ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yagumye agavye yongera ararindira
    Umunara w’Inderetsi—2008 | 1 Ndamukiza
    • Eliya yaregereye Ahabu maze avuga ati: “Genda udūge, ufūngure, wuhire, kuko numva akariri k’imvura nyinshi.” (Umurongo wa 41) None uwo mwami w’umubisha, hoba hari ikintu yari yigiye ku vyari vyashitse kuri uwo musi? Iyo nkuru nta vyo itomora. Ariko nta majambo dusanga muri yo yerekana ko uwo mwami yoba yarigaye, canke ko yasavye uwo muhanuzi ngo amufashe kwiyegereza Yehova maze ngo arondere guharirwa. Ihibambewe, Ahabu yaciye gusa “[aduga], aja gufūngura.” (Umurongo wa 42) Tuvuge iki ku bijanye na Eliya?

  • Yagumye agavye yongera ararindira
    Umunara w’Inderetsi—2008 | 1 Ndamukiza
    • Eliya yararondeye ashashaye ibimenyamenya vy’uko Yehova yari agiye kugira ico akoze, akaba ari co gituma yaciye arungika umusuku wiwe ahantu hakirurutse cane kugira ngo atereze ijisho ibuheramaso ngo arabe neza ko ata kimenyetso ico ari co cose coba cerekana ko imvura ihava igwa. Igihe uwo musuku yagaruka, yaje azanye inkuru idahumuriza. Yavuze ati: “Nta kintu mbonye.” Ikirere cari gikeye, kandi biboneka ko ata n’igicu cari kw’ijuru. None woba wabonye ikintu kitumvikana? Niwibuke ko Eliya yari yabwiye Umwami Ahabu ati: “Numva akariri k’imvura nyinshi.” None uwo muhanuzi yashoboye gute kuvuga ikintu nk’ico kandi ata n’igicu c’imvura caboneka kw’ijuru?

      Eliya yari azi ukuntu bigenda iyo Yehova atanze umuhango. Bwa muhanuzi wa Yehova akaba n’uwumuserukira, yari azi neza ko Imana yoranguye ijambo ryayo. Eliya yarizigira adakeka, akaba yarizigira cane ku buryo ari nk’aho yari amaze gutangura kwumva iryo segenya. Ivyo bitegerezwa kuba bica bitwibutsa ukuntu Bibiliya idondora Musa iti: “Yagumye ashikamye nk’aho abona Umwe ataboneka.” Imana yoba atari umugani kuri wewe gushika kuri urwo rugero? Imana iraduha ibimenyamenya bihagije vyotuma tuyizera muri ubwo buryo tukongera tukizera n’imihango yayo.​—Abaheburayo 11:1, 27.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika