ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • “Umwami wo mu buraruko” mu gihe c’iherezo
    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga)—2020 | Rusama
    • 8. Ni nde yabaye umwami wo mu bumanuko mu kiringo cose c’imisi ya nyuma?

      8 Mu gihe c’Intambara ya mbere y’isi yose, Leta Zunze Ubumwe za Amerika be n’Ubwongereza baragize urunani rukomeye mu vya gisirikare. Ico gihe, Ubwongereza be n’ico gihugu bwahoze butwara vyaracitse intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika. Nk’uko Daniyeli yari yarabivuze, uwo mwami yararundanije “inteko za gisirikare nyinshi kandi zikomeye bimwe bihebuje.” (Dan. 11:25) Mu kiringo cose c’imisi ya nyuma, urunani rw’Abongereza n’Abanyamerika ni rwo mwami wo mu bumanuko.c None umwami wo mu buraruko yabaye nde muri ico kiringo?

      Intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika mu buhanuzi bwo muri Bibiliya

      Umwami wo mu bumanuko, ni ukuvuga intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika, idondorwa mu buryo butandukanye mu buhanuzi butari buke bwo muri Bibiliya. Idondorwa ko ari . . .

      • Ibirenge vy’icuma n’ibumba.

        ibirenge vy’icuma n’ibumba (Dan. 2:41-43)

      • Umutwe w’igikoko gifise amahembe. Mu mahembe yawo haranaga agahembe gatoyi kariko amaso n’umunwa.

        ihembe ryanaze ku mutwe w’igikoko giteye ubwoba (Dan. 7:7, 8)

      • Igikoko c’amahembe cumi n’imitwe indwi.

        umutwe ugira indwi w’igikoko (Ivyah. 13:1)

      • Igikoko c’amahembe abiri.

        igikoko c’amahembe abiri (Ivyah. 13:11-15)

      • Inyubakwa za leta zigereranya intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika.

        “umuhanuzi w’ikinyoma” (Ivyah. 19:20)

      UMWAMI WO MU BURARUKO ASUBIRA KWIGARAGAZA

      9. Umwami wo mu buraruko yasubiye kwigaragaza ryari, kandi ubuhanuzi bwo muri Daniyeli 11:25 bwarangutse gute?

      9 Mu 1871, hakaba hari haciye umwaka Russell n’abo bakorana bashinze umurwi wo kwiga Bibiliya, umwami wo mu buraruko yarasubiye kwigaragaza. Muri uwo mwaka, uwitwa Otto von Bismarck yaragize uruhara rukomeye mu gushinga Inganji y’Ubudagi. Uwitwa Wilhelm wa mbere ni we yatanguye kuba umwami w’abami w’iyo nganji, aca agena Bismarck ngo abe umushikiranganji wa mbere.d Haciye igihe, Ubudagi bwahavuye bwiganzira utundi turere, nk’ibihugu vyo muri Afrika be n’ivyo mw’ibahari Pasifike, bwongera burarondera gukomera kuruta Ubwongereza. (Soma Daniyeli 11:25.) Inganji y’Ubudagi yaragize igisoda gikomeye yongera iba igihugu kigira kabiri gifise abasoda benshi barwanira mu mazi. Ico gisoda ni co Ubudagi bwagomoreye ku bansi babwo mu ntambara ya mbere y’isi yose.

      10. Ibivugwa muri Daniyeli 11:25b, 26 vyarangutse gute?

      10 Daniyeli aca avuga ivyoshikiye Inganji y’Ubudagi n’igisoda cayo. Avuga ko umwami wo mu buraruko ‘atohagaze.’ Kubera iki? Agira ati: “Kuko bazotegura imigambi yo kumurwanya. Kandi abarya ibinovereye vyiwe ni bo bazotuma asenyuka.” (Dan. 11:25b, 26a) Mu gihe ca Daniyeli, mu barya ku “binovereye vy’umwami” harimwo abategetsi bo ku kirimba ‘bahagarara imbere y’umwami.’ (Dan. 1:5) None ubwo buhanuzi bwerekeza kuri bande? Bwerekeza ku bategetsi bakurubakuru bo mu Nganji y’Ubudagi bahavuye bagira uruhara mw’isenyuka ry’ubwo butegetsi, muri bo hakaba harimwo abajenerali be n’abahanuzi mu vya gisirikare bakorana n’umwami.e Ubwo buhanuzi ntibwamenyesheje gusa ibijanye n’itemba ry’iyo nganji, ariko kandi bwaravuze icovuye mu ntambara borwanye n’umwami wo mu bumanuko. Ku bijanye n’umwami wo mu buraruko, bugira buti: “Nayo inteko ziwe za gisirikare, zizokukumurwa n’isegenya, kandi benshi bazogwa koko bagandaguwe.” (Dan. 11:26b) Nk’uko ubwo buhanuzi bwabivuze, mu ntambara ya mbere y’isi yose, abasirikare b’Ubudagi ‘barakukumuwe’ kandi benshi ‘baragandaguwe.’ Iyo ntambara ni yo yatikije inganda kuruta izindi zose zabaye imbere yayo.

  • “Umwami wo mu buraruko” mu gihe c’iherezo
    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga)—2020 | Rusama
    • e Hari ibintu bitandukanye bakoze vyatumye ubutegetsi bunyaruka gusenyuka. Nk’akarorero, bararetse gushigikira umwami, barashira ahabona amakuru y’ibanga y’ivyahitanywe n’intambara, bongera bararemera umwami ngo atange imihoho.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika