-
‘Nuhimbarwe cane na Yehova’Umunara w’Inderetsi—2003 | 1 Kigarama
-
-
‘Ntukanohoke’
3, 4. Nk’uko vyanditswe muri Zaburi 37:1, ni impanuro iyihe Dawidi atanga, kandi ni kubera iki kuyikurikiza bibereye muri iki gihe?
3 Tubayeho mu “bihe bigoye”, vyongeye ubugizi bwa nabi buriraye. Turamaze kwibonera ko aya majambo y’intumwa Paulo yarangutse: “Abantu babi, bo n’abahūmbūzi, bazorushiriza kuba babi, bazimiza bakazimizwa” (2 Timoteyo 3:1, 13). Ese ukuntu vyoroshe yuko ibisa n’ukwererwa be n’ugusagamba kw’abanyakibi bigira ico bidukozeko! Ivyo vyose birashobora kudusamaza, bigatuma tutaguma dushinze ijisho ku bintu vy’impwemu. Raba ukuntu amajambo atangura Zaburi ya 37 atugabisha ku bw’iyo ngeramizi ishoboka: “Ntugahagarikwe umutima n’inkozi z’ibibi, kandi [“ntukanohokere”, NW] abakora ivy’ukugabitanya”.
4 Ibimenyeshamakuru vy’isi biraducucagira amakuru menshi ajanye n’akarenganyo. Abadandaza b’umwina baragira forode ntihabe inkurikizi. Inkozi z’ikibi zirarya imitsi abadashobora kwirwanira. Abicanyi ntibafatwa, canke ngo bahanwe. Ubwo burorero bwose bw’ukuntu ubutungane bwononekaye burashobora kuvyura ishavu kandi bukatubuza amahoro yo mu muzirikanyi. Kuba inkozi z’ikibi zisa n’izitunganiwe birashobora gutuma umuntu abanohokera. Mugabo none, ukuba biduhagaritse umutima vyoba ari vyo bizotuma ibintu bimera neza? Kunohokera ibisa n’ivyiza abanyakibi baronka vyoba bihindura ingaruka izobashikira? Habe namba! Vyongeye, ntibikenewe vy’ukuri ko ‘duhagarika umutima’. Kubera iki?
-
-
‘Nuhimbarwe cane na Yehova’Umunara w’Inderetsi—2003 | 1 Kigarama
-
-
6. Ni icigwa ikihe dushobora gukura muri Zaburi 37:1, 2?
6 Twoba none dukwiye kureka ngo ugusagamba kw’igihe gito kw’inkozi z’ikibi kutubuze amahoro? Icigwa dukura muri iyo mirongo ibiri ya mbere ya Zaburi 37 ni iki: Ntureke ngo ugutunganirwa kwabo gutume ukevya, uve ku ngingo wahisemwo yo gusukurira Yehova. Ahubwo, nugume ushinze ijisho ku mihezagiro be no ku mahangiro vyo mu vy’impwemu.—Imigani 23:17.
-