ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • “Ni nde yamenye umuzirikanyi wa Yehova?”
    Umunara w’Inderetsi—2010 | 15 Gitugutu
    • 13. Gutahura ukuntu Yezu yiyumvira bidufasha gute?

      13 Gutahura ukuntu Yezu yiyumvira biradufasha gutahura imirongo yo mu Vyanditswe yoshobora kuba igoye gutegera. Nk’akarorero, rimbura amajambo Yehova yabwiye Musa inyuma y’aho Abisirayeli bahinguriye inyana y’inzahabu kugira ngo bayisenge. Imana yavuze iti: “Nitegereje aba bantu: emwe, ni abantu b’izosi ridadaraye. Ubu rero ndeka nkwereke, ishavu ryanje ribarurumbire, ndabatikize, nawe ndagukuremwo ihanga rikomeye.”​—Kuv. 32:9, 10.

      14. Musa yakiriye gute ivyo Yehova yari amubwiye?

      14 Iyo nkuru ibandanya kuvuga iti: “Musa aca atangura gutakambira Yehova Imana yiwe ati: ‘Kubera iki ga Yehova, ishavu ryawe ryokwirirwa rirarurumbira abantu bawe wakuye mu gihugu ca Misiri ku bubasha buhambaye no ku kiganza gikomeye? Kubera iki Abanyamisiri bokwirirwa baravuga ngo: “Yabakuyeyo mu ntumbero mbi kugira abicire mu misozi no kugira abatikize ku buringanire bw’ubutaka”? Hindukira, ureke ishavu ryawe rirurumba, wicuze ku nabi wagira ukorere abantu bawe. Ibuka Aburahamu, Izahaki na Isirayeli abasavyi bawe, abo warahiye wewe nyene, mu kubabwira uti: “Nzogwiza uruvyaro rwanyu nk’inyenyeri zo mu majuru, kandi iki gihugu cose nerekanye nzogiha uruvyaro rwanyu, kugira ngo bacigabire koko gushika igihe kitagira urugero.”’ Nuko Yehova atangura kwicuza ku nabi yari yavuze ko akorera abantu biwe.”​—Kuv. 32:11-14.a

      15, 16. (a) Ivyo Yehova yavuze vyatumye Musa aronka akahe karyo? (b) Ni mu buryo nyabaki Yehova ‘yicujije’?

      15 Musa yoba vy’ukuri yari akeneye gukosora ukuntu Yehova yiyumvira? Habe namba! Naho Yehova yaseruye ico yashaka gukora, iyo si yo yari ingingo yiwe ya nyuma. Mu bisanzwe mu kuvuga ayo majambo, Yehova yariko arageza Musa, nk’uko mu nyuma Yezu yagejeje Filipo na wa mugore w’Umugirikikazi. Musa yarahawe akaryo ko guserura ukuntu abona ibintu.b Yehova yari yagenye Musa ngo abe umuhuza hagati yiwe na Isirayeli, kandi yarubahiriza ukuba yari yaramugenye ngo arangure urwo ruhara. Musa yoba yari gutwarwa n’ishavu? Yoba yari gufatira kuri ako karyo kugira aremeshe Yehova ngo yibagire ibijanye na Isirayeli maze atume abakomoka kuri Musa bacika ihanga rikomeye?

  • “Ni nde yamenye umuzirikanyi wa Yehova?”
    Umunara w’Inderetsi—2010 | 15 Gitugutu
    • b Nk’uko incabwenge zimwezimwe zibivuga, imvugo y’igiheburayo yahinduwe ngo “ndeka nkwereke” muri Kuvayo 32:10 yoshobora gufatwa yuko ari iciyumviro cari gitanzwe c’uko Musa yokwemerewe kuba umuhuza, canke ‘guhagarara mu mukokwe,’ kibure mu gihengeri, hagati ya Yehova n’iryo hanga. (Zab. 106:23; Ezk. 22:30) Uko vyoba biri kwose, biboneka ko Musa yumva yisanze mu gushikiriza Yehova iciyumviro ciwe.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika