ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 1/6 rup. 6
  • Mu vy’ubuhinga ntiyihenda

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Mu vy’ubuhinga ntiyihenda
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ivyo bijanye
  • Isi itarimwo indwara
    Be maso!—2004
  • Umwe gusa ni we yibutse gushima
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ico ubuhinga bukumariye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Indwara yateye ubwoba abantu kuruta izindi zose zo mu kinjana ca 19
    Be maso!—2011
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 1/6 rup. 6

Mu vy’ubuhinga ntiyihenda

“Mbega kugeza ubu sinakwandikiye nkoresheje impanuro n’ubumenyi, kugira nkwereke ukuri kw’amajambo nyakuri, ngo ugarukane amajambo y’ukuri?”​—IMIGANI 22:20, 21.

BIBILIYA ITANDUKANIYE HE N’IBINDI BITABU? Mu bitabu vya kera usanga kenshi harimwo ivyiyumviro bitari vyo kandi birimwo akaga vyamaze kubeshuzwa n’ubuhinga bwa none. No muri iki gihe, biraba ngombwa ko abanditsi baryohora ibitabu vyabo kugira babihuze n’ibintu bishasha vyubuwe. Ariko Bibiliya ivuga ko yakomotse ku Muremyi be n’uko Ijambo ryiwe “ryamaho ibihe vyose.”​—1 Petero 1:25.

AKARORERO: Rya Tegeko rya Musa ryasaba Abisirayeli kuzika umwanda wabo mukuru mu kinogo “hanze y’ikambi.” (Gusubira mu vyagezwe 23:12, 13) Abisirayeli baramutse bakoze ku muvyimba w’igikoko canke w’umuntu, basabwa guca bamesa impuzu zabo bakongera bakiyuhagira mu mazi. (Abalewi 11:27, 28; Guharūra 19:13, 19) Ico gihe abanyamibembe barashirwa ukwabo gushika umubiri wabo usuzumwe bikemezwa ko batagishobora kwandukiza abandi.​—Abalewi 13:1-8.

IVYO UBUVUZI BWA NONE BUHISHURA: Gukura imyanda, gukaraba no gushira abarwaye ukwa bonyene buracari bwo buryo ngirakamaro bwo kurwanya indwara. Mu gihe ata tuzu twa surwumwe canke ahandi hantu ho gushira imicafu biriho, ibigo vyo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika biraba ivyo gukinga indwara no kuzibuza gukwiragira bitanga iyi mpanuro: “Niwitume ku metero n’imiburiburi 30 kure y’ahari amazi uheze uhambe umwanda wawe mukuru.” Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu rivuga ko igihe abo mu kibano bakuraho amazirantoke mu buryo bwiza bigabanya indwara y’ugucibwamwo ku bice 36 kw’ijana. Ubu haraheze imyaka idashika 200 abaganga bubuye yuko kudakaraba bahejeje gukora ku biziga vyatumye banduza indwara abarwayi benshi. N’ubu vya bigo bivuga ko gukaraba ari “bwo buryo bwiza kuruta ubundi bwose bwo gukinga ukwandukizanya indwara.” Bite ho ku bijanye no gushira abarwaye imibembe canke izindi ndwara ukwa bonyene? Ikinyamakuru kimwe c’ivy’ubuvuzi (Saudi Medical Journal) giheruka kuvuga giti: “Iyo ikiza kikiri mu ntango, gushira abamaze kwandura ukwa bonyene bwoshobora kuba bwo buryo bwonyene kandi bwa nyuma bwo kuzibira neza indwara zandukira ngo ntizikwiragire.”

UVYIBAZAKO IKI? Hari ikindi gitabu ceranda ca kera wokwitega ko gihuza n’ubuhinga bwa none? Canke riho twovuga ko Bibiliya ata ho ihuriye n’ibindi bitabu?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 6]

“Nta wobura gutangazwa n’amabwirizwa y’isuku yitondewe yo mu gihe ca Musa.”​—IGITABU MANUAL OF TROPICAL MEDICINE, C’ABAGANGA ALDO CASTELLANI NA ALBERT J. CHALMERS

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika