-
“Naho yapfuye, aracavuga”Umunara w’Inderetsi—2013 | 1 Nzero
-
-
Niba yaravyiyumviriye, yarihenze cane. Vyongeye, niba we na Adamu barateye ico ciyumviro muri Kayini uko yagenda arakura, mu vy’ukuri nta co bamufashije kugira ngo atsinde agatima k’ubwibone karanga abantu badatunganye. Mu nyuma, Eva yaravyaye uwundi mwana, mugabo nta majambo yo kumuhayagiza bamuvuzeko. Bamwise Abeli, ibishobora gusobanura ngo “Impemu zisohotse,” canke “Ubusa.” (Itanguriro 4:2) Kubona baramwise iryo zina, vyoba vyerekana ko ata vyinshi bari bamwitezeko nk’ivyo bari biteze kuri Kayini? Nta wovyemeza.
-
-
“Naho yapfuye, aracavuga”Umunara w’Inderetsi—2013 | 1 Nzero
-
-
Uko nya bahungu babiri bagenda barakura, birashoboka ko Adamu yabamenyereje gukora ibikorwa vyotunga umuryango. Kayini yabaye uburimyi, Abeli na we aba umwungere.
-
-
“Naho yapfuye, aracavuga”Umunara w’Inderetsi—2013 | 1 Nzero
-
-
Nta gukeka ko Abeli yafata umwanya wo kuzirikana ku vyerekeye Imana. Numere nk’uwumubona mu bwenge ariko aritwararika ibitungwa vyiwe. Kuba umwungere vyasaba gukomeza amaguru. Ivyo bitungwa bitagorana yarabijana ku misozi, mu myonga, akabijabukana inzuzi, arondera ahari ubwatsi buremvye kuruta ahandi, ibinogo bimeze neza vy’amazi y’ibitungwa vyiwe, be n’ahantu hameze neza vyoruhukira. Mu vyo Imana yaremye vyose, intama ni vyo biremwa vyasa n’ibikeneye gufashwa kuruta ibindi, nk’aho umengo vyaremwe ku buryo bikenera umuntu abiyobora akongera akabikingira. Abeli yoba na we nyene yarabona ko akeneye kuyoborwa, gukingirwa no kwitwararikwa n’Imana y’ubukerebutsi n’ububasha biruta ivy’uwundi muntu uwo ari we wese? Nta gukeka yuko mu masengesho yatura yashiramwo ivyiyumviro nk’ivyo, kandi ivyo vyaratumye ukwizera kwiwe kubandanya gukomera.
Ivyaremwe ni kimwe mu bintu bikomeye vyafashije Abeli kwizera Umuremyi wiwe munyarukundo
-