-
Nkwiye guterera ayangana gute?Umunara w’Inderetsi—2009 | 1 Myandagaro
-
-
Mu bindi bihe, Abisirayeli bari gushobora kwibwiriza gutanga bike canke vyinshi bivanye n’uko bavyipfuza. Nk’akarorero, igihe Umwami Dawidi yagira umugambi wo kwubakira ingoro Yehova, abanyagihugu yatwara baraterereye “amazahabu italanto ibihumbi bitanu.”a (1 Ngoma 29:7) Gereranya ico kintu be n’ivyo Yezu yitegereje igihe yari kw’isi. Yarabonye “umupfakazi umwe w’umukene [atiburiye] uduceri tubiri tw’agaciro gatoyi cane” mu dusandugu two mw’ishikaniro ryo mu rusengero. None ivyo yatanze vyangana gute? Vyangana n’ica 64 c’umushahara w’umusi umwe. Ariko rero, Yezu yavuze ko utwo duhera duke cane twashimwe.—Luka 21:1-4.
-
-
Nkwiye guterera ayangana gute?Umunara w’Inderetsi—2009 | 1 Myandagaro
-
-
a Mu 2008, igarama imwe y’inzahabu yagurwa incahagati y’amadolari y’Abanyamerika 31 (amarundi arenga 31.000), bigatuma iyo ntererano ica ingana n’amadolari y’Abanyamerika yababa 4.794.855.000 (amarundi arenga 4.794.855.000.000).
-