ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Nutahure neza wongere uhe agaciro uruhara rudasanzwe Yezu arangura mu mugambi w’Imana
    Umunara w’Inderetsi—2008 | 15 Kigarama
    • “Uruvyaro” rwari rwaravuzwe

      18. Ni ubuhanuzi ubuhe bwavuzwe Adamu amaze gucumura, kandi ni ibiki vyahishuwe mu nyuma ku bijanye n’ubwo buhanuzi?

      18 Kuva muri Edeni, igihe vyasa n’uko abantu bari batakaje ibintu vyose, ni ukuvuga impagararo ityoroye imbere y’Imana, ubuzima budahera, agahimbare be n’Iparadizo, Yehova Imana yaramenyesheje imbere y’igihe ko hazobaho Umutabazi. Uwo yiswe ko ari “uruvyaro.” (Ita. 3:15) Urwo Ruvyaro rutari ruzwi neza rwaravuzwe mu buhanuzi bwa Bibiliya butari buke kuva kera na rindi. Rwokomotse kuri Aburahamu, Izahaki na Yakobo. Rwovuye kandi mu muryango w’Umwami Dawidi.​—Ita. 21:12; 22:16-18; 28:14; 2 Sam. 7:12-16.

      19, 20. (a) Rwa Ruvyaro rwasezeranywe ni nde? (b) Ni kubera iki vyovugwa ko rwa ruvyaro rwari rwaravuzwe rurimwo n’abandi uretse Yezu?

      19 Ni nde yari urwo Ruvyaro rwasezeranywe? Inyishu y’ico kibazo turashobora kuyisanga mu Bagalatiya 3:16. (Soma.) Yamara rero, mu mirongo ikurikira yo muri ico kigabane nyene, intumwa Paulo abandanya abarira abakirisu basizwe ati: “Vyongeye, nimba muri aba Kristu, muri uruvyaro rwa Aburahamu vy’ukuri, ba samuragwa ku bijanye n’umuhango.” (Gal. 3:29) Bigenda gute ngo Kristu abe ari we rwa Ruvyaro rwasezeranywe, yamara kandi hakaba harimwo n’abandi?

      20 Hariho abantu amamiliyoni bivugisha ngo bakomoka kuri Aburahamu, bamwebamwe mbere bakigira nk’abahanuzi. Amadini amwamwe araha agaciro kanini cane ivy’uko ngo abahanuzi bayo bakomotse kuri Aburahamu. Yamara none, ubwo abo bantu bose bagize rwa Ruvyaro rwasezeranywe? Habe namba! Nk’uko intumwa Paulo abivuga ahumekewe, si abantu bose bakomoka kuri Aburahamu bashobora kwemeza ngo bagize rwa Ruvyaro rwasezeranywe. Abakomotse ku bandi bana ba Aburahamu ntibakoreshejwe mu guhezagira umuryango w’abantu. Uruvyaro rwotumye bahezagirwa rwari kuboneka biciye kuri Izahaki gusa. (Heb. 11:18) Neza na neza rero, umuntu umwe rudende, ni ukuvuga Yezu Kristu, uwo ivy’uko akomoka mu muryango wa Aburahamu vyerekanwa neza muri Bibiliya, ni we gihimba nyamukuru c’urwo ruvyaro rwari rwaravuzwe.b Abandi bantu bose bacika mu nyuma abagize igihimba c’inyongera c’uruvyaro rwa Aburahamu baba gutyo kubera yuko ari “aba Kristu.” Ego cane, uruhara Yezu arangura mu gushitsa ubwo buhanuzi, mu vy’ukuri ntirusanzwe.

  • Nutahure neza wongere uhe agaciro uruhara rudasanzwe Yezu arangura mu mugambi w’Imana
    Umunara w’Inderetsi—2008 | 15 Kigarama
    • Woba uvyibuka?

  • Nutahure neza wongere uhe agaciro uruhara rudasanzwe Yezu arangura mu mugambi w’Imana
    Umunara w’Inderetsi—2008 | 15 Kigarama
Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika