ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yarakoranye ukwiyubara
    Niwigane ukwizera kwabo
    • 12 Yaciye ashangashirwa! Wa musore yavugwa mu ntango yaradondoreye Abigayili uko ibintu vyagenze ati: “Uno azitera imirarwe.” Uwo mugabo w’ingumyi Nabali yaciye ashira ijwi hejuru aridodomba ku bijanye n’umukate wiwe, amazi yiwe be n’inyama yari yabagishije. Yaracokoye Dawidi amwita imburakimazi yongera amugereranya n’umusuku yataye shebuja. Nabali ashobora kuba yabona ibintu nka Sauli, uno akaba yaranka Dawidi. Nta n’umwe muri abo bagabo yabona ibintu nk’uko Yehova abibona. Imana yarakunda Dawidi kandi ntiyamubona nk’umushumba w’umugarariji, ahubwo yamubona nk’uwohavuye aba umwami wa Isirayeli.—1 Sam. 25:10, 11, 14.

  • Yarakoranye ukwiyubara
    Niwigane ukwizera kwabo
    • 14. (a) Ni mu buryo ubuhe Abigayili yamaze gutera intambwe ya mbere mu gukosora ikosa Nabali yari yakoze? (b) Ni icigwa gihambaye ikihe twigira kw’itandukaniro riri hagati ya Nabali na Abigayili? (Raba kandi akajambo k’epfo.)

      14 Mu buryo bunaka, Abigayili yamaze gutera intambwe ya mbere yo gukosora iryo kosa riteye ubwoba. Mu buryo butandukanye n’ivyo umugabo wiwe Nabali yari yakoze, wewe yaragaragaje ko yiteguriye kwumviriza. Ku bijanye no kubwira ivyo bintu Nabali, wa musuku akiri muto yavuze ati: “[Ni] umuntu w’imburakimazi rwose ku buryo ata wogira ico amubwira.”c (1 Sam. 25:17) N’igiteye agahinda ni uko kuba Nabali yabona ko ahambaye vyamuteye kwica amatwi. Ubwibone nk’ubwo ni bwo bweze no muri kino gihe. Ariko wa musore yari azi ko Abigayili atandukanye na Nabali, ata gukeka kikaba ari co gituma yamwegereye kugira ngo amubwire iyo ngorane.

      Mu buryo butandukanye na Nabali, Abigayili wewe yaragaragaje ko yiteguriye kwumviriza

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika