-
Umusi w’Urubanza wa Yehova Uri Hafi!Umunara w’Inderetsi—2001 | 1 Ntwarante
-
-
14. Imana yosuzumye kugeza ku rugero rungana iki abavuga ko bayisenga?
14 Yehova yosuzumye kugeza ku rugero rungana iki abavuga ko bamusenga? Ubwo buhanuzi burabandanya buti: “Ico gihe, muri Yerusalemu nzohaseranguza imuri, mpane abantu bīrāye nka vino yiretse ku mvūzo, bibgira mu mitima yabo, bat’Ari ciza ari kibi, Uhoraho ntaco azokora. Itunga ryabo rizocika isahu, n’amazu yabo ahinduke imisaka: mbere bazokwubaka amazu, ntibayabemwo, batere n’imizabibu, ntibanywe vino yayo.”—Zefaniya 1:12, 13.
-
-
Umusi w’Urubanza wa Yehova Uri Hafi!Umunara w’Inderetsi—2001 | 1 Ntwarante
-
-
16. Ni ibiki vyotegerejwe gushika igihe urubanza rw’Imana rwoshikijwe ku Buyuda, kandi ni gute ukubimenya gukwiye kugira ico gukoze kuri twebwe?
16 Abahakanyi bo mu Buyuda bari baraburiwe yuko Abanyababuloni bosahuye amatungo yabo, bagasiga amazu yabo ari umusaka, bakongera bagasoroma ivyamwa vy’inzabibu zabo. Amatungo ntaco yomaze igihe urubanza rw’Imana rwoshikijwe ku Buyuda. Ivyo ni vyo bizoshika igihe umusi w’urubanza wa Yehova uzoza kuri uru runkwekwe rw’ibintu. Ese rero twobona ibintu mu buryo bw’impwemu tugatako ‘tukirundaniriza ubutunzi mw’ijuru’ mu kugumiza umurimo wa Yehova mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu!—Matayo 6:19-21, 33.
-