ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ni nde ahambaye kuruta abandi bose mu buzima bwawe?
    Umunara w’Inderetsi—2011 | 15 Rusama
    • 7, 8. Ni ibigeragezo ibihe Yobu yabwirijwe kwihanganira, kandi yerekanye iki biciye ku kwihangana adahemuka?

      7 Yehova yararetse Shetani arateza Yobu ivyago bikurikirana. (Yobu 1:​12-​19) None Yobu yavyifashemwo gute igihe ivyiwe vyahinduka? Tubwirwa yuko “[at]acumuye canke ngo aherereze ku Mana ikintu na kimwe kitabereye.” (Yobu 1:​22) Ariko Shetani ntiyashizwe. Yarongeye kwidoga ati: “Urukoba rukabwa urundi, kandi ivyo umuntu afise vyose yobitanga ku bw’ubuzima bwiwe.”a (Yobu 2:4) Shetani yivugishije yuko iyo Yobu amererwa nabi we ubwiwe, yari gushika ku ciyumviro c’uko Yehova atari we yari ahambaye kuruta abandi bose mu buzima bwiwe.

  • Ni nde ahambaye kuruta abandi bose mu buzima bwawe?
    Umunara w’Inderetsi—2011 | 15 Rusama
    • a Hari incabwenge mu vya Bibiliya ziyumvira ko imvugo ngo “urukoba rukabwa urundi” yoshobora kwerekana yuko Yobu abigiranye ubwikunzi yari kwemera kureka abana biwe n’ibitungwa vyiwe bigatakaza urukoba ari bwo buzima magingo yari gushobora kugumana urukoba rwiwe ari bwo buzima. Abandi biyumvira ko iyo mvugo ishimika ku vy’uko umuntu yokwemera gutakaza igice kinaka c’urukoba mu gihe ivyo vyotuma arokora ubuzima bwiwe. Nk’akarorero, umuntu yoshobora kuduza ukuboko kugira ngo akingire umutwe wiwe igihe barondeye kuwukubita ikintu, gutyo akaba atakaje igice kinaka c’urukoba kugira ngo arokore urukoba rwiwe. Ico iyo mvugo y’ikigereranyo yoba isobanura cose, biboneka ko yashaka kwerekana yuko Yobu yokwemeye guheba ibintu vyose magingo yari gushobora kuguma ari muzima.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika