ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Isengesho rirakomeza ubucuti ufitaniye n’Imana
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
    • Isengesho rirakomeza ubucuti ufitaniye n’Imana

      Vyoba bishika ukipfuza ikintu cokuyobora mu buzima? Hoba hari ibibazo bihambaye wipfuza kuronkera inyishu? Woba ukeneye kuremeshwa no guhumurizwa? Woba wipfuza kurushiriza kwiyegereza Yehova? Isengesho rirashobora kubigufashamwo. Ariko none, uburyo bwiza bwo gusenga ni ubuhe? Imana yoba yumviriza amasengesho yose? Wokora iki kugira Imana yumvirize amasengesho yawe? Reka tubirabe.

      1. Ni nde dukwiye gusenga, kandi ni ibiki dukwiye gusenga dusaba?

      Yezu yatwigishije ko dukwiye gusenga Data wa twese wo mw’ijuru wenyene. Na we ubwiwe ni we yasenga. Yavuze ati: “Nuko rero musenge mutya: ‘Dawe wa twese uri mw’ijuru . . . ’” (Matayo 6:9) Igihe dusenga Yehova, ubugenzi dufitaniye na we burakomera.

      Turashobora gusenga dusaba ikintu ico ari co cose. Ariko rero kugira Imana yishure amasengesho yacu, ategerezwa kuba ahuje n’ivyo igomba. “Ico dusaba [Imana] cose twisunze ukugomba kwayo, i[ra]twumva.” (1 Yohani 5:14) Yezu yaratanze uturorero tw’ibintu bibereye dushobora gusenga dusaba. (Soma Matayo 6:9-13.) Turashobora gusaba ivyo ubwacu dukeneye. Ariko kandi ntitwokwibagira gushimira Imana ku bw’ibintu idukorera no gusenga dusaba ko yofasha abandi.

      2. Dukwiye gusenga gute?

      Bibiliya ituremesha ‘gusuka ibiri mu mutima wacu imbere y’Imana.’ (Zaburi 62:8) Rero ivyo tuvuga mu masengesho yacu bikwiye kuba ari ibivuye ku mutima. Turashobora gusenga Imana n’ijwi ryumvikana canke mu gacerere, twifashe mu buryo ubwo ari bwo bwose bwerekana ko tuyubaha. Vyongeye turashobora gusenga umwanya uwo ari wo wose, aho twoba turi hose.

      3. Imana yishura gute amasengesho yacu?

      Imana ibigira mu buryo butandukanye. Yehova yaraduhaye Ijambo ryiwe Bibiliya, aho dukunze gusanga inyishu z’ibibazo dufise. Gusoma Ijambo ry’Imana “[bira]tuma umuntu atazi utuntu n’utundi aba inkerebutsi.” (Zaburi 19:7; soma Yakobo 1:5.) Igihe turi mu ngorane, Imana irashobora gutuma twumva dutekaniwe mu mutima. Irashobora kandi kuvyurira umutima abasavyi bayo ngo badufashe igihe hari ivyo dukeneye.

      TWINJIRE MU MIZI

      Reka turabe ingene mu gusenga twovuga ibivuye ku mutima. Turaza kubona kandi ingene twosenga mu buryo Imana ishima n’ingene isengesho rishobora kutugirira akamaro.

      4. Hariho ibintu Imana idusaba gukora kugira yumvirize amasengesho yacu

      Ni ibiki bituma Imana yemera amasengesho yacu canke ntiyemere? Nimurabe iyo VIDEWO.

      IVIDEWO: Imana yoba yumviriza amasengesho yose?—Agace (2:42)

      Yehova yipfuza ko tumusenga. Nimusome Zaburi 65:2, muce muganira kuri ibi bibazo:

      • Woba wibaza ko umwe ‘yumva amasengesho’ yipfuza ko umusenga? Kubera iki wishuye gutyo?

      Nimba twipfuza ko Imana yumviriza amasengesho yacu, dutegerezwa kwihatira kubaho twisunga amategeko yayo. Nimusome Mika 3:4 na 1 Petero 3:12, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Twokora iki kugira Yehova yumvirize amasengesho yacu?

      Iyo abasoda bagiye mu ntambara, bose barasenga basaba ko botsinda. Hoba hari uwokwitega ko Imana yishura amasengesho nk’ayo?

      5. Mu gusenga dukwiye kuvuga ibivuye ku mutima

      Abantu bamwebamwe bigishijwe kuza barasubiramwo ibisabisho bafashe ku mutwe. Ariko ukwo kwoba ari ko Imana yipfuza ko tuyisenga? Nimusome Matayo 6:7, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Twokwirinda gute ‘kuza turasubiramwo vya bindi nyene kenshikenshi’ mu masengesho dutura?

      Buri musi, urashobora kwiyumvira ikintu ciza cagushikiye ugaca ushimira Yehova ku bw’ico kintu. Niwabigira mu kiringo c’indwi, uzosanga wavuze ibintu indwi bitandukanye utarinze kuza urasubiramwo.

      Agahungu kariko karayagira abavyeyi bako.

      Umuvyeyi mwiza aba yipfuza ko umwana wiwe amuyagira abikuye ku mutima. Na Yehova yipfuza ko tumubwira ibivuye ku mutima

      6. Isengesho ni ingabire Imana yaduhaye

      Isengesho rishobora gute kudukomeza, na canecane igihe turi mu ngorane? Nimurabe iyo VIDEWO.

      IVIDEWO: Isengesho riradufasha kwihangana (1:32)

      Bibiliya ivuga ko isengesho rishobora gutuma twumva dutekaniwe mu mutima. Nimusome Abafilipi 4:6, 7, muce muganira kuri ibi bibazo:

      • Naho isengesho ridatuma ingorane dufise zihera, ridufasha gute?

      • Ni ibintu ibihe woshima gusenga usaba?

      Wari ubizi?

      Ijambo “amen” risobanura ngo “nibibe ukwo nyene” canke ngo “nta nkeka.” Kuva igihe Bibiliya yariko irandikwa, iryo jambo ryarakoreshwa mu gusozera amasengesho.—1 Ngoma 16:36.

      7. Nutegekanye umwanya wo gusenga

      Rimwe na rimwe vyoshobora gushika tukibagira gusenga kubera ko twafatiriwe cane. Yezu yabona ko isengesho rihambaye ku rugero rungana gute? Nimusome Matayo 14:23 na Mariko 1:35, muce muganira kuri ibi bibazo:

      • Yezu yakura he umwanya wo gusenga?

      • Ni ryari woronka umwanya wo gusenga?

      Amafoto: Umugore ariko arasenga mu biringo bitandukanye vy’umusi. 1. Mu gitondo. 2. Ari kumwe n’abana biwe. 3. Ku kazi. 4. Imbere y’uko afungura.

      HARI ABAVUGA BATI: “Gusenga ni uguta umwanya kuko nta n’umwe akwumviriza.”

      • Hagize uwukubwira gutyo womwishura gute?

      INCAMAKE

      Amasengesho avuye ku mutima aratuma ubucuti dufitaniye n’Imana burushiriza gukomera, agatuma twumva dutekaniwe mu mutima akongera agatuma turonka inguvu dukeneye kugira duhimbare Yehova.

      Wize iki?

      • Dukwiye gusenga nde?

      • Dukwiye gusenga gute?

      • Isengesho ridufitiye akamaro akahe?

      Umugambi wokwishingira

      RONDERA N’IBINDI

      Raba inyishu z’ibibazo abantu bakunze kwibaza ku bijanye n’isengesho.

      “Ibintu indwi ukeneye kumenya ku vyerekeye isengesho” (Umunara w’Inderetsi, 1 Gitugutu 2010)

      Nurabe imvo zihambaye zikwiye gutuma usenga be n’ingene woryohora amasengesho utura.

      “Kubera iki nosenga?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

      Nurabe ivyo Bibiliya yigisha ku bijanye n’uwo dukwiye gusenga.

      “Noba nkwiye gusenga aberanda?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

      Muri aka kavidewo k’umuziki, nurabe nimba umwanya canke ikibanza dusengeramwo hari ico bitwaye.

      Senga igihe cose (1:22)

  • Nubandanye ukomeza ubucuti ufitaniye na Yehova
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
    • 4. Nubandanye kuganira n’Umugenzi wawe akurutira abandi

      Gusenga no kwiga Bibiliya vyaragufashije kuba umugenzi wa Yehova. None ni gute ivyo bintu vyogufasha kurushiriza kumwiyegereza?

      Nimusome Zaburi 62:8, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Kugira ubandanye ukomeza ubucuti ufitaniye na Yehova, woryohora gute amasengesho yawe?

      Nimusome Zaburi 1:2, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Kugira urushirize gukomeza ubucuti ufitaniye na Yehova, wokora iki uriko urasoma Bibiliya?

      Wokora iki kugira urushirize kwungukira ku kwiyigisha Bibiliya? Kugira ubone ivyogufasha, nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

      IVIDEWO: Nuryohore ukuntu wiyigisha (5:22)

      • Muri ivyo vyiyumviro vyatanzwe mw’ividewo, ni ibihe wipfuza gukurikiza?

      • Ni ibintu ibihe wipfuza kwiyigisha?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika