-
“Dukundire tugaruke iwawe”Umunara w’Inderetsi—2012 | 1 Ndamukiza
-
-
“Nzomwumvira koko ikigongwe”
Yehova yari afitaniye ubucuti budasanzwe n’Abisirayeli. Yavuze ati: “Isirayeli namubereye Se; Efurayimu na we ni imfura yanje.” (Yeremiya 31:9) Umuvyeyi yuzuye urukundo yokwanka gute kwakira umwana wiwe yigaya vy’ukuri? Raba ukuntu Yehova aserura urukundo rwa kivyeyi afitiye abasavyi biwe.
“Mbega Efurayimu ni umuhungu w’agaciro kuri jewe, canke umwana afatanwa urukundo? Kuko uko nzomuhambarira kwose, nzosubira kumwibuka ata kabuza.” (Umurongo wa 20) Umve yemwe ukuntu ayo majambo arimwo ikibabarwe! Nka kurya kw’umuvyeyi adafyinisha abana biwe ariko kandi akaba abakunda, vyarabaye ngomba ko Imana ‘ihambarira’ abana bayo, iguma ibaburira ku bijanye n’ingendo yabo yo gukora ivyaha. Kubera ko bagagaje bakanka kuyumviriza, yararetse bajanwa mu bunyagano, iba nk’aho ibomoye. Ariko naho vyabaye ngombwa ko ibahana, ntiyabibagiye. Ntiyokwigera ikora ikintu nk’ico. Iyo wumva nta muvyeyi afise urukundo yokwibagira abana biwe. Ariko none, Yehova yiyumvise gute aho aboneye ko abana biwe bigaya vy’ukuri?
“Amara yanje [yaramusebagirikiye].b Nzomwumvira koko ikigongwe.” (Umurongo wa 20) Yehova yari ashashaye cane abana biwe. Ukwigaya nyakuri kwabo kwaramukoze ku mutima, maze aripfuza rwose ko bamugarukako. Nka kumwe kwa wa muvyeyi wo mu mugani wa Yezu w’umwana w’icangazi, Yehova ‘vyaramuteye ikigongwe,’ aripfuza cane kwakira abana biwe bashaka kugaruka iwe.—Luka 15:20.
“Yehova yarankundiye kugaruka iwe!”
Amajambo yo muri Yeremiya 31:18-20 aradufasha gutahura impuhwe z’ikibabarwe za Yehova be n’imbabazi ziwe. Imana ntiyibagira abigeze kuyikorera. Bite nimba abantu nk’abo bipfuza kugaruka? Imana “[y]iteguriye kubabarira.” (Zaburi 86:5) Ntizokwigera isubiza inyuma abaza kuri yo bafise imitima yigaya. (Zaburi 51:17) Ahubwo riho, ibakiriza yompi.—Luka 15:22-24.
-
-
“Dukundire tugaruke iwawe”Umunara w’Inderetsi—2012 | 1 Ndamukiza
-
-
b Ku bijanye n’ukwo gusebagirika kw’amara, igitabu kimwe gifasha abashira Bibiliya mu zindi ndimi gisigura giti: “Abayuda babona ko mu nda ari ho hadudubiriza inyiyumvo.”
-