ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Woba vy’ukuri ushobora “kwiyegereza Imana”?
    Niwiyegereze Yehova
    • 3. Ni akamo akahe Yehova adutera, kandi ni igiki aca adusezeranira?

      3 Yehova adutera akamo ngo tumwiyegereze. Aripfuza ko tuba abagenzi biwe. Muri ico gihe nyene, aradusezeranira yuko nitwatera intambwe yo kumwiyegereza, na we nyene azotwiyegereza. Gutyo rero turashobora kuba «abagenzi somambike» ba Yehova kandi ico ni ikintu c’agaciro vy’ukuri. (Zaburi 25:14) Imvugo «abagenzi somambike» itanga iciyumviro c’ukugiranira ikiganiro c’ibanga n’umugenzi somambike.

      4. Wodondora gute umugenzi somambike, kandi ni mu buryo ubuhe Yehova agaragaza ko ari mwene uwo mugenzi ku bamwiyegereza?

      4 Woba ufise umugenzi somambike ushobora kwibira akabanga? Umugenzi mwene uwo ni umuntu akwitwararika. Uramwizigira, kubera yuko aba yaragaragaje ko ari intahemuka. Umunezero wawe urongerekana igihe muwusangiye. Igihe agutega amatwi kandi agatahura ukuntu wiyumva bituma intuntu ufise igabanuka. Mbere n’igihe ata wundi muntu n’umwe asa n’uwugutahura, we aragutahura. Muri ubwo buryo nyene, igihe wiyegereje Imana, uraronka umugenzi somambike aguha agaciro vy’ukuri, akakwitwararika bivuye ku mutima, akongera akagutahura bimwe bishitse. (Zaburi 103:14; 1 Petero 5:7) Uramwizigira ubikuye ku mutima, kubera yuko uzi ko ari intahemuka ku bamubera intahemuka. (Zaburi 18:25) Ariko rero, ukwo guterwa agateka ko kugiranira ubugenzi n’Imana tubishikako gusa kubera yuko yatumye bishoboka.

  • Woba vy’ukuri ushobora “kwiyegereza Imana”?
    Niwiyegereze Yehova
    • a Nk’akarorero, Bibiliya iravuga ivyerekeye mu maso h’Imana, amaso yayo, amatwi, amazuru, umunwa, amaboko be n’ibirenge. (Zaburi 18:15; 27:8; 44:3; Yesaya 60:13; Matayo 4:4; 1 Petero 3:12) Mwene izo mvugo ngereranyo ntizikwiye gufatwa uko zakabaye, nk’uko nyene igihe tuvuga ko Yehova ari «Igitandara» canke «inkinzo», tutaba tuvuze ko ari igitandara butandara canke inkinzo bukinzo.​—Gusubira mu vyagezwe 32:4; Zaburi 84:11.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika