ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Urashobora kuba umugenzi wa Yehova
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
    • Icigwa ca 8. Umugabo yicaye ku ntebe, arangamije mu kirere.

      ICIGWA CA 08

      Urashobora kuba umugenzi wa Yehova

      Yehova yipfuza ko urushiriza kumumenya. Uti kubera iki? Kubera yizigiye ko niwarushiriza kumenya uko ameze, imigambi yiwe be n’ukuntu afata abantu bizotuma wipfuza kuba umugenzi wiwe. None vyoba bishoboka ko uba umugenzi w’Imana? (Soma Zaburi 25:14.) Wokora iki kugira ube umugenzi w’Imana? Bibiliya iratanga inyishu kuri ivyo bibazo ikongera ikatubwira igituma Yehova ari we Mugenzi mwiza cane kuruta abandi bose wogira.

      1. Yehova agutera akamo ngo ukore iki?

      “Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.” (Yakobo 4:8) Ivyo none bisobanura iki? Yehova ariko agusaba ngo ube umugenzi wiwe. Bamwebamwe bibaza ko bidashoboka ko baba abagenzi b’Imana kubera ko badashobora kuyibona. Yamara mw’Ijambo ryiwe Bibiliya, Yehova aratubwira ibintu vyose dukeneye kumenya ku bimwerekeye kugira tube abagenzi biwe. Gusoma amajambo y’Imana ari muri Bibiliya biratuma ubugenzi dufitaniye na yo burushiriza gukomera naho tutigeze tuyibona.

      2. Kubera iki Yehova ari we Mugenzi mwiza kuruta abandi?

      Nta muntu agukunda kuruta uko Yehova agukunda. Yipfuza ko uhimbarwa be n’uko umwitura igihe cose wipfuza ko agufasha. Akubwira ngo ‘uterere amaganya yawe yose kuri we, kuko akubabara.’ (1 Petero 5:7) Yehova yama yiteguriye gushigikira abagenzi biwe, kubahumuriza no kubumviriza.—Soma Zaburi 94:18, 19.

      3. Yehova asaba iki abagenzi biwe?

      Yehova arakunda abantu bose, “mugabo kugirana ubugenzi somambike na We ni ivy’abagororotse.” (Imigani 3:32) Yehova yipfuza ko abagenzi biwe bagerageza gukora ivyo ashima, bakirinda gukora ivyo yanka. Hari abibaza ko badashobora gukora ibintu vyose Yehova ashima no kwirinda ibintu vyose yanka. Ariko Yehova aradutahura. Arashima umuntu wese amukunda kandi yihatira gukora ibintu ashaka.—Zaburi 147:11; Ivyakozwe 10:34, 35.

      TWINJIRE MU MIZI

      Reka turabe ico twokora kugira tube abagenzi ba Yehova be n’igituma ari we Mugenzi mwiza kuruta abandi bose twogira.

      4. Aburahamu yari umugenzi wa Yehova

      Inkuru yo muri Bibiliya ya Aburahamu (uwitwa kandi Aburamu) iradufasha gutahura ico bisobanura kuba umugenzi w’Imana. Nimusome ivyerekeye Aburahamu mw’⁠Itanguriro 12:1-4, muce muganira kuri ibi bibazo:

      • Yehova yasavye Aburahamu gukora iki?

      • Yehova yamusezeraniye iki?

      • None Aburahamu yakoze iki?

      5. Ico Yehova yiteze ku bagenzi biwe

      Igihe umuntu ari umugenzi wacu, akenshi tuba dufise ivyo tumwitezeko.

      • Ni nk’ibiki ushima ko abagenzi bawe bagukorera?

      Nimusome 1 Yohani 5:3, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Yehova yiteze ko abagenzi biwe bakora iki?

      Kugira tugamburukire Yehova, dushobora kuba dukeneye guhindura ukuntu twigenza n’ukuntu tumeze. Nimusome Yesaya 48:17, 18, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Ni kubera iki Yehova yipfuza ko abagenzi biwe bagira ivyo bahinduye?

      Umufundi ariko aha inkofero mugenziwe.

      Umugenzi mwiza aratwibutsa gukora ibintu bidukingira kandi bidufitiye akamaro. Na Yehova ni ko abigenza ku bagenzi biwe

      6. Ivyo Yehova agirira abagenzi biwe

      Yehova arafasha abagenzi biwe kwihanganira ingorane. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

      IVIDEWO: Yehova yarankoreye ivyiza vyinshi (3:20)

      • Yehova yafashije gute uwo yerekanywe muri iyo videwo kwihanganira ivyiyumviro bica intege?

      Nimusome Yesaya 41:10, 13, muce muganira kuri ibi bibazo:

      • Yehova asezeranira iki abagenzi biwe?

      • Ubona Yehova ari Umugenzi mwiza? Kubera iki wishuye gutyo?

      Amafoto: Abagenzi bariko barafashanya. 1. Umugabo ariko arafasha mugenziwe guterura imeza nini. 2. Umukenyezi ariko aritura uwundi mukenyezi. 3. Umugabo ariko arasindagiza mugenziwe agendera ku kibando.

      Abagenzi beza baraguserukako igihe cose ubakeneye. Na Yehova azogufasha

      7. Kugira ugiranire ubugenzi na Yehova bisaba ko muyaga

      Ikiyago kiratuma abantu barushiriza kuba abagenzi. Nimusome Zaburi 86:6, 11, muce muganira kuri ibi bibazo:

      • Tuyagira gute Yehova?

      • Na we atuyagira gute?

      Amafoto: 1. Umugore ariko arasenga. Hejuru yiwe hari akamenyetso k’umwampi karaba hejuru. 2. Umugore ariko arasoma Bibiliya. Hejuru yiwe hari akamenyetso k’umwampi karaba munsi.

      Turayagira Yehova igihe tumusenga, na we akatuyagira igihe dusoma Bibiliya

      HARI ABAVUGA BATI: “Ntibishoboka ko umuntu aba umugenzi w’Imana kubera ata wurayibona.”

      • Ni icanditswe ikihe wokoresha kugira werekane ko bishoboka ko tuba abagenzi ba Yehova?

      INCAMAKE

      Yehova yipfuza ko umubera umugenzi, kandi azogufasha kubishikako.

      Wize iki?

      • Yehova afasha gute abagenzi biwe?

      • Kubera iki Yehova yipfuza ko abagenzi biwe bagira ivyo bahinduye?

      • Woba wibaza ko ivyo Yehova asaba abagenzi biwe gukora bigoye cane? Kubera iki wishuye gutyo?

      Umugambi wokwishingira

      RONDERA N’IBINDI

      Kugiranira ubugenzi na Yehova vyokugirira akamaro akahe?

      “Yehova ni Imana abantu bakwiye kumenya” (Umunara w’Inderetsi, 15 Ruhuhuma 2003)

      Nurabe ico wokora kugira ubugenzi ufitaniye n’Imana burushirize gukomera.

      “Noba umugenzi w’Imana gute?” (Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2, ikigabane ca 35)

      Nurabe ukuntu umukenyezi umwe yarokowe n’ubugenzi yari afitaniye na Yehova.

      “Sinashaka gupfa!” (Umunara w’Inderetsi No. 1 2017)

      Niwumvirize ivyo aba bakiri bato bavuga ku bijanye n’ubugenzi bafitaniye na Yehova.

      Kuba umugenzi w’Imana bisobanura iki? (1:46)

  • Ibatisimu ni umugambi mwiza cane wokwishingira
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
    • 6. Kubatizwa bituma uba mu bagize umuryango wa Yehova

      Igihe tubatijwe, duca tuba mu bagize umuryango wunze ubumwe ukwiye kw’isi yose. Naho twoba dukomoka he canke dufise kahise kameze gute, twese twemera bimwe kandi tukabaho twisunga ingingo ngenderwako zimwe zo muri Bibiliya. Nimusome Zaburi 25:14 na 1 Petero 2:17, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Ni ivyiza ibihe umuntu yironkera amaze kubatizwa?

      Amafoto: Mushiki wacu ariko arazirikana anezerewe ku bucuti bwiza azogiranira n’abagize ishengero. 1. Ariko arandaza uwitereye mu myaka. 2. Ariko aritura wa mushiki wacu yitereye mu myaka. 3. Ariko arasangira n’abagenzi bari mu myaka itandukanye. 4. Ariko aramamaza n’uwundi mushiki wacu, bakaba bariko babwira inkuru nziza umuntu w’umugabo. 5. Ariko afata ifoto ari kumwe n’abandi badada babiri bava mu bindi bihugu bitavye ihwaniro.
  • Ni umugambi uwuhe Imana idufitiye?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
    • 2. Dushobora gute kugira ubuzima buhimbaye ubu?

      Yehova yaturemye turi abantu “bakeneye ivy’impwemu,” aho hakaba harimwo icipfuzo co kumumenya no kumusenga. (Soma Matayo 5:3-6.) Yipfuza ko tugiranira na we ubugenzi somambike, ‘tukagendera mu nzira ziwe zose, tukamukunda’ tukongera tukamukorera n’“umutima [wacu] wose.” (Gusubira mu vyagezwe 10:12; Zaburi 25:14) Ivyo tubigize, birashobora gutuma duhimbarwa vy’ukuri naho twoba dufise ingorane. Gusenga Yehova biratuma ubuzima bwacu bugira intumbero, kubera tuba tubayeho nk’uko ashaka.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika