-
Ibiyago vyo mu vy’impwemu birubakaUmunara w’Inderetsi—2003 | 15 Nyakanga
-
-
20. Twokora iki nimba duhuye n’umuntu w’amasoni?
20 Tuvuge iki none hamwe umuntu yoba asa n’uwutabinegwa igihe utanguje ikiyago gishingiye ku vy’impwemu? Ntuce uheba. Kumbure urashobora kuronka akandi karyo mu nyuma. Salomo yavuze ati: “Ijambo rivuzwe mu buryo bubereye ni nk’amacungwa y’izahabu ari mu tujishano tw’ifeza” (Imigani 25:11). Nugaragaze ko utahura abantu b’amasoni. “Inama yo mu mutima w’umuntu ni nk’amazi yo hasi mw ibenga, arik’umuntu w’umunyabgenge arayivoma”a (Imigani 20:5). Ikiruta vyose, ntiwigere ureka ngo inyifato abandi bagaragaza ikubuze kuvuga ibintu bigukora ku mutima.
-
-
Ibiyago vyo mu vy’impwemu birubakaUmunara w’Inderetsi—2003 | 15 Nyakanga
-
-
a Amariba amwamwe yo muri Isirayeli yari maremare cane. I Gibeyoni, abacukuzi barubuye ikinogo c’amazi kireha n’imetero nka 25 uja mu kuzimu. Kirimwo ingazi zafasha abantu kumanuka gushika hasi kugira ngo bavome amazi.
-