ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
    • Ubutumwa nyamukuru dusanga muri Bibiliya ni ubwerekeye Ubwami bw’Imana. Yehova azokoresha ubwo Bwami mu guhindura iyi si ibe iparadizo. Ubwami bw’Imana ni iki? Ni ibiki bitwemeza ko buriko buraganza? Ni ibiki bumaze gukora? Kandi ni ibiki buzokora muri kazoza? Tuzoronka inyishu z’ivyo bibazo muri iki cigwa no mu bindi bibiri bikurikira.

      1. Ubwami bw’Imana ni iki kandi Umwami wabwo ni nde?

      Ubwami bw’Imana ni intwaro Yehova Imana yashizeho. Umwami w’ubwo Bwami ni Yezu Kristu akaba aganza ari mw’ijuru. (Matayo 4:17; Yohani 18:36) Ku vyerekeye Yezu, Bibiliya ivuga iti: “Azoganza . . . ibihe vyose.” (Luka 1:32, 33) Yezu we Mwami w’Ubwami bw’Imana azoganza abantu bose kw’isi.

      2. Ni bande bazofadikanya na Yezu kuganza?

      Yezu ntazoganza ari wenyene. Abantu bo “mu muryango wose n’ururimi rwose n’igisata cose n’ihanga ryose . . . bazoganza isi.” (Ivyahishuwe 5:9, 10) Ni bangahe bazofadikanya na Yezu kuganza? Kuva Yezu aje kw’isi, abantu amamiliyoni barabaye abigishwa biwe. None abo bose boba bazofadikanya na we kuganza? Oya. Abantu 144.000 ni bo bonyene bazoja mw’ijuru bafadikanye na we kuganza. (Soma Ivyahishuwe 14:1-4.) Abasigaye bose bazoba bari kw’isi kandi bazotwarwa n’ubwo Bwami.—Zaburi 37:29.

      3. Kubera iki Ubwami bw’Imana buruta intwaro z’abantu?

      Naho abategetsi bagerageza gukora ibintu vyiza, nta bubasha bafise bwo gukora ivyo bashaka vyose. N’igihe bavuye ku butegetsi, hari aho usanga basubiriwe n’abantu batitaho ineza y’abanyagihugu. Ariko Yezu we Mwami w’Ubwami bw’Imana, nta muntu n’umwe azokwigera amusubirira. Imana “[yashinze] ubwami butazokwigera busenyurwa.” (Daniyeli 2:44) Yezu azoganza isi yose kandi ntazogira nkunzi. Arakundana, ni umunyabuntu kandi arangwa n’ubutungane. Vyongeye, azokwigisha abantu gufata abandi muri ubwo buryo, ni ukuvuga kubagaragariza urukundo, ubuntu n’ubutungane.—Soma Yesaya 11:9.

      TWINJIRE MU MIZI

      Reka turabe igituma Ubwami bw’Imana buruta intwaro zose z’abantu.

      Yezu Kristu ariko aganza isi ari ku ntebe yiwe y’ubwami mw’ijuru. Abo bafadikanya kuganza bicaye inyuma yiwe. Ubuninahazwa bwa Yehova buriko burakayangana inyuma yabo.

      4. Ubwami bw’Imana buzoganza isi yose

      Yezu Kristu arafise ububasha bwo kuganza buruta ubw’umutegetsi uwo ari we wese w’umuntu yigeze kubaho muri kahise. Nimusome Matayo 28:18, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Ububasha Yezu afise bwo kuganza butandukaniye he n’ubw’abategetsi b’abantu?

      Ubutegetsi bw’abantu burahindagurika kenshi kandi usanga butwara akarere kanaka k’isi. Ubwami bw’Imana bwo bite? Nimusome Daniyeli 7:14, muce muganira kuri ibi bibazo:

      • Kubera iki ari vyiza kuba Ubwami bw’Imana butazokwigera busenyurwa?

      • Kubera iki ari vyiza kuba buzoganza isi yose?

      5. Intwaro z’abantu zitegerezwa gusubirizwa

      Kubera iki Ubwami bw’Imana butegerezwa gusubirira intwaro z’abantu? Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

      IVIDEWO: Ubwami bw’Imana ni iki?—Agace (1:41)

      • Ubutegetsi bw’abantu bwatumye ibintu bimera gute?

      Nimusome Umusiguzi 8:9, muce muganira kuri ibi bibazo:

      • Ubona Ubwami bw’Imana bukwiye gusubirira ubutegetsi bw’abantu? Kubera iki?

      6. Abatware b’Ubwami bw’Imana baradutahura

      Kubera ko Umwami wacu Yezu yabayeho ari umuntu, arashobora “gusangira natwe umubabaro mu bugoyagoye bwacu.” (Abaheburayo 4:15) Yehova yaratoye abagabo n’abagore b’abizigirwa 144.000 kugira bazofadikanye na Yezu kuganza. Yabatoye abakuye “mu muryango wose n’ururimi rwose n’igisata cose n’ihanga ryose.”—Ivyahishuwe 5:9.

      • Ubona vyoba bihumuriza kuba Yezu n’abo bazofadikanya kuganza batahura ingene twiyumva n’ingorane ducamwo? Kubera iki wishuye gutyo?

      Abagabo n’abagore barobanuwe babayeho mu biringo bitandukanye kandi baciye mu bintu bitandukanye.

      Yehova yarahisemwo abagabo n’abagore bakomoka mu mihingo itandukanye ngo bazofadikanye na Yezu kuganza

      7. Ubwami bw’Imana bufise amategeko meza kuruta ay’abantu

      Intwaro zirashiraho amategeko agenewe gufasha no gukingira abatwarwa bazo. Ubwami bw’Imana na bwo nyene burafise amategeko abatwarwa babwo bategerezwa gukurikiza. Nimusome 1 Abakorinto 6:9-11, muce muganira kuri ibi bibazo:

      • Wibaza ko kw’isi ibintu bizoba vyifashe gute igihe abantu bose bazoba bakurikiza amategeko y’Imana?a

      • Ubona Yehova afise uburenganzira bwo gusaba abatwarwa b’Ubwami bwiwe kwubahiriza amategeko yiwe? Kubera iki wishuye gutyo?

      • Ni igiki cerekana ko n’abantu batariko barubahiriza ayo mategeko bashobora guhinduka?—Raba umurongo wa 11.

      Umupolisi ariko arahagarika imodoka kugira abantu biborohere kujabuka. Abantu b’imyaka itandukanye bariko barajabuka.

      Intwaro z’abantu zirashiraho amategeko akingira abatwarwa kandi bakayungukirako. Ubwami bw’Imana na bwo nyene burafise amategeko meza cane akingira abatwarwa babwo kandi akabagirira akamaro

      HARI ABAVUGA BATI: “Ubwami bw’Imana buri mu mutima wacu.”

      • Womwishura gute?

      INCAMAKE

      Ubwami bw’Imana ni intwaro ibaho koko iri mw’ijuru, ikaba izoganza isi yose.

      Wize iki?

      • Ni bande bazoganza mu gihe c’Ubwami bw’Imana?

      • Ni kubera iki Ubwami bw’Imana buruta intwaro zose z’abantu?

      • Ni ibintu ibihe Yehova yiteze ko abatwarwa b’Ubwami bwiwe bashitsa?

      Umugambi wokwishingira

      RONDERA N’IBINDI

      Nurabe ivyo Yezu yavuze ku bijanye n’aho Ubwami bw’Imana buri.

      “Ubwami bw’Imana bwoba buri mu mutima wawe?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

      Kubera iki Ivyabona vya Yehova bahitamwo gushigikira Ubwami bw’Imana aho gushigikira intwaro z’abantu?

      Barashigikiye Ubwami bw’Imana bivuye inyuma (1:43)

      Nurabe ivyo Bibiliya ivuga ku vyerekeye ba bantu 144.000 Yehova yacagura ngo bafadikanye na Yezu kuganza.

      “Ni bande baja mw’ijuru?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

      Nurabe icatumye umugore yari apfunzwe yemera yuko Imana yonyene ari yo ishoboye kuzana ubutungane kw’isi.

      “Naramenye uwuzotorera umuti akarenganyo” (Be maso!, Munyonyo 2011 mu gifaransa)

      a Tuzobona amwe muri ayo mategeko mu Gice ca 3.

  • Ivyo Ubwami bw’Imana buzokora
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
    • Ubwami bw’Imana bwaratanguye kuganza. Vuba bugiye guhindura ibintu vyinshi kw’isi. Reka turabe ibintu vyiza bimwebimwe wokwitega ku ntwaro y’ubwo Bwami.

      1. Ubwami bw’Imana buzogarukana gute amahoro n’ubutungane kw’isi?

      Yezu we Mwami w’Ubwami bw’Imana azokuraho inkozi z’ikibi n’intwaro z’abantu ku ntambara ya Harumagedoni. (Ivyahishuwe 16:14, 16) Ico gihe, ubu buhanuzi bwo muri Bibiliya buvuga ngo: “Hasigaye akanya gatoyi, umubisha ntabe akiriho,” buzoba bwarangutse mu buryo bwuzuye. (Zaburi 37:10) Biciye kuri ubwo Bwami, Yezu azotuma kw’isi yose harangwa amahoro n’ubutungane.—Soma Yesaya 11:4.

      2. Ubuzima buzoba bumeze gute igihe ivyo Imana igomba bizoba bikorwa kw’isi?

      Ku ntwaro y’Ubwami bw’Imana, “abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.” (Zaburi 37:29) Nuse n’uwubona mu bwenge wibera mw’isi irimwo abantu b’abagororotsi gusa, kandi bakunda Yehova bakongera bagakundana! Nta n’umwe azoba akirwara kandi abantu bose bazobaho ibihe bidahera.

      3. Ni ibiki Ubwami bw’Imana buzokora bumaze gukuraho inkozi z’ikibi?

      Inkozi z’ikibi zimaze gukurwaho, Yezu azoganza imyaka 1.000 ari Umwami. Ico gihe, Yezu hamwe n’abazofadikanya na we kuganza 144.000 bazotuma abantu baba kw’isi baba abatunganye. Ku mpera y’iyo myaka igihumbi, isi izoba yahindutse iparadizo irimwo abantu bahimbawe kubera ko bagamburuka amategeko ya Yehova. Mu nyuma, Yezu azoshikiriza Ubwami Se wiwe Yehova. Ico gihe, izina rya Yehova rizokwezwa kuruta ikindi gihe cose. (Matayo 6:9, 10) Bizoba vyagaragaye ko Yehova ari Umutware mwiza yitwararika abo atwara. Yehova azoca arandura Shetani n’amadayimoni yiwe. Vyongeye, azokuraho abantu bose bahisemwo kugarariza intwaro yiwe. (Ivyahishuwe 20:7-10) Ubwami bw’Imana buzotuma ibintu bimera neza gushika ibihe bidahera.

      TWINJIRE MU MIZI

      Reka turabe igituma twokwizigira ko Imana izokoresha Ubwami bwayo kugira ishitse ibintu vyose Bibiliya isezerana ko bizoba muri kazoza.

      4. Ubwami bw’Imana buzokuraho intwaro z’abantu

      “Umuntu yaganje uwundi mu kumugirira nabi.” (Umusiguzi 8:9) Yehova azokoresha Ubwami bwiwe mu gukuraho akarenganyo.

      Nimusome Daniyeli 2:44 na 2 Abatesalonika 1:6-8, muce muganira kuri ibi bibazo:

      • Yehova n’Umwana wiwe Yezu bazokorera iki intwaro z’abantu hamwe n’abazishigikiye?

      • Ibintu wize ku vyerekeye Yehova na Yezu bigukura amazinda gute ko ivyo bazokora bizoba bigororotse kandi biranga ubutungane?

      Yezu, Umwami yatowe mw’ijuru ariko aganza isi y’iparadizo.

      5. Yezu ni Umwami mwiza cane

      Kubera ko Yezu ari Umwami w’Ubwami bw’Imana, azofasha abantu bazoba bari kw’isi mu buryo butandukanye. Nimurabe iyo VIDEWO kugira mubone ukuntu Yezu amaze kwerekana ko yipfuza gufasha abantu be n’uko Imana yamuhaye ububasha bwo kubikora.

      IVIDEWO: Yezu yarerekanye ivyo Ubwami bw’Imana buzokora (1:13)

      Ibintu Yezu yakoze igihe yari kw’isi, yari imponjo y’ivyo Ubwami bw’Imana buzokora. Muri iyo mihango ikurikira, ni iyihe ushashaye kwibonera? Nimusome ivyanditswe vyatanzwe kugira mumenye vyinshi ku bijanye n’iyo mihango.

      IGIHE YEZU YARI KW’ISI . . .

      IGIHE AZOBA ARI MW’IJURU . . .

      • yarerekanye ko afise ububasha ku bidukikije.—Mariko 4:36-41.

      • azotorera umuti ingorane z’ibidukikije.—Yesaya 35:1, 2.

      • yaragaburiye abantu ibihumbi ku gitangaro.—Matayo 14:17-21.

      • azokuraho inzara kw’isi.—Zaburi 72:16.

      • yarakijije abarwayi benshi.—Luka 18:35-43.

      • azotuma abantu bose bagira amagara meza.—Yesaya 33:24.

      • yarazuye abantu.—Luka 8:49-55.

      • azokuraho ingaruka zose ziterwa n’urupfu.—Ivyahishuwe 21:3, 4.

      6. Ubwami bw’Imana budusezeranira kazoza keza

      Ubwami bw’Imana buzoshitsa umugambi Yehova yari afitiye abantu kuva mu ntango. Bazobaho ibihe bidahera mw’iparadizo ng’aha kw’isi. Nimurabe iyo VIDEWO kugira mubone ukuntu Yehova ariko arakoresha Umwana wiwe Yezu kugira ashitse umugambi wiwe.

      IVIDEWO: Imponjo y’imihezagiro yo muri kazoza (4:38)

      Nimusome Zaburi 145:16, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Kumenya ko Yehova “[azohaza] icipfuzo c’ikiri n’ubuzima cose,” bituma wiyumva gute?

      HARI ABAVUGA BATI: “Tugize urunani, turashobora gutorera umuti ingorane zihanze isi.”

      • Ni ingorane izihe zananiye intwaro z’abantu Ubwami bw’Imana buzotorera umuti?

      INCAMAKE

      Ubwami bw’Imana buzoshitsa ivyo Imana yasezeranye. Buzohindura isi ibe iparadizo ibako abantu beza. Ico gihe bazosenga Yehova ibihe bidahera.

      Wize iki?

      • Ubwami bw’Imana buzokweza gute izina rya Yehova?

      • Ni kubera iki twokwemera ko Ubwami bw’Imana buzoshitsa imihango ivugwa muri Bibiliya?

      • Mu bintu vyose Ubwami bw’Imana bugiye gukora, ni igiki wipfuza cane kubona?

      Umugambi wokwishingira

      RONDERA N’IBINDI

      Raba Harumagedoni ico ari co.

      “Intambara ya Harumagedoni ni iki?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

      Nurabe ibizoba mu kiringo Yezu yise «amakuba akomeye.»—Matayo 24:21.

      “Amakuba akomeye ni iki?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

      Nurabe ukuntu abagize umuryango bozirikana bari kumwe imihango izozanwa n’Ubwami.

      Niwibone uri mw’Iparadizo (1:50)

      Mu kiganiro kivuga ngo “Hari ibibazo vyinshi vyamvuruga umutwe,” nurabe ukuntu uwahoze ari umugumutsi mu vya politike yaronse inyishu z’ibibazo yari amaze igihe yibaza.

      “Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu” (Umunara w’Inderetsi, 1 Nzero 2012)

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika