-
‘Imana ni urukundo’Umunara w’Inderetsi—2003 | 1 Mukakaro
-
-
16. Mu gihe Yehova aduhariye ivyaha, ni kubera iki dushobora guhera amazinda yuko asigara atubona ko dutyoroye?
16 Woba warigeze kugerageza gukura ikirabagu ku mpuzu ifise ibara rikeye? Kumbure naho wagize utwigoro dukomeye, nya kirabagu cagumye kiboneka. Ehe raba ukuntu Yehova adondora ubushobozi afise bwo guharira ivyaha: “Nah’ivyaha vyanyu vyo[ba bi]tukura tukutuku, bizokwera derere nka shelegi; naho vyo[ba bi]tukura nk’agahama, bizohinduka nk’ubgoya bg’intama y’umwero” (Yesaya 1:18, ni twe tubihiritse.). Imvugo “[gu]tukura tukutuku” isigura ibara ritukura bimwe bimena amaso.a Ibara ry’“agahama” ryari rimwe mu mabara atukura cane bakoresha mu guhindura ibara ry’ikintu. Ntidushobora gukoresha utwigoro twacu bwite ngo dushobore kwigera dukuraho ikirabagu gisigwa n’icaha. Yamara, Yehova arashobora gufata ivyaha bimeze nk’ibara ritukura tukutuku be n’iry’agahama maze akabihindura ivyera nka shelegi canke nk’impuzu yera derere. Rero igihe Yehova aduhariye ivyaha, ntidukwiye kwiyumvamwo yuko tugifise ikirabagu ca mwene ivyo vyaha mu kiringo dusigaje kubaho.
-
-
‘Imana ni urukundo’Umunara w’Inderetsi—2003 | 1 Mukakaro
-
-
a Umuhinga umwe avuga yuko ibara ritukura tukutuku “ryari ibara riguma riboneka, canke ritava ku kintu. Caba ikime, canke imvura, cabure ukwoza ikintu ririko, canke ukumara igihe kirekire gikoreshwa, ntivyashobora gutuma riva ku kintu”.
-