ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w01 1/12 rup. 32
  • “Mu Muco Wawe Ni ho Tuzobonera Umuco”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Mu Muco Wawe Ni ho Tuzobonera Umuco”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
w01 1/12 rup. 32

“Mu Muco Wawe Ni ho Tuzobonera Umuco”

UMUCO ni ikintu kenshi tubona ibisanzwe, kiretse nk’iyo umuyagankuba ucitse maze akarere turimwo kakaja mu kizime. Duhiriwe duhishije, “isoko ntanganguvu” ryacu riri kw’ijuru, ari ryo zuba, ntiryigera rihagarara. Kandi bivuye ku muco w’izuba, turashobora kubona, gufungura, guhema gutyo tukabaho.

Kubera yuko umuco ari ngirakamaro ku buzima, ntidukwiye gutangazwa no gusoma mw’⁠Itanguriro yuko umuco waserutse ku musi wa mbere w’irema. “Imana iravuga, iti Ni habeh’umuco: umuco ubaho.” (Itanguriro 1:3) Abantu batinya Imana nk’Umwami Dawidi bamye nantaryo batahura yuko Yehova ari we soko ry’ubuzima n’umuco. Dawidi yanditse ati: “Ah’uri [n]i ho har’isōko ry’ubu[zima]: mu muco wawe ni ho tuzobonera umuco.”​—Zaburi 36:9.

Ayo majambo ya Dawidi umuntu arashobora kuyafata mu buryo bw’ikigereranyo canke ntayafate mu buryo bw’ikigereranyo. Inkoranyabumenyi imwe (Encyclopædia Britannica) yerekana ibi: “Nta nkeka ko umuco ari wo utuma tubona.” Maze yongerako iti: “Amakuru ashikira ubwonko bw’umuntu aciye ku maso ni yo menshi kuruta ayaca ku kindi gihimba c’umubiri ico ari co cose kitumenyesha ibidukikije.” Kubera yuko vyinshi mu vyo twiga tubikesha ingabirano yo kubona, na yo ikaba ikenera umuco kugira ngo ikore neza, umuco urakoreshwa kandi mu Vyanditswe mu buryo bw’ikigereranyo.

Kubera ico, Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Jewe nd’umuco w’isi, ūnkurikira nta ho azogenda mu mwiza, arikw azogira umuco w’ubu[zima].” (Yohana 8:12) Uwo muco w’ikigereranyo Yezu yavuga bwari ubutumwa bw’ukuri yamamaza, ubwashobora kumurikira imizirikanyi n’imitima y’abamwumviriza. Abigishwa ba Yezu bari bamaze imyaka n’iyindi mu mwiza w’ivy’impwemu, amaherezo barashoboye gutahura umugambi Imana ifitiye umuryango w’abantu be n’icizigiro c’Ubwami. Ukwo gutahura vy’ukuri kwari “umuco w’ubu[zima],” kubera yuko ubwo bumenyi bwashobora kujana umuntu ku buzima budahera. Mw’isengesho Yezu yatuye se wo mw’ijuru, yavuze ati: “Ubu ni bgo bu[zima] budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo.” (Yohana 17:3) Ese tutokwigera dufata minenegwe uwo muco w’ivy’impwemu!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika