-
‘Aho uzoja ni ho nzoja’Umunara w’Inderetsi—2012 | 1 Mukakaro
-
-
Nuko babandanya urugendo bajana ibarabara rirerire rija i Betelehemu, ico gihe bakaba bari basigaye ari babiri gusa. Umuhinga umwe agereranya ko urwo rugendo rwoba rwatwaye indwi imwe. Naho ari ukwo, umwe wese muri bo ategerezwa kuba yarahumurijwe ku rugero runaka no kuba ari kumwe n’uwundi narirya bari bafise intuntu.
-
-
‘Aho uzoja ni ho nzoja’Umunara w’Inderetsi—2012 | 1 Mukakaro
-
-
Abo bagore babiri bahavuye bashika i Betelehemu, kikaba cari ikigwati cari nko ku bilometero cumi mu bumanuko bwa Yeruzalemu. Bisa n’uko Nawomi n’umuryango wiwe bari barigeze kuba bazwi cane muri ako gasagara, kubera ko hose muri ako gasagara haciye havugangwa ivy’ukugaruka kwa Nawomi. Abagore baho baguma bamurabaraba bavuga bati: “Mbega uyu ni Nawomi?” Biboneka ko imisi yamaze i Mowabu yatumye ahinduka cane; uravye mu maso hiwe n’ukuntu yatambuka vyaraboneka ko amaze imyaka ari mu ntuntu no mu marushwa.—Rusi 1:19.
-