bo kw’isi, azobandanya gutoneshwa “uk’urunganwe . . . ruzogenda rukurikirana.” Ntazokwigera areka gutoneshwa.

      6. Abakirisu b’ukuri bakoresha gute ubutunzi bw’amahanga?

      6 Ubu naho niwumvirize uwundi muhango Imana itanga. Yehova abwira Siyoni ati: “Uzokwonka amaberebere y’amahanga, uzokwonka amabere y’abami, kand’uzomenya yuko jewe, Uhoraho, nd’Umukiza wawe n’Umucunguzi wawe, Inyenkomezi ya Yakobo.” (Yesaya 60:16) Siyoni yonka gute “amaberebere y’amahanga” kandi yonka gute “amabere y’abami”? Mu buryo bw’uko Abakirisu basizwe be n’abagenzi babo bo mu “zindi ntama” bakoresha ubutunzi bw’agaciro bakuye mu mahanga kugira ngo bateze imbere ugusenga gutyoroye. (Yohana 10:16) Intererano z’amahera zitangwa ku gushaka zirafasha mu gutuma igikorwa gihambaye co kwamamaza mu mahanga yose no kwigisha gishoboka. Ugukoresha ubuhinga bwa none babigiranye ubukerebutsi birorohereza isohorwa ry’Amabibiliya n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya mu ndimi amajana n’amajana. Muri iki gihe, ukuri kwa Bibiliya kurashikira abantu benshi kuruta ikindi gihe ico ari co cose. Abanyagihugu bo mu mahanga menshi bariko bariga yuko Yehova, we yacunguye abasavyi biwe basizwe abakuye mu bunyagano bwo mu vy’impwemu, ari Umukiza koko.

      Iterambere ryo mu vy’Ukwungunganya Ibintu

      7. Ni iterambere ryibonekeje irihe abana ba Siyoni bagize?

      7 Yehova yarasharije abasavyi biwe mu bundi buryo. Yarabahezagiye baratera imbere mu vy’ukwungunganya ibintu. Dusoma muri Yesaya 60:17 duti: “Mu gishingo c’imiringa nzozana izahabu, no mu gishingo c’ivyuma nzozana ifeza; nzane imiringa mu gishingo c’ibiti, n’ivyuma mu gishingo c’amabuye; nzokwimika amahoro abe ari yo akuganza, n’ukugororoka abe ari kwo kugutwara.” Imiringa kuyisubiriza izahabu ni iterambere, kandi ivyo ni na kwo biri no ku bindi bikoresho vyavuzwe. Mu buryo buhuje n’ivyo, Isirayeli y’Imana yaragize amaterambere abandanya mu vy’ukwungunganya ibintu muri iyi misi y’iherezo. Rimbura uturorero dukeyi.

      8-10. Dondora amaterambere amwamwe mu vy’ukwungunganya ibintu yashitsweko guhera mu 1919.

      8 Imbere yo mu 1919, amashengero y’abasavyi b’Imana yayoborwa n’abakurambere hamwe n’abadiyakoni, bose bagatorwa mu buryo bwa demokarasi n’abagize ishengero. Guhera muri uyo mwaka, “umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” (NW) yaragenye umuyobozi w’umurimo mw’ishengero rimwerimwe ryose kugira ngo acungere ibikorwa vyo mu murimo wo mu ndimiro. (Matayo 24:45-47) Ariko rero, mu mashengero menshi, iyo ndinganizo ntiyagenze neza kubera abakurambere bamwebamwe bagenwa biciye ku matora batashigikira bimwe bishitse igikorwa co kwamamaza. Kubera ico, mu 1932, amashengero yarabwirijwe guhagarika ivyo gutora abakurambere n’abadiyakoni. Ahubwo yari kuza aratora abagabo ngo bakore bagize komite y’umurimo ikorana n’umuyobozi w’umurimo. Ivyo vyari bimeze nk’“imiringa” mu gishingo c’“ibiti,” ryari iterambere rikomeye!

      9 Mu 1938, amashengero yo hirya no hino kw’isi yariyemeje kwemera indinganizo iryohoye kuruta, iyari irushirije kuba iyihuje n’akarorero ko mu Vyanditswe. Ubuyobozi bw’ishengero bwahawe umusuku w’umugwi be n’abandi basuku, bose bakagenwa hisunzwe ubuyobozi bwa wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge. Nta matora yari akigirwa! Gutyo, amagena yose yo mw’ishengero yagirwa mu buryo bwa gitewokarasi. Ivyo vyari nk’“ivyuma” mu gishingo c’“amabuye” canke “izahabu” mu gishingo c’“imiringa.”

      10 Kuva ico gihe, iterambere ryarabandanije. Nk’akarorero, mu 1972 vyaragaragaye yuko kuba amashengero acungerwa n’inama y’abakurambere bagenywe mu buryo bwa gitewokarasi basenyera ku mugozi umwe, ntihabe umukurambere umwe agira ubukuru ku basigaye, bwari uburyo burushirije mbere kwegereza uburyo amashengero y’Abakirisu yo mu kinjana ca mbere yarongorwa. Kandi, nko mu myaka ibiri iheze, haratewe iyindi ntambwe. Harabaye ihinduka mu vy’ubuyobozi bwa zimwezimwe mu nzego zigengwa n’amategeko, bituma Inama Nyobozi ishobora kurushiriza kwitunira bimwe bishitse ku vyungura abasavyi b’Imana mu vy’impwemu, aho gusamazwa n’ibibazo bivyuka ku musi ku musi bijanye n’amategeko.

      11. Ni nde yari inyuma y’amahinduka yo mu vy’ukwungunganya ibintu yabaye mu basavyi ba Yehova, kandi ayo mahinduka yavuyemwo iki?

      11 Ni nde ari inyuma y’ayo mahinduka agenda araba intambwe ku yindi? Nta wundi atari Yehova Imana. Ni we avuga ati: “Nzozana izahabu.” (Ni twe tubihiritse.) Kandi ni we abandanya kuvuga ati: “Nzokwimika amahoro abe ari yo akuganza, n’ukugororoka abe ari kwo kugutwara.” (Ni twe tubihiritse.) Egome, Yehova ni we ajejwe ivy’ukuntu abasavyi biwe bahagarikirwa. Iterambere ryo mu vy’ukwungunganya ibintu ryari ryarabuwe ni ubundi buryo akoresha mu gushariza abasavyi biwe. Kandi ivyo vyatumye Ivyabona vya Yehova bahezagirwa mu buryo bwinshi. Muri Yesaya 60:18, dusoma duti: “Umuryano ntuzokwumvikana ukundi mu gihugu cawe, bo n’ukugeseza n’ugutikiza mu ngabano zawe; arikw inzitiro zawe uzozīta Gakiza, n’amarembo yawe uzoyīta Mpundu.” Ese ukuntu ayo majambo aryoheye ugutwi! Ariko yarangutse gute?

      12. Amahoro yahavuye aganza gute mu Bakirisu nyakuri?

      12 Abakirisu nyakuri bahanga amaso Yehova kugira ngo abahe amabwirizwa n’ubuyobozi, kandi ico bivamwo ni icari carabuwe na Yesaya. Yavuze ati: “Abana bawe bose bazokwigishwa nanje, jewe Uhoraho, kand’amahoro abana bawe bazogira azoba menshi.” (Yesaya 54:13) Ikigeretseko, Impwemu ya Yehova irakorera ku basavyi biwe, kandi kimwe mu vyamwa vy’iyo mpwemu ni amahoro. (Ab’i Galatiya 5:22, 23) Ukuba abasavyi ba Yehova ari indemeshamahoro bituma baba ubwugamo buruhura mw’isi irangwamwo ubukazi. Ukuba abanyamahoro kwabo gushingiye ku rukundo Abakirisu nyakuri bakundana, ni icerekana ukuntu ubuzima mw’isi nshasha buzoba bumeze. (Yohana 15:17; Ab’i Kolosayi 3:14) Nta nkeka umwe wese muri twebwe aranezerezwa no kwinovora ayo mahoro be no kugira uruhara mu kuyatsimbataza, ayatuma Imana yacu ishemezwa ikongera igaterwa iteka kandi akaba ari na yo kintu nyamukuru kigize iparadizo yacu y’ivy’impwemu!​—Yesaya 11:9.

      Umuco wa Yehova Uzobandanya Gukayangana

      13. Ni kuki dushobora kudakeka yuko umuco wa Yehova utazokwigera ureka gukayangana ku basavyi biwe?

      13 Umuco wa Yehova woba uzobandanya gukayangana ku basavyi biwe? Egome! Muri Yesaya 60:19, 20, tuhasoma duti: “Izuba si ryo rizoba rikikubera umuco ku murango, cank’ukwezi ngo kukuboneshereze: ariko jewe Uhoraho ni jewe nzokubera umuco utazoshira, kandi jewe Imana yawe ni jewe nzokubera icubahiro. Izuba ryawe ntirizoba rikirenga, kand’ukwezi kwawe ntikuzoba kugikeha, kuko jewe Uhoraho nzokubera umuco utazoshira, kand’imisi y’ikigandaro cawe izoba ishize.” Aho “ikigandaro” c’abari mu bunyagano bwo mu vy’impwemu kirangiriye mu 1919, umuco wa Yehova waciye utangura gukayangana kuri bo. N’ubu hashize imyaka irenga 80, baracatoneshwa na Yehova uko umuco wiwe ubandanya gukayangana. Kandi ntuzoreka. Ku biraba abambaji biwe, Imana yacu ‘ntizorenga’ nk’izuba canke ngo ‘ikehe’ nk’ukwezi. Ahubwo, izorasira umuco kuri bo ibihe bidahera. Ese ukuntu bidusubiriza umutima mu nda bimwe vy’akaroruhore twebwe tubayeho mu misi y’iherezo y’iyi si iri mu mwiza!

      14, 15. (a) Ni mu buryo ki abasavyi b’Imana bose ari “abagororotsi”? (b) Dufatiye kuri Yesaya 60:21, ni iranguka rihambaye irihe izindi ntama ziteganye umushasharo?

      14 Ubu naho, niwumve uwundi muhango Yehova atanga ku biraba abaserukira Siyoni bari kw’isi, ni ukuvuga Isirayeli y’Imana. Muri Yesaya 60:21 havuga hati: “Abantu bawe bazoba abagororotsi bose, bazoba ben’igihugu bgite gushitsa ibihe vyose; bazoba umuvyaro nitereye, igikorwa c’intoke zanje, kugira ngo bintere icubahiro.” Mu 1919, igihe Abakirisu basizwe basubira ku gikorwa, bari umugwi w’abantu udasanzwe. Muri iyi si yanyomoje mu gukora ivyaha, biswe “abagororotsi” hishimikijwe ukwizera kwabo kutanyiganyiga mu nkuka y’incungu ya Kirisitu Yezu. (Abaroma 3:24; 5:1) Maze, nka kumwe vyagenda Abisirayeli babohowe mu bunyagano bwa Babiloni, barigaruriye “igihugu,” ni ukuvuga igihugu co mu buryo bw’impwemu, canke akarere ko gukoreramwo, muri ico bakaba bokwinovoye iparadizo yo mu vy’impwemu. (Yesaya 66:8) Ubwiza bumeze nk’iparadizo bw’ico gihugu ntibuzokwigera bukabirana kubera yuko Isirayeli y’Imana uko ari ihanga, itazohemuka nka Isirayeli ya kera. Ukwizera kwayo, ukwihangana kwayo n’umwete wayo ntibizokwigera bireka guteza iteka izina ry’Imana.

      15 Abantu bose bagize iryo hanga ryo mu vy’impwemu baraje mw’isezerano rishasha. Bose icagezwe ca Yehova canditse ku mitima yabo, kandi Yehova yishimikije inkuka y’incungu ya Yezu yarabahariye ivyaha vyabo. (Yeremiya 31:31-34) Abita abagororotsi bwa “bana” kandi abafata nk’aho batagira agasembwa. (Abaroma 8:15, 16, 29, 30) Bagenzi babo b’izindi ntama na bo nyene ivyaha vyabo barabihariwe hishimikijwe inkuka ya Yezu, kandi nka kumwe kwa Aburahamu bariswe abagororotsi baba abakunzi b’Imana biciye ku kwizera. “Bamesuye imvune zabo bazezesha amaraso ya wa Mwagazi.” Vyongeye abo bagenzi babo b’izindi ntama biteganye umushasharo uwundi muhezagiro uhambaye. Bamaze kurokoka “wa mubabaro mwinshi” canke bamaze kuzuka, bazobona iranguka ritari iryo mu buryo bw’ikigereranyo ry’amajambo ya Yesaya 60:21 igihe isi yose izoba iparadizo. (Ivyahishuriwe 7:14; Abaroma 4:1-3) Ico gihe, “abagwaneza bazoragwa igihugu, bazonezererwa amahoro y’umusēsekara.”​—Zaburi 37:11, 29.

      Iyongerekana Rirabandanya

      16. Ni umuhango udasanzwe uwuhe Yehova yatanze, kandi warangutse gute?

      16 Ku murongo wa nyuma wo muri Yesaya 60, dusoma umuhango wa nyuma Yehova atanga muri ico kigabane. Abwira Siyoni ati: “Inkēngērwa izovamw’igihumbi, kandi nyarucari azoba ihanga rikomeye. Jewe Uhoraho nzobishitsa n’ingoga, igihe cavyo kigeze.” (Yesaya 60:22) Muri iki gihe cacu, Yehova yarashikije ijambo ryiwe. Igihe Abakirisu basizwe basubira ku gikorwa mu 1919, bari bake, mu vy’ukuri bari “inkēngērwa.” Igitigiri cabo cariyongereye uko abandi Bisirayeli bo mu buryo bw’impwemu baza barinjizwamwo. Hanyuma maze izindi ntama zatanguye kuguma zirushiriza gusegenyuka ziza kuri bo. Amahoro y’abasavyi b’Imana, ni ukuvuga iparadizo yo mu vy’impwemu iri mu “gihugu” cabo, yarakwegereye abantu b’imitima nziraburyarya, ku buryo vy’ukuri “inkēngērwa” yacitse “ihanga rikomeye.” Muri iki gihe, iryo “hanga,” ni ukuvuga Isirayeli y’Imana hamwe n’“abanyamahanga” biyeguye barenga imiliyoni zitandatu, rigizwe n’abantu benshi kuruta ibihugu vyinshi vyikukiye vyo muri iyi si. (Yesaya 60:10) Abanyagihugu bose baryo baragira uruhara mu gukayanganisha umuco wa Yehova, kandi ivyo bituma bose baba abasharije mu nyonga ziwe.

      17. Iki kiyago cerekeye Yesaya ikigabane ca 60 cagize akosho akahe kuri wewe?

      17 Emwe, kurimbura ivyo vyiyumviro nyamukuru vyo muri Yesaya ikigabane ca 60 birakomeza ukwizera. Birahumuriza kubona ko Yehova yari azi imbere y’igihe cane yuko abasavyi biwe bogiye mu bunyagano bwo mu vy’impwemu maze bakazosubizwa umutamana. Biradutangaza kubona Yehova yari yarabonye imbere y’igihe cane iyongerekana rihambaye ry’abamwambaza b’ukuri muri iki gihe cacu. Ikigeretseko, ese ukuntu bisubiriza umutima mu nda kwibuka yuko Yehova atazoduta! Ese ukuntu biranga urukundo kubona dukurwa amazinda ko amarembo y’“igisagara” azoguma yuguruye kugira ngo yakire neza “abari mu mero nziza y’umutima ituma baronka ubuzima budahera”! (Ivyakozwe 13:48, NW) Yehova azobandanya gukayangana ku basavyi biwe. Siyoni hazobandanya kuba ikintu co kwishimirwa uko abana biwe bareka umuco wabo ukarushiriza gukayangana. (Matayo 5:16) Nta nkeka turiyemeje kuruta ikindi gihe cose kuguma twiyegereje Isirayeli y’Imana no gukunda agateka twatewe ko guca ibibatsi bivuye ku muco wa Yehova!

      Woba Ushobora Kubisigura?

      • Ku vyerekeye ukurwanywa, ni ibiki twizigiye?

      • Ni gute abana ba Siyoni ‘bonse amaberebere y’amahanga’?

      • Ni mu buryo butari bumwe ubuhe Yehova ‘yazanye imiringa mu gishingo c’ibiti’?

      • Ni kamere zibiri izihe zishirwa ahabona muri Yesaya 60:17, 21?

      • “Inkēngērwa” yacitse gute “ihanga rikomeye”?

      [Uruzitiro/Amafoto ku rup. 28]

      UBUHANUZI BWA YESAYA​—Umuco ku Bantu Bose

      Amayagwa ari muri ibi biganiro yashikirijwe mu nsiguro imwe yo ku Mahwaniro y’Intara yo mu 2001/2002 yataziriwe ngo: “Abigisha b’Ijambo ry’Imana.” Ku mpera y’iyo nsiguro, ahatari hake umushikirizansiguro yarasohoye igisohokayandikiro gishasha gifise umutwe uvuga ngo: La prophétie d’Isaïe, lumière pour tous les humains, Volume II. (Ubuhanuzi bwa Yesaya​—Umuco ku Bantu Bose, Imbumbe ya Kabiri) Mu mwaka w’imbere y’aho, hari hasohotse La prophétie d’Isaïe, lumière pour tous les humains, Volume I. (Ubuhanuzi bwa Yesaya​—Umuco ku Bantu Bose, Imbumbe ya Mbere) Kubera ico gisohokayandikiro gishasha casohotse, ubu hariho amayagwa ajanye n’igihe yihweza umurongo ku wundi ico gitabu ca Yesaya. Izo mbumbe biragaragara ko ari imfashanyo nziza ituma dutahura mu buryo bwimbitse igitabu c’ubuhanuzi ca Yesaya kivyura ukwizera igatuma kandi tugikenguruka.

      [Amafoto ku rup. 25]

      Naho haba hari ukurwanywa gukaze, ‘Yehova arashariza abantu biwe akabambika agakiza’

      [Amafoto ku rup. 26]

      Abasavyi b’Imana bakoresha ubutunzi bw’agaciro buvuye mu mahanga kugira ngo bateze imbere ugusenga gutyoroye

      [Ifoto ku rup. 27]

      Yehova yarahezagiye abasavyi biwe mu gutuma bagira iterambere ryo mu vy’ukwungunganya ibintu n’amahoro

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika