ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ni ibiki vyogufasha kuguma wiga Bibiliya?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
    • Icigwa ca 12. Inabibondo ari kumwe n’abana biwe babiri, ariko ariga Bibiliya n’Icabona ca Yehova.

      ICIGWA CA 12

      Ni ibiki vyogufasha kuguma wiga Bibiliya?

      Kwiga Bibiliya ni ngirakamaro, ariko ntivyama vyoroshe. Vyoshika ukibaza nimba uzoshobora kubandanya wiga Bibiliya. Ariko kubera iki bihambaye ko ugira akigoro ko kubandanya? Ni igiki cogufasha kwumirako naho ingorane zitabuze?

      1. Kubera iki kwiga Bibiliya bihambaye?

      “Ijambo ry’Imana [ni] rizima kandi rigira ububasha.” (Abaheburayo 4:12) Bibiliya iratubwira ukuntu Imana ibona ibintu be n’uko idukunda. Irashobora kugufasha kuronka ubumenyi, ubukerebutsi nyakuri n’icizigiro. N’igihambaye kuruta, Bibiliya irashobora kugufasha kuba umugenzi wa Yehova. Igihe wiga Bibiliya, bituma ikugirako ububasha, gutyo ubuzima bwawe bukarushiriza kumera neza.

      2. Kubera iki guha agaciro ukuri kwo muri Bibiliya bihambaye?

      Ukuri kwo muri Bibiliya kumeze nk’itunga ry’agaciro. Ni co gituma Bibiliya iduhimiriza ‘kugura ukuri ntitukugurishe.’ (Imigani 23:23) Igihe tugumije ku muzirikanyi agaciro k’ukuri kwo muri Bibiliya, turihatira kuguma tukwiga naho twohura n’intambamyi.—Soma Imigani 2:4, 5.

      3. Yehova yogufasha gute kubandanya wiga Bibiliya?

      Kubera ko Yehova ari Umuremyi ahambaye akaba n’umugenzi wawe, yipfuza kugufasha kwiga ibimwerekeye. Arashobora kuguha icipfuzo n’ububasha bwo kubikora. (Soma Abafilipi 2:13.) Ku bw’ivyo, bishitse ukumva umengo wohagarika kwiga canke ukabona umengo biragoye gushira mu ngiro ivyo wiga, numusabe agufashe. Nimba ukeneye inkomezi kugira ushobore gutsinda intambamyi canke kwihanganira uruhamo, arashobora kuzikuronsa. Niwame rero usenga Yehova umusaba agufashe kubandanya wiga Bibiliya.—1 Abatesalonika 5:17.

      TWINJIRE MU MIZI

      Reka turabe ingene wobandanya wiga Bibiliya naho woba ufise ibikorwa vyinshi canke hakaba hari abakurwanya. Turaza kandi kubona ingene Yehova yogufasha kwumirako.

      4. Nuhe agaciro kwiga Bibiliya

      Birashika tukabona umengo nta mwanya wo kwiga Bibiliya dufise. Ni igiki none codufasha? Nimusome Abafilipi 1:10, muce muganira kuri ibi bibazo:

      • Wibaza ko bimwebimwe mu bintu “bihambaye kuruta ibindi” mu buzima ari ibiki?

      • Wokwerekana gute ko uha agaciro kwiga Bibiliya?

      A. Amafoto: Amashusho yerekana indobo yuzuye amabuye n’umusenyi. 1. Umusenyi n’amabuye. 2. Indobo icagatiye umusenyi. 3. Amabuye bashize kuri uwo musenyi, hari n’ayandi hasi. B. Amafoto: 1. Wa musenyi nyene na ya mabuye. 2. Ya ndobo nyene ihakwa kwuzura ya mabuye. 3. Umusenyi wakwiragiye hirya no hino ya ya mabuye, ukuzura no gushika hejuru. Udusenyi dukeyi ni two dusigaye hasi.
      1. Ushize umusenyi mu ndobo hanyuma ugashirayo amabuye, ayo mabuye ntakwirayo

      2. Ubanje gushiramwo amabuye, umusenyi nka wose uraronka aho uja. Muri ubwo buryo nyene, ushize imbere “ibihambaye kuruta ibindi” mu buzima bwawe, uzoshobora kubikora vyose, uronke n’umwanya wo gukora ibindi

      Kwiga Bibiliya biratuma turonka ibintu vy’impwemu dukeneye, ivyo na vyo akaba ari kumenya Imana no kuyisenga. Nimusome Matayo 5:3, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Ni ivyiza ibihe biva ku guha agaciro kwiga Bibiliya?

      5. Ntutane n’akabando naho bokurwanya

      Vyoshika hakagira abagerageza kuguca intege ngo ntubandanye wiga Bibiliya. Raba akarorero k’uwitwa Francesco. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

      IVIDEWO: Yararonse impera kubera atatanye n’akabando (5:22)

      Ifoto yo mw’ividewo ‘Yararonse impera kubera atatanye n’akabando.’ Francesco ahevye abagenzi biwe, ahejeje kubabwira ko atazosubira kwifatanya na bo.
      • Muri iyo videwo, igihe Francesco yabwira incuti n’abagenzi ivyo ariko ariga, bavyakiriye gute?

      • Ni impera iyihe yaronse kubera yumiyeko?

      Nimusome 2 Timoteyo 2:24, 25, muce muganira kuri ibi bibazo:

      • Incuti n’abagenzi bawe bakira gute ivyo uriko uriga?

      • Wisunze ico canditswe, wovyifatamwo gute hagize uwudahimbarwa n’uko uriko uriga Bibiliya? Kubera iki wishuye gutyo?

      6. Niwiheke kuri Yehova kugira agufashe

      Uko ubucuti dufitaniye na Yehova burushiriza gukomera, ni ko icipfuzo dufise co kumuhimbara kirushiriza kwongerekana. Ariko birashobora kutatworohera kugira ivyo duhinduye mu buzima kugira tubeho twisunga ingingo ngenderwako ziwe. Nimba ivyawe ari ukwo vyifashe, ntucike intege. Yehova azogufasha. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

      IVIDEWO: Yehova aradufasha kugira amahinduka (3:56)

      • Muri iyo videwo, ni amahinduka ayahe Jim yagize kugira ahimbare Yehova?

      • Muri iyo nkuru, ni ibiki vyagukoze ku mutima?

      Nimusome Abaheburayo 11:6, muce muganira kuri ibi bibazo:

      • Ni ibiki Yehova azokorera abamuronderana ubwira, ni ukuvuga abihata kugira bamumenye kandi bamuhimbare?

      • Wisunze ico canditswe, Yehova yoba ahimbarwa igihe abonye utwigoro ugira kugira wige Bibiliya? Kubera iki wishuye gutyo?

      HARI UWOBAZA ATI: “Kubera iki uriko uriga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova?”

      • Womwishura gute?

      INCAMAKE

      Naho kwiga Bibiliya bitama vyoroshe, birashobora gutuma wiberaho ibihe bidahera. Niwiheke kuri Yehova, na we azoguha impera.

      Wize iki?

      • Kubera iki ukuri kwo muri Bibiliya guhambaye kuri wewe?

      • Umaze kumenya neza “ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo,” ukwiye guca ukora iki?

      • Kubera iki bihambaye ko usaba Yehova ngo agufashe kubandanya wiga Bibiliya?

      Umugambi wokwishingira

      RONDERA N’IBINDI

      Raba ibintu bine vyafashije abatari bake gukoresha neza umwanya wabo.

      “Ingene wokoresha neza umwanya wawe” (Be maso!, Ruhuhuma 2014)

      Raba ingene Yehova yafashije umugore umwe yihata kugira ahimbare Imana, ariko umugabo wiwe akaba atamutahura.

      Yehova aradufasha kwikorera imitwaro yacu (5:05)

      Raba imihezagiro umugabo umwe yironkeye kubera umugore wiwe atatanye n’akabando.

      Narasuzumye ngo ndabe ko kwari ukuri (6:30)

      Rimwe na rimwe Ivyabona vya Yehova baragirizwa ko basambura ingo. Ariko none ukwo kwoba ari ukuri?

      “Ivyabona vya Yehova boba basambura ingo canke barazikomeza?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

  • Ivyodufasha gufata ingingo nziza
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
    • Icigwa ca 35. Serugo ariko ararondera imiduga iri kw’isoko aciye kuri internet, umukenyezi wiwe n’abana bariko bararaba.

      ICIGWA CA 35

      Ivyodufasha gufata ingingo nziza

      Twese turashikirwa n’ibintu bidusaba gufata ingingo. Nyinshi muri zo ziragira ingaruka kuri twebwe no ku bucuti dufitaniye na Yehova. Nk’akarorero, tubwirizwa guhitamwo aho tuzoba, ukuntu tuzokwibeshaho be no kuba tuzokwubaka urwacu canke tutazokwubaka. Igihe dufashe ingingo nziza turahimbarwa mu buzima kandi tukanezereza Yehova.

      1. Wokoresha gute Bibiliya kugira ufate ingingo nziza?

      Imbere y’uko ufata ingingo, nusabe Yehova agufashe, wongere urabe muri Bibiliya ukuntu abona ibijanye n’ico kintu. (Soma Imigani 2:3-6.) Mu bihe bimwebimwe, Yehova aratanga itegeko ridomako. Mu bihe nk’ivyo, guhitamwo kugamburuka iryo tegeko atanga, ni yo ngingo nziza kuruta izindi wofata.

      Bite ho mu gihe ata tegeko ridomako Bibiliya itanga ku bijanye n’ico wokora? No muri ico gihe nyene, Yehova arakuyobora “mu nzira ukwiye kugenderamwo.” (Yesaya 48:17) Uti abigira gute? Abicisha ku ngingo ngenderwako akuronsa. Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ni ukuri kw’ishimikiro kuri muri Bibiliya kudufasha gutahura ukuntu Imana ibona ibintu bitandukanye hamwe n’ukuntu yiyumva ku bijanye na vyo. Akenshi igihe dusomye inkuru yo muri Bibiliya, turatahura ingene Imana ibona ikintu kanaka. Tumaze gutahura ingene Yehova abona ico kintu, turashobora guca dufata ingingo zimuhimbara.

      2. Ni ibiki worimbura imbere yo gufata ingingo?

      Bibiliya ivuga iti: “Umunyabwenge ararimbura intambuko ziwe.” (Imigani 14:15) Ivyo bisobanura ko imbere y’uko dufata ingingo, dukwiye gufata akanya tukazirikana ku mahitamwo twogira. Uko urimbura ingingo yose wofata, niwibaze uti: ‘Ni ingingo ngenderwako iyihe yo muri Bibiliya nokwisunga? Ni ingingo iyihe nofata izotuma ngira amahoro mu mutima? Amahitamwo ngira azogira ingaruka izihe ku bandi? N’igihambaye kuruta, yoba azotuma Yehova ahimbarwa?’—Gusubira mu vyagezwe 32:29.

      Yehova arafise uburenganzira bwo kutubwira ikibereye n’ikitabereye. Igihe tumenye neza amategeko ya Yehova n’ingingo ngenderwako ziwe kandi tukiyemeza kubikurikiza, tuba turiko turamenyereza ijwi ryacu ryo mu mutima. Ijwi ryo mu mutima ni ubushobozi dufise muri twebwe budufasha kumenya iciza n’ikibi. (Abaroma 2:14, 15) Ijwi ryo mu mutima ryamenyerejwe neza rizodufasha gufata ingingo nziza.

      TWINJIRE MU MIZI

      Reka twihweze twitonze ukuntu ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya hamwe n’ijwi ryacu ryo mu mutima bidufasha kubona ingingo twofata.

      3. Nureke Bibiliya ikuyobore

      Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zishobora gute kudufasha igihe dufata ingingo? Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

      IVIDEWO: Nuyoborwe n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya (5:54)

      • Ni ingabire idasanzwe iyihe Yehova yaduhaye?

      • Kubera iki Yehova yaduhaye umwidegemvyo wo kwihitiramwo?

      • Ni ibiki Yehova yaduhaye kugira ngo dushobore gukoresha neza umwidegemvyo wacu wo kwihitiramwo?

      Kugira ubone akarorero kamwe k’ingingo ngenderwako yo muri Bibiliya, nimusome Abanyefeso 5:15, 16. Nimuce muganira ku kuntu ‘wokwicungurira umwanya ubereye’ kugira . . .

      • usome Bibiliya buri musi.

      • wimenyereze kuba umugabo canke umukenyezi mwiza, umuvyeyi mwiza canke umwana ameze neza.

      • witabe amakoraniro.

      4. Numenyereze ijwi ryawe ryo mu mutima kugira ufate ingingo nziza

      Igihe hari itegeko ridomako ku ngingo dushaka gufata, vyoshobora kutworohera kubona ico twokora. Ariko, bite ho igihe ata tegeko ridomako rihari? Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

      IVIDEWO: ‘Mugumane ijwi ryo mu mutima ryiza’ (5:13)

      • Muri iyo videwo, ni intambwe izihe uwo mushiki wacu yateye kugira ashobore kumenyereza ijwi ryiwe ryo mu mutima no gufata ingingo ihimbara Yehova?

      Kubera iki tudakwiye gusaba abandi ngo batubwire ingingo twofata? Nimusome Abaheburayo 5:14, muce muganira kuri ibi bibazo:

      • Naho vyoba bisa n’ivyoroshe kubaza abandi ingingo twofata, ni ibiki ubwacu dukwiye kumenya gutandukanya?

      • Ni igiki cogufasha kumenyereza ijwi ryawe ryo mu mutima no gufata ingingo nziza?

      Umuntu ariko atwara umuduga mw’ibarabara. Ubuhinga bwa GPS buriko buramufasha kumenya ibarabara ribereye yocamwo kugira ntazimire.

      Nka kurya kw’ikarata, ijwi ryo mu mutima riradufasha kumenya ico twokora mu buzima

      5. Niwubahirize ijwi ryo mu mutima ry’abandi

      Kubera ko abantu batandukanye, bafata n’ingingo zitandukanye. Twokwerekana gute ko twubahiriza ijwi ryo mu mutima ry’abandi? Reka turimbure ibintu bibiri vyoshika:

      Ikintu ca 1: Umudada akunda kwipodora yimukiye mw’ishengero aho benshi mu badada baririmwo bibatsitaza babonye umuntu yipodoye.

      Nimusome Abaroma 15:1 na 1 Abakorinto 10:23, 24, muce muganira kuri ibi bibazo:

      • Wisunze iyo mirongo, uwo mudada yokora iki? Wokora iki hamwe woba uri kumwe n’umuntu afise ijwi ryo mu mutima rimubuza gukora ikintu, ariko wewe rikaba rikwemerera kugikora?

      Ikintu ca 2: Umuvukanyi arazi ko Bibiliya itabuza kunywa inzoga, ariko ahisemwo kuziheba. Atumiwe ahantu maze abonye abandi bavukanyi bariko baranywa inzoga.

      Nimusome Umusiguzi 7:16 n’Abaroma 14:1, 10, muce muganira kuri ibi bibazo:

      • Wisunze iyo mirongo, uwo muvukanyi yokora iki? Wokora iki ubonye umuntu ariko akora ikintu ijwi ryawe ryo mu mutima ritakwemerera gukora?

      Ni intambwe izihe twotera kugira dufate ingingo nziza?

      Umukenyezi ariko arasenga.

      1. Nusabe Yehova agufashe guhitamwo ico wokora.—Yakobo 1:5.

      Wa mukenyezi nyene ariko aragira ubushakashatsi akoresheje Bibiliya, ibitabu bishingiye kuri Bibiliya hamwe na orodinateri.

      2. Nugire ubushakashatsi muri Bibiliya no mu bitabu bishingiye kuri yo kugira ubone ingingo ngenderwako wokwisunga. Woshobora no kwitura abakirisu bazi utuntu n’utundi.

      Wa mukenyezi nyene ariko arazirikana.

      3. Nuzirikane ku ngaruka ingingo ufata izogira kw’ijwi ryawe ryo mu mutima n’iry’abandi.

      HARI ABAVUGA BATI: “Urafise uburenganzira bwo gukora ico ushaka cose. Nakare umuntu wese azokwikorera umutwaro wiwe bwite.”

      • Kubera iki bihambaye ko turimbura ukuntu Imana ibona ibintu hamwe n’ukuntu abandi bantu babibona?

      INCAMAKE

      Turafata ingingo nziza igihe turimbuye ukuntu Yehova abona ibintu maze tukazirikana nimba ivyo duhisemwo gukora bizofasha abandi canke nimba bizotuma bababara.

      Wize iki?

      • Wofata gute ingingo zihimbara Yehova?

      • Womenyereza gute ijwi ryawe ryo mu mutima?

      • Wokwerekana gute ko wubahiriza ijwi ryo mu mutima ry’abandi?

      Umugambi wokwishingira

      RONDERA N’IBINDI

      Ni gute wofata ingingo zigufasha gukomeza ubucuti ufitaniye n’Imana?

      “Nufate ingingo zitera iteka Imana” (Umunara w’Inderetsi, 15 Ndamukiza 2011)

      Numenye vyinshi ku kuntu Yehova atuyobora.

      Yehova arayobora abasavyi biwe (9:50)

      Nurabe icafashije umugabo umwe gufata ingingo itoroshe.

      Kwa Yehova ntawigera ataha zirayoye (5:46)

      Nurabe ukuntu wohimbara Yehova n’igihe ata tegeko ridomako ryoba rihari.

      “Woba wama ukenera itegeko rya Bibiliya?” (Umunara w’Inderetsi, 1 Kigarama 2003)

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika