-
Dukunde abo Imana ikunda“Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
-
-
2 Bibiliya iraserura ukuri ntaseswa igihe ivuga iti: “Uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi, mugabo uwugirana imigenderanire n’ibijuju azokwibonerako.” (Imigani 13:20) Uwo mugani ntushaka kuvuga gusa kubonana n’umuntu rimwerimwe. Imvugo ngo ‘kugendana’ itanga iciyumviro co gucudika n’umuntu.a Igitabu kimwe c’ivya Bibiliya kiragira ico kivuze kuri ico canditswe, giti: “Kugendana n’umuntu bisobanura kumukunda no kwifatanya na we.” Hari uwohakana none ko vyoroshe kwigana abo dukunda? Mu vy’ukuri, kubera yuko usanga tubiyumvamwo cane, barashobora kutugirako akosho gakomeye, kaba keza canke kabi.
-
-
Dukunde abo Imana ikunda“Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
-
-
a Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo ‘kugirana imigenderanire’ rihindurwa kandi ngo “kwifatanya” canke “kugiranira ubugenzi.”—Abacamanza 14:20; Imigani 22:24.
-