Ni Bande?
IVYABONA VYA YEHOVA bipfuza ko wobamenya neza kuruta. Ushobora kuba warahwanye na bo ari ababanyi bawe canke abo musangiye akazi, canke mu yindi mirimo yo mu buzima bwa misi yose. Ushobora kuba warababonye ku nzira, bashikiriza ibinyamakuru vyabo abahita. Kibure ushobora kuba waraganiriye na bo gatoyi ku muhana iwanyu.
Mu vy’ukuri, Ivyabona vya Yehova barakubabaye, bakanababara yuko womererwa neza. Bashaka kukubera abagenzi no kukubwira ibindi bintu biberekeye, vyerekeye ivyo bemera, ishirahamwe ryabo, hamwe n’ukuntu biyumva ku vyerekeye abantu n’isi twese tubamwo. Kugira ngo ivyo babishikeko, baraguteguriye aka gatabu.
Mu buryo bwinshi cane, Ivyabona vya Yehova bameze nk’abandi bantu bose. Bafise ingorane zisanzwe zishika—uri iz’ubutunzi, iz’umubiri, n’izo mu kanyengetera. Birashika bagakora amakosa, kuko batabuze agasembwa, badahumekerwa, kandi batari bamutihenda. Mugabo baragerageza gukura icigwa ku vyabashikiye, kandi bagatohoza Bibiliya bashirutse ubute kugira ngo bakosore ibikeneye gukosorwa. Bariyeguriye Imana kugira ngo bakore ivyo igomba, kandi barihata kugira bashitse ukwo kwiyegura kwabo. Mu mirimo yabo yose, barondera ubuyobozi mw’Ijambo ry’Imana no ku mpwemu yera yayo.
Birahambaye cane kuri bo yuko ivyo bemera biba ibishingiye kuri Bibiliya, ntibishingire ku vyiyumviro bisa vy’abantu canke ku makeredo y’idini. Biyumvamwo nka kumwe kw’intumwa Paulo igihe yaserura iryo agona ahumekewe ati: “Imana iboneke kw ar’inyakuri, n’iy’umuntu wese yoba ar’umubeshi.” (Abaroma 3:4a) Turavye inyigisho zishikirizwa bwa kuri kwa Bibiliya, Ivyabona baremeza bashimitse iyi ngendo yakurikiwe n’Abanyaberoya igihe bumviriza intumwa Paulo yigisha: “Bākiriye ijambo ry’Imana n’umutima ukunze, basesa mu vyanditswe uko bukeye, ngo bamenye yukw ivyo ar’ivy’ukuri.” (Ivyakozwe 17:11) Ivyabona vya Yehova bemera yuko inyigisho zose z’idini zikwiye gucishwa kuri iryo suzumwa ryo kuraba ko zihuje n’Ivyanditswe vyahumetswe, haba ku nyigisho itanzwe na bo canke n’uwundi muntu. Baragutumiye—eka baranaguhimirije—ngo ubigenze gutyo igihe uganira na bo.
Dufatiye ngaho, biragaragara yuko Ivyabona vya Yehova bemera Bibiliya nka ryo Jambo ry’Imana. Ibitabu 66 biyigize babifata ko vyahumetswe kandi ko bivuga ukuri guhuye n’inkuru za kahise. Kimwe gikunda kwitwa ngo ni Isezerano Rishasha (Ubwuzure Bushasha) bakivuga ko ari Ivyanditswe vy’Ikigiriki vya Gikirisu, Isezerano rya Kera (Ubwuzure bwa Kera) na ryo bakaryita Ivyanditswe vy’Igiheburayo. Biheka kuri ivyo vyompi, ni ukuvuga ku Vyanditswe vy’Ikigiriki be n’ivy’Igiheburayo, kandi bakabifata nk’uko biri, kiretse aho imvugo canke inyifato y’ibintu yerekana neza yuko biri mu mvugo ifobetse canke y’ikigereranyo. Baratahura yuko bwinshi mu buhanuzi bwa Bibiliya bumaze kuranguka, ubundi bukaba buriko buraranguka, ubundi na bwo bukaba burorereye kuzoranguka.
IZINA RYABO
Ivyabona vya Yehova? Egome, uko ni ko biyita. Ni izina ribadondora, ryerekana yuko bashinga icabona cerekeye Yehova, ubumana bwiwe, hamwe n’imigambi yiwe. “Imana,” “Umukama,” be n’ “Umuremyi”—kimwe na “Perezida,” “Umwami,” na “Jenerali”—ni amazina y’icubahiro, akaba kandi yokoreshwa ku bantu batari bake batandukanye. Ariko “Yehova” ni izina ry’Imana bwite, rikaba ryerekeza ku Mana mushoboravyose akaba n’Umuremyi w’ibiriho vyose. Ivyo birerekanwa muri Yesaya 26:4, ahavuga hati: “Uhoraho YEHOVA [ni] we gitandara camah’ibihe bidashira.”
Izina Yehova (canke Yahvé, nk’uko Bibiliya yitwa Bible de Jérusalem y’Abagatolika hamwe n’abahinga bamwebamwe bishima kurivuga) riboneka incuro nk’7.000 mu Vyanditswe vy’Igiheburayo vy’intango. Bibiliya nyinshi ntiziryerekana nk’uko riri, mugabo zirisubiriza ijambo “Uhoraho” canke “Umwami” (“Umukama”). Ariko rero, no muri izo Bibiliya nyene, umuntu kenshi na kenshi arashobora kumenya aho igisomwa c’intango c’Igiheburayo cakoresha Yehova kubera ko muri ivyo bibanza amajambo yasubirijwe ayandi yanditswe mu ndome nkurunkuru, gutya: UHORAHO, UMWAMI (UMUKAMA) Impinduro zitari nke za kino gihe zirakoresha koko izina Yehova canke izina Yahvé. Ku bw’ico, impinduro Traduction du monde nouveau isomwa muri Yesaya 42:8 uku: “Jewe ndi Yehova. Iryo ni ryo zina ryanje.”
Inkuru yo mu Vyanditswe Ivyabona vya Yehova bafatirako iri mu kigabane ca 43 ca Yesaya. Ngaho, ibintu biba kw’isi bibonwa nk’urubanza ruri muri sentare: Imana z’amahanga zisabwa kuzana ivyabona vyazo ngo zemeze imanza z’ukugororoka ziriko ziraburanira, canke ngo zumvirize ivyabona bishingira intahe Yehova hanyuma zemange ukuri. Yehova ngaho amenyesha abo mu gisata ciwe ati: “Ni mwebge vyabona vyanje, ni ko Yehova avuze, mukaba n’umusavyi wanje nitoranirije; kugira ngo mumenye kandi munyemere, kandi mutahure ko jewe ndi we: imbere yanje nta Mana yabumbwe, eka nta n’iyizohaba inyuma yanje. Jewe, jewe nyene, ndi Yehova; kandi uretse jewe nta wundi mukiza ariho.”—Yesaya 43:10, 11, American Standard Version.
Yehova Imana yari afise ivyabona kw’isi muri ya myaka ibihumbi n’ibindi y’imbere y’uko Yezu avuka. Mu Baheburayo ikigabane ca 11 hamaze kugira urutonde rwa bamwebamwe muri abo bantu b’ukwizera, Abaheburayo 12:1 havuga hati: “Nuko natwe, ko dukikijwe n’igipfungu c’ivyabona kingana girtyo, twiyambure ibituremēra vyose, n’icaha gikunda kutwizingirako vuba, dusiganirwe ivyo twashizwe imbere twihanganye.” Yezu yavugiye imbere ya Ponsiyo Pilato ati: “Iki ni co navukiye, kand’iki ni co canzanye mw isi, n’ukugira ngo nshingire intahe ukuri.” Yitwa “icabona co kwizigirwa kandi c’ukuri.” (Yohana 18:37; Ivyahishuriwe 3:14) Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Muzohabga ubushobozi, [im]pwemu [y]era ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, n’i Yudaya hose, n’i Samariya, no gushitsa ku mpera y’isi.”—Ivyakozwe 1:8.
Ku bw’ivyo, abantu nk’6.000.000 muri iki gihe bariko bavuga mu bihugu birenga 230 inkuru nziza y’Ubwami bwa Yehova buganzwa na Kirisitu Yezu, bumva bibereye ko biyita Ivyabona vya Yehova.
[Akajambo k’epfo]
a Ivyanditswe vya Bibiliya vyasubiwemwo mu majambo muri aka gatabu vyakuwe muri Bibiliya Yera kiretse aho vyerekanywe ukundi. UB bisobanura Ubwuzure Bushasha. NW bisobanura New World Translation of the Holy Scriptures—With References.
Barakubabaye
[Iciyumviro ku rup. 4]
Bariyeguriye Imana ngo bakore ivyo igomba
[Iciyumviro ku rup. 4]
Baremera ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana
[Iciyumviro ku rup. 5]
Nya zina ni nk’aho ryoba ryerekeza ku rubanza ruri muri sentare
[Iciyumviro ku rup. 5]
Ivyabona nk’6.000.000 mu bihugu birenga 230
[Ifoto ku rup. 3]
[Ifoto ku rup. 4]
Izina ry’Imana bwite mu Giheburayo ca kera