-
Niwizigire Yehova maze ubeho!Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga)—2018 | Munyonyo
-
-
15, 16. (a) Ni imihango ikomeye iyihe dusanga mu gitabu ca Habakuki? (b) Iyo mihango itwigisha iki?
15 Yehova yasezeraniye abagororotsi bamwizigira ati: “Umugororotsi wewe, azobandanya kubeshwaho n’ubwizigirwa bwiwe.” Yongeyeko ati: “Isi izoba yuzuye ukumenya ubuninahazwa bwa Yehova.” (Hab. 2:4, 14) Ego cane, abizigira Imana bihanganye bazoronka impera y’ubuzima.
-
-
Niwizigire Yehova maze ubeho!Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga)—2018 | Munyonyo
-
-
17. Igitabu ca Habakuki kidukura amazinda ku biki?
17 Twese abariho muri iyi misi ya nyuma, igitabu ca Habakuki kiraduha icigwa gikomeye. Yehova asezerana ko azoha ubuzima umuntu wese amwizera kandi amwizigira. Nimuze turushirize kumwizera no kumwizigira, naho twoba turi mu ngorane no mu maganya ameze gute. Biciye kuri Habakuki, Yehova aradukura amazinda ko azodushigikira akongera akaturokora. Aratwinginga ngo tumwizigire kandi turindire twihanganye igihe yashinze c’Ubwami bwiwe. Ico gihe, isi yose izoba yuzuyeko abamusenga bahimbawe kandi bitonda.—Mat. 5:5; Heb. 10:36-39.
-