-
‘Ivyo bize bibabere Icibutso’Umunara w’Inderetsi—2013 | 15 Kigarama
-
-
9. Twisunze ibivugwa muri Kuvayo 12:6, umwagazi w’intama wa Pasika wabwirizwa gukererwa ryari? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “Ni igice ikihe c’umusi?”)
9 Igitabu kimwe (The Pentateuch and Haftorahs) cerekana ko muri Kuvayo 12:6 havuga yuko uwo mwagazi w’intama wabwirizwa gukererwa “hagati ya ya migoroba ibiri.” Bibiliya zimwezimwe zikoresha ayo majambo nyene. Izindi, harimwo n’igitabu ceranda c’Abayuda (Tanakh), zihahindura ngo “mu gahwibi.” Izindi na zo zihahindura ngo “buhwibiriye,” canke ngo “izuba rirenze.” Ku bw’ivyo, uwo mwagazi w’intama wabwirizwa gukererwa izuba rimaze kurenga mugabo hakibona, mu ntango yo ku wa 14 Nisani.
10. Nk’uko bamwebamwe babivuga, umwagazi w’intama wakererwa ryari, mugabo ivyo bivyura ikibazo ikihe?
10 Mu nyuma, Abayuda bamwebamwe biyumviriye yuko gukerera imyagazi y’intama yose yazanwa ku rusengero vyari gutwara amasaha atari make. Ni co gituma vyatahurwa ko muri Kuvayo 12:6 herekeza ku mpera z’uwa 14 Nisani, hagati y’igihe izuba ryaba ritanguye kurenga (ku muhingamo) be n’impera z’uwo musi izuba rirenze. Ariko none nimba ari ukwo vyasobanura, izo mfungurwa zaribwa ryari? Porofeseri Jonathan Klawans, akaba ari umuhinga mu bijanye n’idini ry’Abayuda rya kera, yavuze ati: “Umusi mushasha utangura izuba rirenze, akaba ari co gituma ico kimazi gitangwa ku wa 14 mugabo Pasika hamwe n’ivyo bifungurwa mu vy’ukuri bigatangura ku wa 15, naho ukwo gukurikirana kw’amatariki kudatomorwa muri Kuvayo.” Yanditse kandi ati: “Ibitabu vy’Abarabi . . . ntibinatubwira ukuntu Seder [imfungurwa za Pasika] yagirwa imbere y’itikizwa rya rwa Rusengero” mu 70 G.C.—Ni twe dushimitse.
-