-
Yarakoranye ukwiyubaraUmunara w’Inderetsi—2009 | 1 Mukakaro
-
-
Niwigane ukwizera kwabo
Yarakoranye ukwiyubara
ABIGAYILI aravye uwo musore mu maso, yarabona ko yataye umutwe. Yari atekewe n’ubwoba, kandi vyarumvikana. Ibara ryagomba kugwa. Muri uwo mwanya nyene, abarwanyi bashika 400 bari mu nzira, biyemeje kwica zina muhungu wese wo mu rugo kwa Nabali umugabo wa Abigayili. Uti kubera iki?
Ivyo vyose Nabali ni we yari yabikweze. Yari yakoze ibiranga ubukazi n’akagaye nk’uko yari asanzwe abigira. Ariko ico gihe hoho, yari yatutse umugabo atari akwiye gutuka, uno akaba yari umukuru yakundwa w’umugwi w’abarwanyi b’intahemuka kandi bamenyerejwe neza. Ico gihe rero, umwe mu basore bakorera Nabali, kumbure akaba yari umwungere, yaraje aho Abigayili ari, yizigiye ko uno yorondeye ingene yokiza abo kwa Nabali. Yamara none, umukenyezi umwe yari gukora iki imbere y’umugwi w’ingabo?
-
-
Yarakoranye ukwiyubaraUmunara w’Inderetsi—2009 | 1 Mukakaro
-
-
‘Yarabarandamukiye’
Nabali yari ahejeje gutuma uko ivya Abigayili vyari vyifashe vyunyuka kuruta ikindi gihe ico ari co cose. Wa mugabo yari yatutse ntiyari uwundi, yari Dawidi. Uno yari wa musuku w’umwizigirwa wa Yehova umuhanuzi Samweli yari yararobanuje amavuta, gutyo aba ahishuye ko Dawidi ari we Imana yahisemwo ngo aze asubirire Sauli, maze abe umwami. (1 Samweli 16:1, 2, 11-13) Kubera yuko Dawidi yariko arahunga uwo Mwami Sauli w’umunyeshari kandi w’umwicanyi, yaba mu gahinga ari kumwe n’abarwanyi biwe 600 b’intahemuka.
-
-
Yarakoranye ukwiyubaraUmunara w’Inderetsi—2009 | 1 Mukakaro
-
-
Yaciye ashangashirwa! Wa musore yavugwa mu ntango yaradondoreye Abigayili uko ibintu vyagenze ati: “Araheza arabarandamukira.” Uwo mugabo w’ingumyi Nabali yaciye ashira ijwi hejuru aridodomba ku bijanye n’umutsima wiwe, amazi yiwe be n’inyama yari yabagishije. Yaracokoye Dawidi amwita imburakimazi yongera amugereranya n’umusuku yataye shebuja. Nabali ashobora kuba yabona ibintu nka Sauli, uno akaba yaranka Dawidi. Nta n’umwe muri abo bagabo yabona ibintu nk’uko Yehova abibona. Imana yarakunda Dawidi kandi ntiyamubona nk’umushumba w’umugarariji, ahubwo yamubona nk’uwohavuye aba umwami wa Isirayeli.—1 Samweli 25:10, 11, 14.
-
-
Yarakoranye ukwiyubaraUmunara w’Inderetsi—2009 | 1 Mukakaro
-
-
Mu buryo bunaka, twamaze kubona Abigayili atera intambwe ya mbere arondera gukosora iryo kosa riteye ubwoba. Mu buryo butandukanye n’ivyo umugabo wiwe Nabali yakoze, wewe yaragaragaje ko yiteguriye kwumviriza. Wa musuku akiri muto yavuze ku bijanye na Nabali ati: “[Ni] umuntu w’umugesera, ata woshobora kugira ico amubgira.”c (1 Samweli 25:17) N’igiteye agahinda ni uko kuba Nabali yabona ko ahambaye vyamutumye yica amatwi. Ubwibone nk’ubwo ni bwo bweze muri kino gihe. Ariko wa musore yari azi ko Abigayili atandukanye na Nabali, ata gukeka kikaba ari co gituma yamwegereye kugira ngo amubwire iyo ngorane.
-