ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yehova Ni We Karorero Ntangere mu vy’Ukumera Neza
    Umunara w’Inderetsi—2002 | 1 Ruhuhuma
    • 12 Ukumera neza kwa Yehova kwaciye imbere ya Musa ku musi ukurikira ku Musozi Sinayi. Ico gihe, Musa yarabutswe ubwiza bw’Imana yumva n’aya majambo agira ati: “[“Yehova, Yehova, Imana y’ikigongwe n’ubugwaneza, iteba gushavura kandi igwije ubuntu-mvarukundo n’ukuri, izigama ubuntu-mvarukundo ku bw’abantu ibihumbi, ikarekurira ikosa n’icaha n’igicumuro, mugabo ntaho izokura ku muntu igihano,” NW]; mpōra abana ibigabitanyo vya ba se, nkageza ku buzukuru no ku runganwe rwabo rugira gatatu no ku rugira kane.” (Kuvayo 34:6, 7) Ayo majambo yerekana yuko ukumera neza kwa Yehova gufitaniye isano n’ubuntu-mvarukundo bwiwe be n’iyindi mice ya kamere ziwe. Turimbuye ivyo bintu bizodufasha kugaragaza ko tumeze neza. Nimuze tubanze turimbure kamere yavuzwe incuro zibiri muri ayo majambo y’akaroruhore avuga ivy’ukumera neza kw’Imana.

  • Yehova Ni We Karorero Ntangere mu vy’Ukumera Neza
    Umunara w’Inderetsi—2002 | 1 Ruhuhuma
    • 13. Mu majambo yerekeye ukumera neza kw’Imana, ni kamere iyihe ivugwa incuro zibiri kandi ni kuki ivyo bibereye?

      13 “Yehova [ni] Imana . . . igwije ubuntu-mvarukundo . . . , izigama ubuntu-mvarukundo ku bw’abantu ibihumbi.” Ijambo ry’Igiheburayo ryahinduwe ngo “ubuntu-mvarukundo” risobanura kandi “urukundo rudahemuka.” Ni yo kamere yonyene igaruka incuro zibiri mu majambo Imana yabwiye Musa. Ese ukuntu bibereye, kubera na kare kamere nyamukuru ya Yehova ari urukundo! (1 Yohana 4:8) Ya majambo azwi cane yo gushemeza Yehova avuga ngo ‘kuko ameze neza, kuko ubuntu-mvarukundo bwiwe bwamaho ibihe bidashira,’ arashimika kuri iyo kamere.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika