ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w99 1/1 rup. 32
  • ‘Barebare nk’Igiti c’Isederi c’i Lebanoni’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Barebare nk’Igiti c’Isederi c’i Lebanoni’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
w99 1/1 rup. 32

‘Barebare nk’Igiti c’Isederi c’i Lebanoni’

KU MISOZI y’akaroruhore ya Lebanoni haramera ibiti abantu bita Arz Ar-rab, bisobanura ngo “Amasederi y’Umukama.” Ivyo biti vy’inganzamarumbu vyama bitoshe, bikaba vyigeze kuba bishagaje kuri iyo misozi, biravugwa muri Bibiliya incuro nka 70—bikaba bivugwa muri yo kurusha ibindi biti vyose.

Mu kuvuga ivy’ayo masederi maninimanini yo kuri Lebanoni, Ivyanditswe bikoresha imvugo ngo “[c]iza bihebuje” be na “ciza.” (Indirimbo ya Salomo 5:15; Ezekiyeli 17:23) Ubunini bw’isederi hamwe n’ukuntu imbaho zaryo ziramba, vyamye bituma abantu bakunda cane kuryubakisha inzu be n’amato, rikanahingurwamwo ibikoresho. Akamoto k’imbaho hamwe n’akabara karwo gakeye, ni akaroruhore, kandi ukuba gifise ibintu bikomeye nk’uburembo vyinshi biratuma kandi kitabungwa n’udukoko. Ivyo biti ni birebire kandi bivyibushe bimwe bitangaje, bigashikana uburebure bw’imetero 37, hamwe n’ubwaguke bw’imetero 12, bikagira n’imizi ishika kure cane mu kuzimu kandi ikomeye. Ntibitangaje rero kubona abahinga mu vy’amashamba bo muri iki gihe badondoye ivyo biti ko ari “urugori rw’isi y’ibimera”!

Mu buhanuzi, umwanditsi wa Bibiliya Ezekiyeli yasanishije Mesiya n’umuvyaro w’isederi, uwo Imana ubwayo ica yibadikira. (Ezekiyeli 17:22) Nkako, ijambo ry’Igiheburayo rivuga “isederi” riva ku nkomoko isobanura “gushikama.” Muri iki gihe, abayoboke ba Mesiya Yezu Kirisitu, na bo nyene bakeneye ‘guhagarara bashikamye mu kwizera, . . . bakaba abagabo,’ nk’isederi rirerire, iridahuta riravunika ningoga. (1 Ab’i Korinto 16:13) Ivyo none bishobora gushikwako gute? Mu kunanira dushikamye utwosho duhushanye n’Ubukirisu, kandi tukihangana tutanyiganyiga mu ngendo y’ukutadohoka n’ukuyobokera Imana. Abantu babigenza gutyo muri Bibiliya bavugwa ko ari ‘abagororotsi . . . baba barebare nk’igiti c’isederi c’i Lebanoni.’—Zaburi 92:12.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika