ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Nuhitemwo neza abagenzi
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
    • Icigwa ca 48. Abagenzi bane bariko barifotora.

      ICIGWA CA 48

      Nuhitemwo neza abagenzi

      Abagenzi beza baratuma umunezero wacu wongerekana kandi bakaduserukako turi mu ngorane. Ariko Bibiliya iratugabisha yuko abantu bose atari abagenzi beza. None wohitamwo gute abagenzi beza? Rimbura ibibazo bikurikira.

      1. Ni gute abagenzi uhitamwo bagira ico bakoze kuri wewe?

      Igihe tumarana umwanya munini n’abantu, biroroha ko tumera nka bo. Bashobora kuduhindura tukamera neza canke nabi, kandi ukwo ni kwo biri twaba twifatanya amaso mu yandi canke ku buhinga bwa none. Nk’uko Bibiliya ibivuga, “uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi, mugabo uwugirana imigenderanire n’ibijuju [ni ukuvuga abadakunda Yehova] azokwibonerako.” (Imigani 13:20) Abagenzi bakunda Yehova kandi bakamusenga barashobora kugufasha kumwiyegereza no gufata ingingo nziza. Ariko igihe abagenzi somambike bacu badakunda Yehova barashobora gutuma tutamwiyegereza. Ni co gituma Bibiliya iduhimiriza guhitamwo neza abagenzi. Igihe abagenzi bacu bakunda Yehova twese turahungukira. Gutyo, birashoboka ko ‘tuguma duhozanya kandi tukubaka bagenzi bacu.’—1 Abatesalonika 5:11.

      2. Abagenzi uhitamwo bazotuma Yehova yiyumva gute?

      Yehova arahitamwo abagenzi biwe yitonze. “Kugirana ubugenzi somambike na We ni ivy’abagororotse.” (Imigani 3:32) Yehova yokwiyumva gute duhisemwo abagenzi batamukunda? Emwe vyomubabaza cane. (Soma Yakobo 4:4.) Ku rundi ruhande, nitwamirira kure abagenzi babi, tukifatanya n’abamukunda kandi tukamwiyegereza, azohimbarwa yongere atugire abagenzi biwe.—Zaburi 15:1-4.

      TWINJIRE MU MIZI

      Reka turabe igituma bihambaye ko duhitamwo abagenzi beza hamwe n’ukuntu twokomeza ubucuti dufitaniye na bo.

      3. Nube maso ku bo mwifatanya

      Abantu badakunda Yehova hamwe n’amategeko yiwe si abagenzi beza. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

      IVIDEWO: Niwirinde abagenzi babi (6:17)

      • Dushobora gute kwifatanya n’abagenzi babi tutabiciye n’ikanda?

      Nimusome 1 Abakorinto 15:33, muce muganira kuri ibi bibazo:

      • Abantu ubona ko bokubera abagenzi babi bameze gute? Kubera iki?

      Nimusome Zaburi 119:63, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Umugenzi mwiza akwiye kuba ameze gute?

      Akantu karimwo ivyamwa. Icamwa kimwe kiboze kiriko kirakwega insazi kandi catanguye kwanduza ibindi.

      Icamwa kimwe kiboze kirashobora kwonona ibindi. Umugenzi mubi ashobora gutuma nawe umera gute?

      4. Abantu dufise ivyo dutandukaniyeko barashobora kutubera abagenzi

      Bibiliya iratwiganira inkuru ya Dawidi na Yonatani, bakaba bari abo muri Isirayeli ya kera. Yonatani yarasumvya imyaka myinshi Dawidi, akaba yari n’umwana w’umwami. Naho vyari ukwo, bari abagenzi somambike. Nimusome 1 Samweli 18:1, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Kubera iki abagenzi bacu badakwiye kuba gusa abo tunganya imyaka canke abo dufise ikibanza kimwe mu kibano?

      Nimusome Abaroma 1:11, 12, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Abagenzi bakunda Yehova bashobora gute kuremeshanya?

      Muri iyo videwo, nurabe ukuntu uwukiri muto umwe aronkera abagenzi aho atari yiteze. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

      IVIDEWO: Urashobora kuronka abagenzi aho utari witeze (5:06)

      • Muri iyo videwo, kubera iki abavyeyi ba Akil bari barajwe ishinga n’abo bifatanya kw’ishure?

      • Mu ntango, ni ibiki vyatuma abakunda?

      • Ni igiki camufashije gutsinda irungu?

      5. Ingene twokomeza ubucuti dufitaniye n’abagenzi beza

      Reka turabe ingene tworonka abagenzi beza n’ingene twobera abandi abagenzi beza. Nimurabe iyo VIDEWO.

      IVIDEWO: Umugenzi nyakuri ameze gute? (4:14)

      Ifoto yakuwe mw’ividewo ivuga ngo ‘Umugenzi nyakuri ameze gute?’ Umuyabaga akikujwe n’abagenzi biwe b’imyaka n’amoko bitandukanye kandi bazi ibintu bitandukanye.

      Nimusome Imigani 18:24 na 27:17, muce muganira kuri ibi bibazo:

      • Abagenzi nyakuri bafashanya gute?

      • Woba ufise umugenzi nk’uwo? Nimba utamufise, womurondera gute?

      Nimusome Abafilipi 2:4, muce muganira kuri iki kibazo

      • Kugira uronke abagenzi beza, urakeneye kubera abandi umugenzi mwiza. Ivyo wobigira gute?

      Amafoto: Mushiki wacu akiri muto yagendewe n’abagenzi biwe somambike batatu. 1. Ariko araganira n’umwe muri bo kuri terefone. 2. Ariko arayaga n’uwitereye mu myaka bari mu Ngoro y’Ubwami. 3. Yagendeye umwe muri bo atuntuye.

      Kugira uronke abagenzi beza, urakeneye kubera abandi umugenzi mwiza

      HARI ABAVUGA BATI: “Umuntu uwo ari we wese arashobora kukubera umugenzi.”

      • Wewe ubivugako iki?

      INCAMAKE

      Igihe duhisemwo neza abagenzi, birahimbara Yehova kandi bikatugirira akamaro.

      Wize iki?

      • Kubera iki Yehova yitwararika ukuntu duhitamwo abagenzi?

      • Dukwiye kwirinda abagenzi bameze gute?

      • Wokomeza gute ubucuti ufitaniye n’abagenzi beza?

      Umugambi wokwishingira

      RONDERA N’IBINDI

      Nurabe ukuntu abagenzi beza bashobora kudufasha mu bihe bigoye.

      “Dukomeze ubugenzi dufitaniye imbere y’uko iherezo rishika” (Umunara w’Inderetsi, Munyonyo 2019)

      Raba ibintu ngirakamaro wokora kugira ngo uronke abagenzi beza.

      “Noronka gute abagenzi beza?” (Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1, ikigabane ca 8)

      Ni igiki ukwiye kumenya ku bucuti bwo kuri internet?

      Nukoreshe neza ubuhinga bwa none (4:12)

      Mu nkuru ivuga ngo “Nari nshashaye kuronka uwombera dawe,” nurabe icatumye umugabo umwe asubira gusuzuma abagenzi yari afise.

      “Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu” (Umunara w’Inderetsi, 1 Ndamukiza 2012)

  • Nuhitemwo uburyo bwo kwinezereza buhimbara Yehova
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
    • 1. Ni ibiki dukwiye kwibuka igihe duhitamwo uburyo bwo kwinezereza?

      Ushima gukora iki igihe uba uruhutse? Bamwe bashima kumara akanya muhira basoma ibitabu, bumviriza umuziki, baraba isinema canke bakoresha internet. Abandi bashima kumarana akanya n’abagenzi batembera canke binonora imitsi. Uburyo bwo kwinezereza ubwo ari bwo bwose duhitamwo, turakwiye kwiyemeza ko ‘bwemerwa ku Mukama.’ (Abanyefeso 5:10) Birahambaye ko ivyo tubitahura kubera ko uburyo bwo kwinezereza abantu benshi bahitamwo usanga burimwo ibintu Yehova yanka, nk’ubukazi, ubusambanyi canke ivy’amashetani. (Soma Zaburi 11:5.) Ni igiki none codufasha guhitamwo neza uburyo bwo kwinezereza?

      Nitwahitamwo abagenzi bakunda Yehova, bazodufasha guhitamwo uburyo bwiza bwo kwisamaza. Nk’uko twabibonye mu cigwa giheze, “uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi.” Ku rundi ruhande, igihe tumarana umwanya n’abantu batitaho amategeko y’Imana ‘tuzokwibonerako.’—Imigani 13:20.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika