-
Yarakoranye ukwiyubaraUmunara w’Inderetsi—2009 | 1 Mukakaro
-
-
Nabali yaba i Mayoni ariko yakorera i Karumeli hafi yaho, kandi bishoboka ko yari ahafise itongo.a Ivyo bisagara vyari hafi y’udutumba turiko ivyatsi vyinshi tubereye kwororeramwo intama, Nabali akaba yari afise izishika 3.000. Ariko rero, hirya no hino hari agahinga katarimwa. Mu Bumanuko hariho agahinga kanini cane ka Parani. Mu Buseruko, inzira yaja ku Kiyaga c’Umunyu yaca ahantu h’ibiharabuga hari huzuye imyonga miremire be n’amasenga. Muri utwo turere ni ho Dawidi n’abantu biwe bagwa bavyuka kugira ngo babandanye babaho, akaba ata gukeka ko barwana urugamba kugira ngo baronke icorirenza, bakongera bakihanganira ingorane nyinshi. Akenshi barahura na ba basore bakorera wa mutunzi Nabali ari abungere.
-
-
Yarakoranye ukwiyubaraUmunara w’Inderetsi—2009 | 1 Mukakaro
-
-
a Uwo ntiwari wa Musozi Karumeli uzwi cane wari kure mu Buraruko, ariko cari igisagara kiri ku nkengera ya ka gahinga ko mu Bumanuko.
-