ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kubera iki Imana ireka tugashikirwa n’imibabaro?
    Umunara w’Inderetsi—2014 | 1 Nzero
    • Sofiya: Nta ngorane. Havuga hati: “Inzoka ni yo yari igikoko ciyubara kuruta ibikoko vyose vyo mu gahinga Yehova Imana yari yararemye. Ibwira rero nya mugore iti: ‘Ni ivy’ukuri yuko Imana yavuze ngo ntimuze murye ku giti na kimwe co mu murima?’ Uwo mugore na we abwira iyo nzoka ati: ‘Ivyamwa vy’ibiti vyo mu murima turashobora kubiryako. Mugabo ku bijanye n’ukurya ku vyamwa vy’igiti kiri hagati na hagati mu murima, Imana yavuze iti: “Ntimuze mukiryeko, oya, ntimuze mugikoreko, kugira ntimupfe.” ’ Iyo nzoka ica ibwira uwo mugore iti: ‘Haba namba ntimuzopfa. Kuko Imana izi yuko umusi nyene mwakiriyeko amaso yanyu azoca yuguruka mugaca mumera nk’Imana, mukamenya iciza n’ikibi.’ ”

  • Kubera iki Imana ireka tugashikirwa n’imibabaro?
    Umunara w’Inderetsi—2014 | 1 Nzero
    • Janine: Neza cane. Mu majambo Shetani yaciye yongerako, yaragirije Imana bimwe bikomeye. Yavuze ati: “Haba namba ntimuzopfa.” Shetani yari yise Imana umubeshi.

      Sofiya: Ivyo bimbereye bishasha!

      Janine: Kandi igihe Shetani yita Imana umubeshi, yaravyuye ikibazo cosavye umwanya kugira ngo gitorerwe umuti. Woba utahura igituma?

      Sofiya: Sindabitahura neza.

      Janine: Reka ndabitangire akarorero. Dufate ko nje nkakubwira ko ndagusumvya inguvu. Wompinyuza gute?

      Sofiya: Nibaza ko twoca dukora ikintu cokwerekana uwusumvya uwundi inguvu.

      Janine: Ni vyo. Kumbure twohitamwo ikintu kanaka kiremereye maze tukaraba uwushoboye kugiterura. Mu bisanzwe, kwerekana uwurusha uwundi inguvu ntibigoye.

      Sofiya: Ndabona ico ushaka kuvuga.

      Janine: Ariko dufate ko aho kuvuga ko ndakurusha inguvu, mvuze yuko ndi imvugakuri kukurusha? Urumva nawe ko atari cokimwe, ndabeshe?

      Sofiya: Nanje ni ko ndavyumva.

      Janine: Nakare, ico umuntu yokora kugira yerekane ko afise inguvu si co yokora kugira yerekane ko ari imvugakuri.

      Sofiya: Aho ntubeshe.

      Janine: Mu vy’ukuri, uburyo bumwe rudende bwo gutorera umuti ico kibazo kwoba ukureka hagaca igihe kugira ngo abantu batwihweze, barabe uwuvuga ukuri gusumba uwundi muri twebwe uwo ari we.

      Sofiya: Ivyo birumvikana.

      Janine: Reka rero tugaruke muri ya nkuru yo mw’Itanguriro. Shetani yoba yavuze ko arusha inguvu Imana?

      Sofiya: Oya.

      Janine: Iyo Shetani avuga ukwo, ubwo nyene Imana yari guca imubeshuza. Ahubwo Shetani yerekanye ko ari imvugakuri gusumba Imana. Ni nk’aho yabwiye Eva ati: ‘Imana iriko irakubesha, mugabo jewe ndiko nkubwira ukuri.’

      Sofiya: Uzi ko ari vyo?

      Janine: Kubera ko Imana ifise ubukerebutsi, yaciye ibona ko uburyo bwiza kuruta ubundi bwo gutorera umuti ico kibazo ari ukureka hagaca igihe. Uwuvuga ukuri n’uwubesha, botevye bakamenyekana.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika