ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yehova arahishura “ibitegerezwa kuba vuba”
    Umunara w’Inderetsi—2012 | 15 Ruheshi
    • 7. Ni isano irihe riri hagati y’umutwe ugira indwi wa ca gikoko na ca gishusho amahero?

      7 Ni isano irihe riri hagati y’umutwe ugira indwi wa ca gikoko na ca gishusho amahero? Ubwongereza bwakomotse ku Nganji y’Uburoma. Vyongeye, kubera ko Leta Zunze Ubumwe za Amerika zakomotse ku Bwongereza, twoshobora kuvuga ko na zo nyene zakomotse ku Nganji y’Uburoma. Ariko none tuvuge iki ku vyerekeye ibirenge vya ca gishusho? Bivugwa yuko ari uruvange rw’icuma n’ibumba. (Soma Daniyeli 2:41-43.) Ukwo kuntu bivugwa guhura n’igihe wa mutwe ugira indwi, ari yo ntwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika, wobereyeko uwukomeye. Nka kurya nyene usanga ikintu gikozwe mu cuma kivanze n’ibumba kiba kidakomeye nk’igikozwe mu cuma gusa, ni na ko Intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika idakomeye nk’intwaro yakomotseko. Ni igiki none catumye idakomera nka yo?

      8, 9. (a) Intwaro nganzasi igira indwi yagaragaje gute ko ikomeye nk’icuma? (b) Ibumba ryo mu birenge vya ca gishusho rigereranya iki?

      8 Rimwe na rimwe, umutwe ugira indwi wa ca gikoko warerekana ko umeze nk’icuma. Nk’akarorero, waragaragaje ububasha bwawo mu gutsinda Intambara ya mbere y’isi yose. No mu gihe c’Intambara ya kabiri y’isi yose, ububasha nk’ubw’icuma bwa wa mutwe ugira indwi bwaribonekeje.c Inyuma y’iyo ntambara, uwo mutwe ugira indwi rimwe na rimwe waragaragaza ko ukomeye nk’icuma. Ariko rero, kuva mu ntango, ico cuma cari kivanzwe n’ibumba.

      9 Abasavyi ba Yehova baramaze igihe kirekire barondera gutahura ico ibirenge vy’ico gishusho bigereranya. Muri Daniyeli 2:41 havuga ko uruvange rw’icuma n’ibumba ari “ubwami” bumwe, atari bwinshi. Iryo bumba rero rigereranya inzego ziri mu turere iyo Ntwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika ifiseko akosho, zino zikaba zituma idakomera nka ya Nganji y’Uburoma igereranywa n’amaguru y’icuma. Bivugwa yuko iryo bumba ari “uruvyaro rw’abantu,” ni ukuvuga abanyagihugu basanzwe. (Dan. 2:43) Mu Ntwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika, abantu barahagurutse kugira ngo baburanire agateka kabo biciye ku masekeza yo guharanira agateka ka zina muntu, ku masendika y’abakozi no ku mihari iharanira ukwikukira. Abo banyagihugu basanzwe baratuma ububasha Intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika ifise bwo gukorana inkomezi nk’iz’icuma bugabanuka. Vyongeye, mbere n’abategetsi bemerwa cane usanga ata bubasha buhagije bafise bwo gushitsa ivyo biyemeje mu matora, kubera ko haba hari abo badahuza ivyiyumviro be n’uko baba bararushije amajwi make abo bahiganwa. Daniyeli yari yaravuze ati: “Ubwo bwami igice kimwe buzoba ubukomeye, ikindi gice bube ubworoshe.”​—Dan. 2:42; 2 Tim. 3:1-3.

  • Yehova arahishura “ibitegerezwa kuba vuba”
    Umunara w’Inderetsi—2012 | 15 Ruheshi
    • 11 Igitigiri c’amano y’ico gishusho coba gifise insobanuro idasanzwe? Rimbura iki kintu: Mu bindi bintu Daniyeli yeretswe, aravuga ibitigiri kandondwa. Nk’akarorero, aravuga igitigiri c’amahembe ari ku mitwe ya vya bikoko bitandukanye. Ivyo bitigiri birafise ico bisobanura. Ariko rero, igihe adondora ibijanye na ca gishusho, ntavuga igitigiri c’amano. Ku bw’ivyo, igitigiri c’ayo mano bisa n’uko ata nsobanuro gifise nka kurya nyene igitigiri c’amaboko, ibiganza, intoke, amaguru n’ibirenge vy’ico gishusho ata nsobanuro gifise. Daniyeli aravuga atomora yuko ayo mano agizwe n’icuma be n’ibumba. Dufatiye kuri ivyo bintu avuga, turashobora gushika ku ciyumviro c’uko Intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika ari yo izoba iganza isi rya “buye” rigereranya Ubwami bw’Imana niryakubita ibirenge vy’ico gishusho.​—Dan. 2:45.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2027)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika