-
Icokwitwa “igitabu” ca Nowa hoba hari akamaro kidufitiye?Umunara w’Inderetsi—2003 | 15 Rusama
-
-
Ubu na ho, ubona wosoma Itanguriro 8:5-17? Udutwe tw’imisozi twagiye kuboneka inyuma y’amezi nk’abiri n’igice (ni ukuvuga imisi 73), hakaba hari “mu kwezi kw’icumi [ni ukuvuga Ruheshi], ku musi wakwo wa mbere” (Itanguriro 8:5)b. Haciye amezi atatu (ni ukuvuga imisi 90), “mu mwaka [wa Nowa ugira] amajana atandatu na rimwe, mu kwezi kwa mbere, ku musi wakwo wa mbere”, ni ukuvuga hagati na hagati muri Nyakanga mu 2369 B.G.C., Nowa yarakuyeho icari gisakaye ubwato. Ico gihe yarashoboye kwitegereza abona “isi yūmūtse” (Itanguriro 8:13). Hashize ukwezi kumwe n’imisi 27 (ni ukuvuga imisi 57), “mu kwezi kwa kabiri, ku musi wakwo wa mirongwibiri n’indwi [ni ukuvuga hagati na hagati muri Munyonyo mu 2369 B.G.C.], isi irūma”. Nowa n’umuryango wiwe ico gihe baciye bava mu bwato baza kw’isi yumye. Gutyo, Nowa n’abo bari kumwe bamaze mu bwato umwaka uharuriwe ku mboneko z’ukwezi n’imisi cumi (ni ukuvuga imisi 370).—Itanguriro 8:14.
-
-
Icokwitwa “igitabu” ca Nowa hoba hari akamaro kidufitiye?Umunara w’Inderetsi—2003 | 15 Rusama
-
-
b Igitabu kimwe (Kei-Delitzsch Commentary on the Old Testament, imbumbe ya 1, urupapuro rw’148) kivuga giti: “Birashoboka yuko haciye imisi 73 ubwato buhagaze, udutwe tw’imisozi twaboneka, ni ukuvuga udutwe tw’imisozi yo muri Arumeniya yari ibukikije”.
-