-
Umusi w’Urubanza wa Yehova Uri Hafi!Umunara w’Inderetsi—2001 | 1 Ntwarante
-
-
11. Insobanuro y’ishimikiro yo muri Zefaniya 1:8-11 ni iyihe?
11 Ku vyerekeye umusi wa Yehova, Zefaniya 1:8-11 hongerako hati: “Kur’uwo musi w’ikimazi canje jewe Uhoraho, nzohana abaganwa n’abana b’umwami, n’abambaye imyambaro y’inyamahanga. Kur’uwo musi nzohana abasimba urwinjiriro rw’urusengero bose, bakuzuza inzu ya shebuja umuryano n’uruhendo. Maze kur’uwo musi, ni k’Uhoraho agize, hazokwumvikana induru kw irembo ryitwa iry’Amafi, n’umuborogo mu gice c’igisagara ca kabiri, n’ugusenyerana gukomeye kuzokwumvikana mu misozi. Ni muboroge, yemwe ababa i Makiteshi, kukw abantu bose b’i Kanani bageseye, n’abagera ifeza ku munzane baranduwe.”
-
-
Umusi w’Urubanza wa Yehova Uri Hafi!Umunara w’Inderetsi—2001 | 1 Ntwarante
-
-
13. Mu buryo buhuje n’ubuhanuzi bwa Zefaniya, ni ibiki vyotegerejwe gushika igihe Abanyababuloni bateye Yeruzalemu?
13 “Uwo musi” w’aho Ubuyuda bubazwa ivyo bwakoze uhwanye n’umusi Yehova azoshitsa urubanza ku bansi biwe, arangize ububisha, yongere yemeze ubukuru bwiwe. Igihe Abanyababuloni boteye Yeruzalemu, induru zovugiye kw’irembo ryitwa Irembo ry’Amafi. Birashoboka ko hiswe gutyo kubera hari hafi y’akaguriro k’amafi. (Nehemiya 13:16) Amasinzi y’Abanyababuloni bokwinjiye mu kagari kitwa igisagara ca kabiri, kandi “ugusenyerana . . . kuzokwumvikana mu misozi” gushobora kuba gusobanura amajwi y’Abanyakaludaya bariko baregereza. Hobaye “umuborogo” uvuzwa n’ababa i Makiteshi, kumbure amaja haruguru y’Akabande k’i Tiropoweyoni. Ni kubera iki bovugije amaborogo? Kubera ko umurimo wo kudandaza utobaye ukiriho, tutibagiye n’uw’“abagera ifeza ku munzane.”
-