-
Igituma bamwe bibagora gukunda ImanaUmunara w’Inderetsi—2013 | 1 Munyonyo
-
-
IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | IBINYOMA VYATUMYE ABANTU BADAKUNDA IMANA
Igituma bamwe bibagora gukunda Imana
“ ‘Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose.’ Iryo ni ryo bwirizwa risumba ayandi rikaba na ryo rya mbere.”—Vyavuzwe na Yezu Kristu, mu mwaka wa 33 mu gihe cacu.a
Hari abantu bigora gukunda Imana. Kuri bo, bisa n’uko Imana ata wushobora kuyitahura, ko iri kure yabo, canke mbere ko ari ruburakigongwe. Raba ivyo bamwebamwe bavuze:
“Naho nasenga Imana ngo imfashe, narumva ko umenga iri kure yanje, ko bisa n’ibidashoboka ko umuntu ayishikira. Nabona ko Imana ari ikintu kitagira inyiyumvo.”—Vyavuzwe na Marco wo mu Butaliyano.
“Naho nari mfise icipfuzo kivuye ku mutima co gukorera Imana, wamenga iri kure cane yanje. Nabona ko itagira ikigongwe, ko ata kindi yipfuza atari ukuduhana. Sinabona ko ifise ikibabarwe.”—Vyavuzwe na Rosa wo muri Gwatemala.
“Nkiri umwana, nemera yuko Imana iguma ituronderako amakosa, ikama yiteguriye kuduhana igihe cose dukoze ikosa. Mu nyuma, nahavuye mbona ko Imana itatunezwe. Nabona ko imeze nk’umushikiranganji wa mbere atunganya ibibazo vy’abatwarwa biwe, ariko mu vy’ukuri atabitaho.”—Vyavuzwe na Raymonde wo muri Kanada.
Uvyibazako iki? Imana yoba itabereye ko tuyikunda? Kuva kera na rindi, hamye hari abakirisu bibaza ico kibazo. Nkako, mu kiringo co hagati y’ikinjana ca 6 n’ica 16 mu gihe cacu, abenshi mu bari mu madini yiyita aya gikirisu ntibanagerageza gusenga Imana Mushoboravyose. Uti kuki? Abantu barayitinya bimwe bikomeye. Umuhinga mu vya kahise yitwa Will Durant abivuga muri ubu buryo ati: “Wumva umucumuzi yari kwubahuka gute gusenga Imana iri kure kandi iteye ubwoba gutyo?”
Vyagenze gute none ngo Imana ibonwe ko “iri kure kandi iteye ubwoba”? Mu vy’ukuri, Bibiliya yigisha iki ku bijanye n’Imana? Kumenya ukuri ku vyerekeye Imana vyoba vyogufasha kuyikunda?
-
-
Ikinyoma catumye Imana ibonwa ko itagira izinaUmunara w’Inderetsi—2013 | 1 Munyonyo
-
-
IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | IBINYOMA VYATUMYE ABANTU BADAKUNDA IMANA
Ikinyoma catumye Imana ibonwa ko itagira izina
IVYO BENSHI BEMERA
“Ntiturumvikana nimba twonavuga ko Imana ifise izina, canke ngo tumenye iryo ari ryo nimba irifise.”—Vyavuzwe n’umuhinga mu vy’idini yitwa David Cunningham, mu gitabu Theological Studies.
ICO BIBILIYA IBIVUGAKO
Imana yavuze iti: “Ndi Yehova. Iryo ni ryo zina ryanje.” (Yesaya 42:8) Yehova ni izina ry’igiheburayo risobanura ngo “Atuma biba.”—Raba Inyongera ya 1 ku ngingo ya 1 muri Bibiliya y’isi nshasha.
Yehova yipfuza ko dukoresha izina ryiwe. Bibiliya ivuga iti: “Nimwambaze izina ryiwe. Nimumenyeshe mu bisata vy’abantu ivyo akora. Nimuvuge yuko izina ryiwe rishizwe hejuru.”—Yesaya 12:4.
Yezu yarakoresha izina ry’Imana. Ku bijanye n’abigishwa biwe, yasenze Yehova ati: “Narabamenyesheje izina ryawe, kandi nzorimenyekanisha.” Ni kubera iki none Yezu yamenyesheje abigishwa biwe izina ry’Imana? Yabandanije ati: “Kugira ngo urukundo wankunze rube muri bo nanje nunge ubumwe na bo.”—Yohani 17:26.
IGITUMA BIHAMBAYE
Umwigisha w’ivy’idini yitwa Walter Lowrie yanditse ati: “Umuntu atazi izina ry’Imana nta yo aba azi vy’ukuri, kandi ntashobora kuyikunda mu gihe yoba yiyumvira gusa ko Imana ari inguvu nsigabwenge.”
Umugabo umwe yitwa Victor, buri ndwi yahora aja gusenga, ariko yabona ko atazi Imana vy’ukuri. Avuga ati: “Igihe namenya ko izina ry’Imana ari Yehova, wamenga ni ho ngitangura kuyimenya. Numvise umengo ngiye nabona uwo nari maze igihe numva amakuru menshi amwerekeye. Nahavuye mbona ko Imana ibaho koko nongera ndagiranira ubucuti na yo.”
Yehova na we ariyegereza abantu bakoresha izina ryiwe. Ku bijanye n’ “abiyumvira izina ryiwe,” asezerana ati: “Nzobagirira impuhwe nk’uko umuntu agirira impuhwe umwana wiwe amukorera.” (Malaki 3:16, 17) Imana iraha impera abambaza izina ryayo. Bibiliya ivuga iti: “Umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokizwa.”—Abaroma 10:13.
-
-
Ikinyoma catumye Imana ibonwa ko ari amayoberaUmunara w’Inderetsi—2013 | 1 Munyonyo
-
-
IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | Ibinyoma vyatumye abantu badakunda Imana
Ikinyoma catumye Imana ibonwa ko ari amayobera
IVYO BENSHI BEMERA
Idini rya gikirisu “mu mice yaryo itatu nyamukuru, ni ukuvuga Ekleziya gatolika, orotodogisi be n’abaporoti, ryemera ko Imana igizwe n’abaperesona batatu: Imana Data, Imana Mwana, n’Imana Mutima Mweranda (impwemu yera). Nk’uko inyigisho yabo ibivuga, ntibemera imana zitatu ariko bemera yuko abo baperesona batatu bagize Imana imwe rudende.”—Vyakuwe mu gitabu The New Encyclopædia Britannica.
ICO BIBILIYA IBIVUGAKO
Yezu Umwana w’Imana ntiyigeze avuga ko angana na Se canke ko asangiye ubwoko na Se. Ahubwo yavuze ati: “Ngiye kwa Data, kuko Data anduta.” (Yohani 14:28) Yabwiye kandi umwe mu bayoboke biwe ati: “Ngira nduge kwa Dawe ari we So, ku Mana yanje ari yo Mana yanyu.”—Yohani 20:17.
Impwemu nyeranda si imana canke umuperesona. Abakirisu bo mu ntango “[barujujwe] impwemu nyeranda,” kandi Yehova yavuze ati: “Nzosuka igice c’impwemu yanje ku bari n’umubiri b’ubwoko bwose.” (Ivyakozwe 2:1-4, 17) Impwemu nyeranda ntiri mu Butatu. Ni inguvu zikora z’Imana.
IGITUMA BIHAMBAYE
Abahinga b’abagatolika Karl Rahner na Herbert Vorgrimler, basigura yuko Ubutatu “ata wushobora kubutahura atabihishuriwe, kandi ko n’igihe yobihishurirwa adashobora kubutahura neza na neza.” Vyoba vyoshoboka none ko ukunda vy’ukuri uwo udashobora kumenya canke gutahura? Uca ubona rero ko inyigisho y’Ubutatu ari intambamyi mu bijanye no kumenya Imana no kuyikunda.
Marco, umwe yavugwa mu kiganiro ca mbere, yarabonye ko inyigisho y’Ubutatu ari intambamyi. Avuga ati: “Nabona ko Imana idashaka ko menya akaranga kayo, ivyo bikaba vyatuma ndushiriza kubona ko iri kure yanje, ko ari amayobera be n’uko ata woyiyegereza.” Ariko rero, Bibiliya ivuga ko Imana “itari kure y’umwe wese muri twebwe.” (Ivyakozwe 17:27) Imana ntiyaduhishije akaranga kayo. Iripfuza ko tuyimenya. Yezu yavuze ati: “Dusenga ico tuzi.”—Yohani 4:22.
Marco avuga ati: “Igihe namenya ko Imana atari Ubutatu, vyahavuye bikunda ko ngiranira ubucuti na yo.” Igihe dutahuye ko Yehova atari mu bigize Ubutatu be n’uko atari amayobera, bica vyoroha cane ko tumukunda. Bibiliya ivuga iti: “Uwudakundana ntiyamenye Imana, kuko Imana ari urukundo.”—1 Yohani 4:8.
-
-
Ikinyoma catumye Imana ibonwa ko ari ruburakigongweUmunara w’Inderetsi—2013 | 1 Munyonyo
-
-
IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | IBINYOMA VYATUMYE ABANTU BADAKUNDA IMANA
Ikinyoma catumye Imana ibonwa ko ari ruburakigongwe
IVYO BENSHI BEMERA
“Ababa barakoze igicumuro co kubicisha, bakimara gupfa imitima yabo ica imanuka mu muriro w’i kuzimu, aho ironkera igihano c’i kuzimu, ni ukuvuga ‘umuriro udahera.’ ” (Catechism of the Catholic Church) Indongozi z’amadini zimwezimwe zivuga yuko abari mu muriro udahera batandukanijwe rwose n’Imana.
ICO BIBILIYA IBIVUGAKO
Bibiliya ivuga iti: “Umuntu acumura ni we azopfa.” (Ezekiyeli 18:4) Ivuga kandi yuko abapfuye “[ata] co bazi namba.” (Umusiguzi 9:5) Urabona ko igihano c’umucumuzi ari urupfu, atari ukubabarizwa mu muriro. Vyongeye, nimba abapfuye ata co bazi, wumva none umuriro udahera wobababaza gute canke ngo bababazwe n’ukuba baratandukanijwe n’Imana ibihe bidahera?
Muri Bibiliya, ijambo ry’igiheburayo n’iry’ikigiriki akunze guhindurwa ngo “i kuzimu,” mu vy’ukuri asobanura imva y’abantu bose. Nk’akarorero, igihe Yobu yari asinzikajwe n’indwara, yasenze ati: “Icompa ukampisha i kuzimu.” (Yobu 14:13, Bibiliya Yera) Ico gihe Yobu yipfuza kuruhukira mu mva, ntiyipfuza kuja ahantu ho kubabarizwa canke ho gutandukanywa n’Imana.
IGITUMA BIHAMBAYE
Imana ruburakigongwe ntidushobora kuyikunda; ahubwo twoyica kure. Rocío wo muri Megizike avuga ati: “Nigishijwe umuriro udahera kuva nkiri umwana. Vyarantera ubwoba cane ku buryo ntashobora kwiyumvira ko Imana ifise kamere nziza n’imwe. Nabona ko yama yarakaye kandi ko ata we yihanganira.”
Ivyo Bibiliya ivuga mu buryo butomoye ku bijanye n’ibihano Imana itanga be n’ukuntu abapfuye bamerewe, vyarahinduye ukuntu Rocío yabona Imana. Avuga ati: “Naciye numva umengo ndabohowe, mera nk’aho ndemuruwe umutwaro nari nikoreye. Naciye ntangura kwemera ko Imana itwipfuriza ivyiza, ko idukunda kandi ko nanje nshobora kuyikunda. Imana imeze nka sebibondo afata ukuboko abana biwe kandi abipfuriza ivyiza.”—Yesaya 41:13.
Abantu benshi barihatira gukora ibigororotse kubera batinya umuriro udahera, ariko Imana ntishaka ko uyikorera kubera igutera ubwoba. Ahubwo Yezu yavuze ati: “Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe.” (Mariko 12:29, 30) Vyongeye, iyo tumenye ko Imana itarenganya, birashobora gutuma twizigira ko n’ibihano izotanga muri kazoza bitazobamwo akarenganyo. Nka kumwe kwa Elihu wa mugenzi wa Yobu, turashobora kuvuga ata mazinda duti: “Kirazira yuko Imana y’ukuri yogira ivy’ububisha, yuko Mushoboravyose yorenganya.”—Yobu 34:10.
-
-
Ukuri kurashobora gutuma widegemvyaUmunara w’Inderetsi—2013 | 1 Munyonyo
-
-
IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | IBINYOMA VYATUMYE ABANTU BADAKUNDA IMANA
Ukuri kurashobora gutuma widegemvya
Umusi umwe i Yeruzalemu, Yezu yariko aravuga ivyerekeye Se wiwe Yehova yongera ashira ku kabarore indongozi z’idini z’ikinyoma zo mu gihe ciwe. (Yohani 8:12-30) Ivyo yavuze ico gihe biratwigisha ingene twosuzuma ivyo abantu benshi bemera ku vyerekeye Imana muri iki gihe. Yezu yavuze ati: “Nimwaguma mw’ijambo ryanje, muri abigishwa banje vy’ukuri, kandi muzomenya ukuri, kandi ukuri kuzobagira abidegemvya.”—Yohani 8:31, 32.
“Nimwaguma mw’ijambo ryanje.” Ayo majambo ya Yezu arerekana ico twofatirako mu kuraba nimba inyigisho z’idini kanaka ari “ukuri.” Igihe wumvise ikintu kanaka cerekeye Imana, niwibaze uti: ‘Ico kintu coba gihuje n’amajambo ya Yezu be n’ibindi bivugwa mu Vyanditswe Vyeranda?’ Niwigane abumvirije intumwa Paulo bakongera “ba[ga]suzuma Ivyanditswe ku musi ku musi bavyitondeye ngo barabe ko ivyo [yariko arabigisha] ari ko biri.”—Ivyakozwe 17:11.
Marco, Rosa na Raymonde, abo bose bakaba bavuzwe mu kiganiro ca mbere, barasuzumye bitonze ivyo bemera mu kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. None ni igiki bahungukiye?
Marco avuga ati: “Uwatwigisha Bibiliya yakoresha Ivyanditswe mu kwishura ikibazo cose twe n’umukenyezi wanje twaba tubajije. Urwo dukunda Yehova rwaratanguye kwongerekana, ubucuti mfitaniye n’umukenyezi wanje na bwo burarushiriza gukomera!”
Rosa avuga ati: “Mu ntango, niyumvira yuko Bibiliya ari igitabu gusa kigerageza gusigura ivy’Imana cisunze ivyiyumviro vy’abantu. Ariko rero, buhorobuhoro nararonse inyishu zishingiye kuri Bibiliya z’ibibazo nari mfise. Ubu Yehova si umugani kuri jewe. Ndashobora kumwizigira.”
Raymonde na we avuga ati: “Narasavye Imana ngo imfashe kumenya ibiyerekeye. Haciye igihe gito, jewe n’umugabo wanje twaratanguye kwiga Bibiliya. Amaherezo, twaramenye ukuri kwerekeye Yehova! Ntiworaba ingene twanezerewe no kumenya ukuntu iyo Mana imeze!”
Bibiliya ntishira gusa ahabona ibinyoma vyigishwa ku vyerekeye Imana; iranaduhishurira ukuri kwerekeye kamere zayo z’igikundiro. Ni Ijambo ryayo ryahumetswe, kandi riradufasha “[kumenya] ibintu Imana yaduhaye n’umutima ukunze,” ni ukuvuga ukuri kwerekeye Imana n’imigambi yayo. (1 Abakorinto 2:12) Ubona gute wirabiye ukuntu Bibiliya ishobora kwishura ibibazo bisanzwe yamara bihambaye abantu bakunze kwibaza ku vyerekeye Imana, umugambi wayo be na kazoza kacu? Niwisomere inyishu z’ibibazo bimwebimwe mwene ivyo kuri www.jw.org munsi y’ahavuga ngo “Inyigisho zo muri Bibiliya > Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya.” Ukoresheje uwo muhora, urashobora kandi gusaba kugirirwa inyigisho ya Bibiliya canke ukabisaba Icabona ca Yehova. Turizigiye yuko niwabigira uzosanga gukunda Imana vyoroshe kuruta uko wahora uvyiyumvira.
-