-
«Impuhwe z’Imana yacu»Niwiyegereze Yehova
-
-
10 Rimbura ivyashitse mu misi ya Yefuta. Kubera yuko Abisirayeli bari bahindukiriye imana z’ikinyoma, Yehova yararetse barakandamizwa n’Abamoni imyaka 18. Amaherezo, Abisirayeli barigaye. Bibiliya itubwira iti: «Abisirayeli bakuraho imana z’inyamahanga bari bafise, basubira gukorera Yehova ku buryo vyanka ko yihanganira imibabaro yabo.»b (Abacamanza 10:6-16) Igihe abasavyi biwe bagaragaza ukwigaya nyakuri, Yehova ntiyashobora kubandanya kwihanganira kubabona bariko baracumukura. Ni co catumye Imana y’impuhwe iha inkomezi Yefuta kugira ngo akure Abisirayeli mu maboko y’abansi babo.—Abacamanza 11:30-33.
-
-
«Impuhwe z’Imana yacu»Niwiyegereze Yehova
-
-
b Imvugo ngo «vyanka ko yihangana» ijambo ku rindi isobanura «umutima wiwe uba mugufi; ukwihangana kwiwe kurahera.» Bibiliya yitwa New English Bible ihavuga iti: «Ntiyari agishobora kwihanganira kubona ingorane Abisirayeli barimwo.» Iyindi (Tanakh—A New Translation of the Holy Scriptures) ihahindura iti: «Ntiyashobora kwihanganira amarushwa Abisirayeli barimwo.»
-