ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gutahura intumbero y’ugutozwa indero
    Umunara w’Inderetsi—2003 | 1 Gitugutu
    • Ariko rero, Bibiliya ivuga ugutozwa indero mu buryo buhushanye n’ubwo. Wa Mwami w’inkerebutsi Salomo yanditse ati: ‘Mwana wanje, ntugaye ugutozwa indero na Yehova’ (Imigani 3:11). Ayo majambo ntiyerekeza ku gutozwa indero muri rusangi, ariko yerekeza ku ‘gutozwa indero na Yehova’, ni ukuvuga ugutozwa indero gushingiye ku ngingo ngenderwako zikirurutse z’Imana. Mwene ukwo gutozwa indero ni kwo kwonyene kugira ico kuvamwo kandi kukaba ngirakimazi mu buryo bw’impwemu, eka mbere kukaba ari ukwo kwipfuzwa. Igihushanye n’ivyo, ugutozwa indero gushingiye ku vyiyumviro vy’abantu guteye kubiri n’ingingo ngenderwako zikirurutse za Yehova, akenshi usanga kurengeje urugero kandi kubabaza. Ivyo birasigura igituma abantu benshi batabona neza ugutozwa indero.

      Ni kubera iki duhimirizwa kwemera ugutozwa indero na Yehova? Mu Vyanditswe, ugutozwa indero n’Imana kudondorwa ko ari uburyo Imana iserura urukundo ikunda ibiremwa-bantu vyayo. Ku bw’ivyo, Salomo yavuze ati: “Uwo Uhoraho akunda [ni] we ahana, nk’uko se w’umwana nyene ahana umwana wiwe anezererwa”.​—Imigani 3:12.

      Ugutozwa indero n’uguhanwa bitandukaniye hehe?

      Ugutozwa indero nk’uko guserurwa muri Bibiliya kurimwo imice myinshi: ubuyobozi, inyigisho, ukumenyereza, ugukangira, ugukosora eka mbere n’uguhana. Ariko rero, mu muce umwumwe wose, ugutozwa indero na Yehova kuva ku rukundo, kandi intumbero yakwo iba ari iyo kugirira akamaro nyene kuyitozwa. Ugutozwa indero na Yehova kurimwo ugukosora, ntikwigera kugira intumbero yo gutanga gusa igihano.

  • Gutahura intumbero y’ugutozwa indero
    Umunara w’Inderetsi—2003 | 1 Gitugutu
    • Ni mu buhe buryo ivyo bikorwa vy’uguhana ‘vyashiriweho kuba akabarore k’abagenda batubaha Imana’? Mw’ikete Paulo yandikiye Abanyatesalonike, yaradomye urutoke ku gihe cacu ko ari co gihe Imana, ibicishije ku Mwana wayo Yezu Kirisitu, ‘izohora abatayimenye n’abatumvira ubutumwa bwiza’. Paulo yongerako ati: “Bazohanwa, ni kwo guhona kw’ibihe bidashira” (2 Ab’i Tesalonike 1:8, 9). Biribonekeza yuko igihano nk’ico kitagenewe kwigisha canke gutunganya abagihabwa. Ariko rero, igihe Yehova asaba abasavyi biwe kwemera ugutoza indero kwiwe, ntaba ariko avuga uguhana abacumuzi batigaya.

      Birahambaye kubona Bibiliya itadondora Yehova ko ahanini ari uwukunda guhana. Ahubwo, akenshi adondorwa ko ari umwigisha w’umunyarukundo be n’umumenyereza yihangana (Yobu 36:22; Zaburi 71:17; Yesaya 54:13). Vyemere, ugutozwa indero n’Imana gutangwa mu buryo bwo gukosora, kwama nantaryo kurimwo urukundo n’ukwihangana. Abakirisu batahuye intumbero y’ugutozwa indero, baba bashoboye kuyemera no kuyitanga babigiranye agatima keza.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika