ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ukugenekereza Ubwoko Bwiza bw’Intwarabutumwa
    Umunara w’Inderetsi—1997 | 1 Rusama
    • “[Ni jewe] . . . Nkomeza ijambo ry’umusavyi wanje, ngashitsa inama z’int[warabutu]mwa [b]anje.”—YESAYA 44:25, 26.

      1. Yehova agenekereza gute ubwoko bwiza bw’intwarabutumwa, kandi ubw’ikinyoma abugaragaza gute?

      YEHOVA MANA ni we Mugenekereji Mukuru w’intwarabutumwa biwe b’ukuri. Abagenekereza mu gutuma ubutumwa ashikiriza abubacishijeko buranguka. Yehova ni we kandi Mugaragaji Ahambaye w’intwarabutumwa b’ikinyoma. Abagaragaza gute? Ahindura ubusa ibimenyetso n’indagu vyabo. Muri ubwo buryo arerekana ko ari ababūzi nyawirarika, abo ubutumwa bashikiriza vy’ukuri bucukumbuka buva mu kuzirikana kwabo kutari kwo—egome, ubupfu n’ukwiyumvira vyabo vy’umubiri!

  • Ukugenekereza Ubwoko Bwiza bw’Intwarabutumwa
    Umunara w’Inderetsi—1997 | 1 Rusama
    • 6 Vyongeye, Abisirayeli bangajwe bari bahanganye kandi na banyamuragura, abapfumu, n’abasiguranyenyeri b’i Babiloni b’abanyabwibone. Ariko rero, Yehova yaragaragaje ko izo ntwarabutumwa b’ikinyoma bose ari ibipfu vyatawe ku w’amazi, ko bavuga ibinyuranye n’ivyoshitse. Mu nyuma, yarerekanye ko Ezekiyeli yari intwarabutumwa wiwe w’ukuri nka kumwe kwa Yesaya. Yehova yarashikije amajambo yose yari yavuze ayacishije kuri bo, nk’uko nyene yari yabisezeranye ati: “Indagu z’abanyabinyoma ndazihindura ubusa, abapfumu nkabatēza ibisazi, nsubiza inyuma abanyabgenge, ubgenge bgabo nkabuhindura ubupfu. Nkomeza ijambo ry’umusavyi wanje, ngashitsa inama z’int[warabutu]mwa [b]anje.”—Yesaya 44:25, 26.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika