ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ababisha Bazogumaho Kugeza Ryari?
    Umunara w’Inderetsi—2000 | 1 Ruhuhuma
    • 9 Habakuki aratega amatwi yitonze amajambo y’Imana akurikira yanditswe muri Habakuki 1:6-11. Ubwo ni ubutumwa bwa Yehova, kandi nta mana y’ikinyoma canke ikigirwamana kitagira ubuzima gishobora gutangira iranguka ryabwo. Na bwo ni ubu: “Ehe rāba, ngira nkakamure Abakaludaya, rya hanga ry’inkazi kandi ry’inkuba, bagenda batera isi iyo iva ikagera, bakikeberezako ingo zitar’izabo. Abo n’ibirara vy’inkazi, kandi bateye ubgoba: uguhana no gutikiza ni bo bivako. Amafarasi yabo arusha ingwe ubukuba, kand’arusha ubukazi amabingira agenda ijoro: abagendera ku mafarasi yabo baza bihaya: mber’abagendera ku mafarasi yabo baza bavuye kure; baguruka nk’inkukuma yihutira ico irotsa. Bose bazanwa n’umuryano; amaso yabo bayahangana igihababu imbere yabo; bakumakuma imbohe nk’umusenyi. Mbere bacōkōra abami, bagatwenga abaganwa, ibihome vyose barabitwenga gusa, kuko babirundira ibigūngūzi vy’ivu vyo kwuririrako, bakabinesha. Bagaheza bagahita nk’umuyaga, bakomeza inzira, ar’abanyabicumuro; kand’inkomezi zabo bāzigize imana yabo.”

  • Ababisha Bazogumaho Kugeza Ryari?
    Umunara w’Inderetsi—2000 | 1 Ruhuhuma
    • 11. Wodondora gute ukuza gutera Ubuyuda kw’ingabo za Babiloni?

      11 Amafarasi y’Abanyababiloni anyaruka kuruta ingwe zigenda buravyo. Abagendera ku mafarasi babo bakaze kurusha amabingira ashonje, ahiga ijoro. Kubera ko ashashaye kugenda, ‘ibinono vyayo arabihondagura hasi’ (NW) acacanya. Aturutse kure i Babiloni agenda yerekeza i Buyuda. Kubera ko Abakaludaya baguruka nk’inkona yihutira ico kurya kiryoshe, ntibaza guteba gucakira igihigwa cabo. Mugabo, ico coba ari igitero co gusahura gusa, kigizwe n’abasirikare bake? Eka data! “Bose bazan[ywe] n’umuryano,” ari nk’amasinzi n’amasinzi ashwabadukiye kuyogeza ibintu. Mu maso habo haboneka umushasharo mwinshi babifitiye, bagenda bagana mu burengero berekeza i Buyuda n’i Yeruzalemu, bihuta cane nk’umuyaga w’i burasirazuba. Ingabo z’Abanyababiloni zigenda zigira imbohe abantu benshi cane, ku buryo “bakumakuma imbohe nk’umusenyi.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika