ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ni umugambi uwuhe Imana idufitiye?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
    • Icigwa ca 25. Ukuntu isi iboneka iri mu kirere.

      ICIGWA CA 25

      Ni umugambi uwuhe Imana idufitiye?

      Bibiliya ivuga yuko umuntu “abaho igihe gitoyi kandi yuzuye umudugararo.” (Yobu 14:1) None ivyo vyoba ari vyo Imana itwipfuriza? Nimba atari ukwo, itwipfuriza iki? Yoba izokwigera ibishitsa? Raba inyishu ziremesha Bibiliya itanga.

      1. Yehova atwipfuriza ubuzima bumeze gute?

      Yehova yipfuza ko tugira ubuzima bwiza cane. Igihe yarema abantu ba mbere Adamu na Eva, yabashize mw’iparadizo nziza cane yitwa umurima wa Edeni. Maze “Imana irabahezagira, ibabwira iti: ‘Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi kandi muyigabe.’” (Itanguriro 1:28) Yehova yashaka ko bavyara abana, bagahindura isi yose iparadizo, bakongera bakitwararika ibikoko. Imana yipfuza ko abantu babaho bafise amagara meza kandi bakabaho ibihe bidahera.

      Naho ivyo bintu bitararanguka,a umugambi w’Imana ntiwahindutse. (Yesaya 46:10, 11) N’ubu iracipfuza ko abantu bagamburuka babaho ibihe bidahera kandi batunganye.—Soma Ivyahishuwe 21:3, 4.

      2. Dushobora gute kugira ubuzima buhimbaye ubu?

      Yehova yaturemye turi abantu “bakeneye ivy’impwemu,” aho hakaba harimwo icipfuzo co kumumenya no kumusenga. (Soma Matayo 5:3-6.) Yipfuza ko tugiranira na we ubugenzi somambike, ‘tukagendera mu nzira ziwe zose, tukamukunda’ tukongera tukamukorera n’“umutima [wacu] wose.” (Gusubira mu vyagezwe 10:12; Zaburi 25:14) Ivyo tubigize, birashobora gutuma duhimbarwa vy’ukuri naho twoba dufise ingorane. Gusenga Yehova biratuma ubuzima bwacu bugira intumbero, kubera tuba tubayeho nk’uko ashaka.

      TWINJIRE MU MIZI

      Reka turabe ukuntu Yehova yatugaragarije urukundo rudasanzwe mu kuntu yateguye iyi si, duce turaba n’ivyo Ijambo ryiwe rivuga ku bijanye n’intumbero y’ubuzima.

      Adamu na Eva bariko barihweza itongo ryabo ryiza ririmwo ibikoko n’ibiti.

      3. Yehova yipfuza ko abantu bagira ubuzima bwiza

      Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

      IVIDEWO: Kubera iki Imana yaremye isi?—Agace (1:41)

      • Kubera iki Imana yaturemeye iyi si nziza?

      Nimusome Umusiguzi 3:11, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Ivyo usomye bikwigisha iki ku vyerekeye Yehova?

      4. Umugambi Yehova adufitiye ntiwahindutse

      Nimusome Zaburi 37:11, 29 na Yesaya 55:11, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Ni ibiki bitwemeza ko umugambi Yehova adufitiye utahindutse?

      A. Inzu yasambutse. Amabati yarononekaye, ibiyo vyo ku madirisha vyaramenetse, ubusitani na bwo bwuzuyemwo ubucafu. B. Ya nzu nyene yasanuwe neza kandi ikikujwe ubusitani bwiza.

      Inzu yononekaye irashobora gusanurwa. Muri ubwo buryo nyene, naho abantu bononye isi, Yehova azosubira kuyigira nziza kugira abantu bamukunda bayibeko

      5. Gusenga Yehova biratuma tugira agahimbare nyakuri

      Kumenya intumbero y’ubuzima biratuma tugira umunezero. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

      IVIDEWO: Naramenye intumbero y’ubuzima (5:03)

      • Kuba Terumi yaramenye intumbero y’ubuzima vyamugiriye akamaro akahe?

      Nimusome Umusiguzi 12:13, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Twokwerekana gute ko dukenguruka ibintu vyinshi Yehova yadukoreye?

      HARI UWOBAZA ATI: “Ni ibiki umuntu yokora kugira aronke agahimbare?”

      • Wokwishura gute?

      INCAMAKE

      Yehova yipfuza ko twiberaho ibihe bidahera ng’aha kw’isi kandi dutunganye. Igihe tumusenga n’umutima wacu wose, turaronka agahimbare nyakuri mbere no muri iki gihe.

      Wize iki?

      • Igihe Yehova yarema Adamu na Eva yabipfuriza iki?

      • Twemezwa n’iki ko umugambi Imana yari ifitiye abantu utahindutse?

      • Woronka gute agahimbare nyakuri mu buzima?

      Umugambi wokwishingira

      RONDERA N’IBINDI

      Nurabe ibimenyamenya vyemeza ko itongo rya Edeni ryabayeho.

      “Rya tongo ry’i Edeni ryoba ari umugani?”(Umunara w’Inderetsi, 1 Nzero 2011)

      Nurabe ivyemeza ko isi izokwamaho.

      “Iyi si yoba izohonywa?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

      Nusuzume ivyo Bibiliya ivuga ku vyotuma ubuzima bwacu bugira intumbero.

      “Intumbero y’ubuzima ni iyihe?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

      Hari umugabo yibaza ko afise ibintu vyose. Ariko raba ukuntu yasanze hari ico yari abuze mu buzima.

      Ubu ubuzima bwanje burafise intumbero (3:55)

      a Mu cigwa gikurikira, uzomenya igituma ibintu vyifashe nabi muri iki gihe.

  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
    • 2. Ni bande bazofadikanya na Yezu kuganza?

      Yezu ntazoganza ari wenyene. Abantu bo “mu muryango wose n’ururimi rwose n’igisata cose n’ihanga ryose . . . bazoganza isi.” (Ivyahishuwe 5:9, 10) Ni bangahe bazofadikanya na Yezu kuganza? Kuva Yezu aje kw’isi, abantu amamiliyoni barabaye abigishwa biwe. None abo bose boba bazofadikanya na we kuganza? Oya. Abantu 144.000 ni bo bonyene bazoja mw’ijuru bafadikanye na we kuganza. (Soma Ivyahishuwe 14:1-4.) Abasigaye bose bazoba bari kw’isi kandi bazotwarwa n’ubwo Bwami.—Zaburi 37:29.

  • Ivyo Ubwami bw’Imana buzokora
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
    • Ivyo Ubwami bw’Imana buzokora

      Ubwami bw’Imana bwaratanguye kuganza. Vuba bugiye guhindura ibintu vyinshi kw’isi. Reka turabe ibintu vyiza bimwebimwe wokwitega ku ntwaro y’ubwo Bwami.

      1. Ubwami bw’Imana buzogarukana gute amahoro n’ubutungane kw’isi?

      Yezu we Mwami w’Ubwami bw’Imana azokuraho inkozi z’ikibi n’intwaro z’abantu ku ntambara ya Harumagedoni. (Ivyahishuwe 16:14, 16) Ico gihe, ubu buhanuzi bwo muri Bibiliya buvuga ngo: “Hasigaye akanya gatoyi, umubisha ntabe akiriho,” buzoba bwarangutse mu buryo bwuzuye. (Zaburi 37:10) Biciye kuri ubwo Bwami, Yezu azotuma kw’isi yose harangwa amahoro n’ubutungane.—Soma Yesaya 11:4.

      2. Ubuzima buzoba bumeze gute igihe ivyo Imana igomba bizoba bikorwa kw’isi?

      Ku ntwaro y’Ubwami bw’Imana, “abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.” (Zaburi 37:29) Nuse n’uwubona mu bwenge wibera mw’isi irimwo abantu b’abagororotsi gusa, kandi bakunda Yehova bakongera bagakundana! Nta n’umwe azoba akirwara kandi abantu bose bazobaho ibihe bidahera.

      3. Ni ibiki Ubwami bw’Imana buzokora bumaze gukuraho inkozi z’ikibi?

      Inkozi z’ikibi zimaze gukurwaho, Yezu azoganza imyaka 1.000 ari Umwami. Ico gihe, Yezu hamwe n’abazofadikanya na we kuganza 144.000 bazotuma abantu baba kw’isi baba abatunganye. Ku mpera y’iyo myaka igihumbi, isi izoba yahindutse iparadizo irimwo abantu bahimbawe kubera ko bagamburuka amategeko ya Yehova. Mu nyuma, Yezu azoshikiriza Ubwami Se wiwe Yehova. Ico gihe, izina rya Yehova rizokwezwa kuruta ikindi gihe cose. (Matayo 6:9, 10) Bizoba vyagaragaye ko Yehova ari Umutware mwiza yitwararika abo atwara. Yehova azoca arandura Shetani n’amadayimoni yiwe. Vyongeye, azokuraho abantu bose bahisemwo kugarariza intwaro yiwe. (Ivyahishuwe 20:7-10) Ubwami bw’Imana buzotuma ibintu bimera neza gushika ibihe bidahera.

      TWINJIRE MU MIZI

      Reka turabe igituma twokwizigira ko Imana izokoresha Ubwami bwayo kugira ishitse ibintu vyose Bibiliya isezerana ko bizoba muri kazoza.

      4. Ubwami bw’Imana buzokuraho intwaro z’abantu

      “Umuntu yaganje uwundi mu kumugirira nabi.” (Umusiguzi 8:9) Yehova azokoresha Ubwami bwiwe mu gukuraho akarenganyo.

      Nimusome Daniyeli 2:44 na 2 Abatesalonika 1:6-8, muce muganira kuri ibi bibazo:

      • Yehova n’Umwana wiwe Yezu bazokorera iki intwaro z’abantu hamwe n’abazishigikiye?

      • Ibintu wize ku vyerekeye Yehova na Yezu bigukura amazinda gute ko ivyo bazokora bizoba bigororotse kandi biranga ubutungane?

      Yezu, Umwami yatowe mw’ijuru ariko aganza isi y’iparadizo.

      5. Yezu ni Umwami mwiza cane

      Kubera ko Yezu ari Umwami w’Ubwami bw’Imana, azofasha abantu bazoba bari kw’isi mu buryo butandukanye. Nimurabe iyo VIDEWO kugira mubone ukuntu Yezu amaze kwerekana ko yipfuza gufasha abantu be n’uko Imana yamuhaye ububasha bwo kubikora.

      IVIDEWO: Yezu yarerekanye ivyo Ubwami bw’Imana buzokora (1:13)

      Ibintu Yezu yakoze igihe yari kw’isi, yari imponjo y’ivyo Ubwami bw’Imana buzokora. Muri iyo mihango ikurikira, ni iyihe ushashaye kwibonera? Nimusome ivyanditswe vyatanzwe kugira mumenye vyinshi ku bijanye n’iyo mihango.

      IGIHE YEZU YARI KW’ISI . . .

      IGIHE AZOBA ARI MW’IJURU . . .

      • yarerekanye ko afise ububasha ku bidukikije.—Mariko 4:36-41.

      • azotorera umuti ingorane z’ibidukikije.—Yesaya 35:1, 2.

      • yaragaburiye abantu ibihumbi ku gitangaro.—Matayo 14:17-21.

      • azokuraho inzara kw’isi.—Zaburi 72:16.

      • yarakijije abarwayi benshi.—Luka 18:35-43.

      • azotuma abantu bose bagira amagara meza.—Yesaya 33:24.

      • yarazuye abantu.—Luka 8:49-55.

      • azokuraho ingaruka zose ziterwa n’urupfu.—Ivyahishuwe 21:3, 4.

      6. Ubwami bw’Imana budusezeranira kazoza keza

      Ubwami bw’Imana buzoshitsa umugambi Yehova yari afitiye abantu kuva mu ntango. Bazobaho ibihe bidahera mw’iparadizo ng’aha kw’isi. Nimurabe iyo VIDEWO kugira mubone ukuntu Yehova ariko arakoresha Umwana wiwe Yezu kugira ashitse umugambi wiwe.

      IVIDEWO: Imponjo y’imihezagiro yo muri kazoza (4:38)

      Nimusome Zaburi 145:16, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Kumenya ko Yehova “[azohaza] icipfuzo c’ikiri n’ubuzima cose,” bituma wiyumva gute?

      HARI ABAVUGA BATI: “Tugize urunani, turashobora gutorera umuti ingorane zihanze isi.”

      • Ni ingorane izihe zananiye intwaro z’abantu Ubwami bw’Imana buzotorera umuti?

      INCAMAKE

      Ubwami bw’Imana buzoshitsa ivyo Imana yasezeranye. Buzohindura isi ibe iparadizo ibako abantu beza. Ico gihe bazosenga Yehova ibihe bidahera.

      Wize iki?

      • Ubwami bw’Imana buzokweza gute izina rya Yehova?

      • Ni kubera iki twokwemera ko Ubwami bw’Imana buzoshitsa imihango ivugwa muri Bibiliya?

      • Mu bintu vyose Ubwami bw’Imana bugiye gukora, ni igiki wipfuza cane kubona?

      Umugambi wokwishingira

      RONDERA N’IBINDI

      Raba Harumagedoni ico ari co.

      “Intambara ya Harumagedoni ni iki?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

      Nurabe ibizoba mu kiringo Yezu yise «amakuba akomeye.»—Matayo 24:21.

      “Amakuba akomeye ni iki?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

      Nurabe ukuntu abagize umuryango bozirikana bari kumwe imihango izozanwa n’Ubwami.

      Niwibone uri mw’Iparadizo (1:50)

      Mu kiganiro kivuga ngo “Hari ibibazo vyinshi vyamvuruga umutwe,” nurabe ukuntu uwahoze ari umugumutsi mu vya politike yaronse inyishu z’ibibazo yari amaze igihe yibaza.

      “Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu” (Umunara w’Inderetsi, 1 Nzero 2012)

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika